Imanza kuri bateri za Apple: Miliyoni z’abakoresha iPhone bashobora gushumbushwa

Miliyoni z’abakoresha iPhone bashobora gushumbushwa, inyuma y’urubanza rurega ikigo Apple kugabanya mu mpisho ubushobozi bwa bateri ziri mu materefone ashaje.

Justin Gutmann, avugira abaguzi, avuga ko ikigo Apple cabeshe abakiriya bakoresha iPhone, ku vyerekeye kunagura ubushobozi izo terefone ziba zarakoranywe (Upgrade), kugirango zikomeze gukora neza, ariko ahubwo, hashizwemwo uburyo bwo kwankiriza ubushobozi zisigaranye.

Ariko arondera indishi y’akababaro ya miliyoni 768 ku bakiriya bo mu Bwongereza bagera ku miriyoni mirongo ibiri na zitanu (25 000 000).

Apple yemeza ko itigeze yankiriza n’ibigirankana, ubuzima bw’ivyo yakoze biri mu minwe y’abakiriya.

Iki kirego catanzwe n’urwego rusubiramwo rwa sentare yubahiriza amategeko ajanye n’amahiganwa kw’isoko n’ibindi bibazo vy’ubutunzi, kivuga ko Apple yagabanije ubushobozi bwa iPhones zishaje, mu camenyekanye nka "throttling", umuntu yogereranya no ‘kuniga’ mu nzira yo gukumira abahamagara basaba gusuzumirwa canke gukorerwa terefone zabo.

Ibi vyerekanye uburyo bwashizwe muri porogarama (software) gufasha kunagura ubushobozi bwa terefone zimaze igihe (upgrade), ku bakoresha iPhones mu kwezi kwa mbere mu 2017.

Mu bisanzwe ubwo buryo bwari bwagenewe kurwanya ibibuza terefone gukora neza no kuja zirizimya giturumbuka.

Bwana Gutmann, avugira abaguzi, avuga ko amakuru y’ivyo iyo porogarama yari igenewe gukora vyose muri terefone, atatanzwe ico gihe, gutyo rero Apple ikaba itagabishije abakiriya bayo ko ishobora gutuma ubushobozi bwa terefone zabo bwo gukora zihuta, bugabanuka.

Avuga ko Apple yatanguje ubwo buryo mu nzira yo kunyegeza ko bateri za iPhone zananiwe gupakurura porogarama igezweho inagura ubushobozi bwa terefone bita iOS, rero aho gukura ku isoko izo terefone canke gusubiriza bateri zazo, ico kigo cahisemwo kubahimiriza gushiramwo iyo porogarama.

Bwana Gutmann avuga ati: "Aho gukora ibintu birimwo iteka kandi bihuye n’amategeko, bagasubiriza izo bateri z’abakiriya, bakaramura terefone canke bakazisubiriza.

Aho gukora ivyo, Apple yabeshe abantu mu kubahanura gukoresha porogarama muri terefone zabo, yatumye zigabanuka ubushobozi kugeza kuri 58 %.”

Ubwoko bwa terefone burabwa n’iki kibazo ni iPhone 6, 6 Plus, 6S, 6S Plus, SE, 7, 7 Plus, 8, 8 Plus na iPhone X.

Uru rubanza si ngombwa ngo rurabe uwariwe wese afise imwe muri ubwo bwoko bwose bwa terefone, hajamwo uwushaka.

Mw’itangazo Apple yasohoye, ivuga iti: "Ntitwigeze, kandi ntitwokwigera, dukora ikintu ico arico cose cerekeye kugabanya ubuzima bw’ivyahinguwe n’ikigo cacu Apple, canke tugasubiza inyuma ubushobozi bwa porogarama turungikira umukiriya yo kunagura terefone (upgrade).

"Intumbero yacu, n’iyo gutanga ibishimisha abaguzi, kandi gukora iPhones ziramba mu buryo bushoboka bwose ni kimwe mu bidufasha kubishikako."

Insiguro y'umunyamakuru wa BBC Zoe Kleinm

Ikigo ca Apple carahanzwe n’ivyamenyekanye nka ‘batterygate’, bisobanura ukwo gushira muri terefone izo porogarama zigabanya ubushobozi bwo gukora zinyaruka, aho kuzima bukwi kubera zisabwe gukora ibiremereye.

