Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zambia yabuze abakinyi indwi bahitanywe n'imodokari
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Zambia (Faz) ryamenyesheje ko ryababajwe cane n'isangaya ryahitanye abakinyi indwi bari bagiye mu rukino rwo mu cicaro ca mbere mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu ku musi wa gatandatu.
Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Zambia Faz, Andrew Kamanga, yavuze ati: "Turiko turavugana n'abategetsi bo mu mupira w'amaguru, abo mu ntwaro n'abashinzwe amategeko mu ntara kugirango baduhe amakuru akwiye ku vyabaye.
Abandi bantu 12 barakomeretse muri iryo sanganya, batanu muri bo bakaba bajanywe kuvurirwa ku mugwa mukuru Lusaka.
Amazina y'abahasize ubuzima n'abakomeretse ntaratangazwa.
Umukuru w'urunani rw'amashirahamwe y'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afirika (CAF), Patrice Motsepe, yavuze ko CAF yifuza kandi iriko irasabira abo bakomeretse ko bokira vuba.
Mw'itangazo ryiwe yagize ati: "Kw'izina ryanje n'irya CAF ndabahojeje. Imana yirure kandi iremeshe umuryango, abagenzi n'abo bakorana n'abamaze kwitaba Imana, hamwe n'ishirashamwe ry'umupira w'amaguru rya Zambia ubwaryo.
''Imitima y'abakinyi bitavye Imana ni iruhukire mu mahoro."
Nawe Artur de Almeida e Silva, umukuru w'inama y'amashirahamwe y'umupira w'amaguru y'akarere ka Afrika y'ubumanuko, yavuze ko gutakaza abakinyi bakiri bato muri bene ubwo buryo "vy'ukuri bivuna umutima."
"Umupira w'amaguru ni urukino ruhuza abantu, ruzana umunezero kandi rwishimirwa muri kano karere kacu," uko niko yavuze mw'ikete yarungikiye bagenzi biwe bo mw'ishirahamwe Faz.
Yagize ati "muri bino bihe bigoye, dusangiye umubabaro kandi turahojeje bivuye ku mutima imiryango n'abagenzi bagandaye baburiye muri kano kaga kambuye benshi.
''Turi kumwe mu vyiyumviro no mu masengesho kandi n'abo bakomeretse bakiriko baravugwa."