Uganda: Isanganya ry'ubwato mu kiyaga Albert ryahitanye abatari bake

Isanganya ry'ubwato mu kiyaga Albert kiri ku rubibe rwa Uganda na Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo ryahitanye n'imiburiburi abantu 26.

Umutegetsi w'akarere yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko "umuyaga mwinshi" watumye ubu bwato bwibira mu mazi.

Ubwo bwato bwarimwo abantu baharurwa muri mirongo, uyu mutegetsi Ashraf Oromo, akavuga ko abashika 21 ari bo bashoboye barokoka.

Umwe mu basirikare bakorera mu mazi avuga ko kutubahiriza ingingo z'ukwikingira hamwe n'ihindagurika ry'ikirere ari vyo bituma ico kiyaga kirangwamwo amasanganya.

Ubwo bwato bwakubiswe n'igihuhusi ku wa gatatu buca buribira.

Abajejwe ubutabazi bavuga ko ata yandi mahirwe bafise yo gutora abagihema, nk'uko Oromo abivuga.

Ibinyamakuru bikorera muri ico gihugu bisubiramwo amajambo y'umukuu w'akarere avuga ko ibikorwa vyo kurondera abandi bikibandanya.

Ubwo bwato bwarimwo kandi Abaganda n'Abakongomani kandi mu bapfuye harimwo abava muri ivyo bihugu vyompi.

Samuel Onyango, umukuru w'igipolisi gikorera mu mazi muri ako karere, yabwiye AFP ati: "Bivanye n'uko abantu badakurikiza amategeko yo kwikingira hamwe n'ihindagurika ry'ikirere, ikiyaga Albert kiberamwo amasanganya menshi".

Umutegetsi umwe avuga ko abenshi mu bapfuye bariko bagerageza kwinjira muri Congo mu kinyegero barenze ingingo za coronavirus zatumye uruja n'uruza hagati ya Congo na Uganda rugabanuka, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.

Vital Adubanga, arongoye akarere ka Wangongo kari mu ntara ya Ituri mu buseruko bwa Congo avuga ko amato yari abujijwe muri iryo joro, ariko ko abantu bama barenge kuri iyi ngingo.

Abenshi mu bari muri ubwo bwato bari abadandaza bariko bagerageza kuja kurema isoko nk'uko Adubanga, ibishimangirwa n'ikinyamakuru ca Uganda The Daily Monitor.

Ikiyaga Albert, ikiyaga kigira indwi mu biyaga birebire muri Afrika, kiramaze kubera mwo amasanga y'amato atari make.

Mu 2014, impunzi zirenga 250 zarapfiriye muri ico kiyaga mu gihe ubwato zarimwo bwibira kubera bwari bwarengeje igitigiri bwemerewe gutwara.

Mu rindi sanganya ryabaye ku Noweri (Noheli mu Kinyarwanda) mu 2016, abakinyi b'umurwi w'umupira w'amaguru wo muri Uganda baramize nturi muri ico kiyaga nyene igihe ubwato barimwo bwibira.