Apple yoyo iravuga ko ata yindi ntumbero yari ifise atari ineza.

Umuyobi wayo nshingwabikorwa Tim Cook yafashe intambwe idasanzwe mu gusaba imbabazi mu 2018, ko “uwo ariwe wese yibaza ko Apple hoba hari iyindi nforo yari ifise”

Abanegura Apple bavuga ko yasunikiye abantu bagura izindi nshasha kubera izo bahorana babonye giturubuka zatangura gukora zikwega, mu gihe umuntu azisavye ibintu bisanzwe nko kuja kuri Facetime, inyuma y’aho bapakururiye iyo porogarama nshasha ya iOS

Apple yoyo ivuga igihushane - y’uko yariko igerageza kuziramura ngo zirambe gusumba.

Ico kigo mu nyuma carahaye bateri abakiriya ku giciro gito, ku bafise kuva kuri iPhone 6 kuduga.

Hari ibindi bibazo bibiri hano: ica mbere n’ukuntu terefone zitituka vuba vuba, mu gihe zitaba zigishobora kujamwo porogarama ya iOS ihindurwa buri gihe mu kuzinagura kugira zikomeze gukora.

Amashirahamwe y’ubuhinga avuga ko ari ngombwa gukomeza guhindura izo porogarama zinagura uburyo terefone zikora zikanazikingira, ariko zigakuramwo uburyo bwari buhasanzwe, bigaca bimanura ubushobozi bwa bateri, zigakora zikwega.

Uko bateri zisaza, zigenda zikenera umucanwa vuba vuba. Iki rero ni ikibazo ca kabiri. Uko iterefone yongera ubushobozi, niko igenda ikenera umucanwa mwinshi.

 Ibateri ya lithium-ion mu bisanzwe zuzuzwa umucanwa incuro 500.

Vyagenze gute mu busuma bwiswe 'Batterygate'?

Bwana Gutmann aje mu gihe hari hashize imyaka ibiri habaye ibisa n’ivyo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Muri 2020, Apple yemeye kwigomboza amadorari agera kuri miriyoni 113 kubera ibirego biyerekeye ko yagabanije ubushobozi bwa iPhones zishaje.

Ama leta agera kuri 33 muri leta zunze Ubumwe za Amerika, yemeza ko Apple yakoze ivyo kugirango isunikire abakoresha iPhone kugura terefone nshasha.

Abaharugwa muri za miriyoni barahuye n’ingaruka, igihe terefone zo mu bwoko bwa iPhone 6 na 7 na SE zagabanirizwa ubushibozi muri 2016, ibara ryahawe izina ‘batterygate’.

Ico gihe, Apple yahakanye kugira ico ivuze, ariko, imbere y’aho yari yavuze y’uko terefone zashizwemwo uburyo butma zitanyaruka kugirango bateri zazo zikingirwe ubusaza.

Claire Holubowskyj, yihweje ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo Enders Analysis, avuga ko ibibazo nk’ibi bishobora kuzosubira, aravye ukugene ata nyishu nyinshi zishoboka zihari ku kibazo co kurinda terefone gusazisha bateri.

Holubowskyj agira ati: "Ubuhinga buhinduka vuba kandi ku bintu bitandukanye muri terefone nshasha, kandi ivyo bihinduka bishobora gutaruka ntibitonde uko zagiye zikurikirana gusohoka kw’isoko, aho usanga porogarama zigezweko za iOS zitangwa gukoreshwa ku ma terefone afise ubushobozi butandukanye cane."

Avuga kandi ko Apple ikura ibice 84% vy’inyungu zayo mu kugurisha terefone nshasha, bigatuma ibangira gutanga porogarama zoha ubushobozi terefone za kera bwo kuguma zikora neza.

Ikindi avuga kandi n’uko iyi ngorane izogumaho, igihe cose hazoba hakiri ikibazo c’amaporogarama aja arasubirwamwo mu kunagura za terefone, akarengera ubushobozi bw’iza kera na bateri zazo zishaje.