Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikirwanisho gishasha giteye ubwoba kiriko gihindura intambara yo muri Ukraine
- Umwanditsi, Yogita Limaye
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, Rodynske, Donetsk region
Umunuko mubi cane ni wo watwakiriye tugeze mu gisagara ca Rodynske. Inyuma y'iminota mike twinjiye muri ico gisagara, niho twabona neza na neza iyo utera uva.
Ikibombe carara (glide bomb/bombe planante) gifise uburemere bw'ibiro 250 ni co catoboreye mu nyubakwa nkuru y'ibiro vy'igisagara, gisenyura amazu atatu y'uburaro. Twagiye muri ico gisagara haciye umusi umwe iki kibombe cihaye inkumbi, ariko bimwe mu bisigarira vyaco vyari bigifumba umwotsi.
Aho twari turi ku nkengera z'igisagara, twarumva urusaku rwa vya muzinga n'inkoho - aho ingabo za Ukraine zariko zirarasa za ndege zitajamwo abadereva (drone).
Rodynske iri ku birometero vyababa 15 mu buraruko bw'igisagara ca Pokrovsk cugarijwe n'umwansi. Uburusiya bubandanya bugerageza gufata iki gisagara bwinjiriye mu bumanuko kuva mu gihe c'iremba c'umwaka uheze wa 2024, ariko gushika ubu, ingabo za Ukraine zarashoboye kuzibira abasirikare b'Uburusiya ntibashobora kugifata.
Ibi vyatumye Abarusiya bahindura imikenyuro, aho bagerageza kuzingira iki gisagara kugira ngo bazibire amayira Ukraine ikoresha mu gushikanayo uburyo.
Mu ndwi zibiri ziheze, utwigoro tudasanzwe two kurondera agahengwe muri Ukraine ntaco twashitseko, ahubwo Uburusiya buriko burasatira cane, aho buriko butera intambwe zikomeye butari bwigere bushikako kuva mu kwa mbere.
Twashoboye kubona ivyemezo muri Rodynske.
Inyuma y'iminota mike dushitse muri iki gisagara, twumvise hejuru yacu drone y'Uburusiya. Twaciye tuja kwinyegeza musi y'igiti hafi yaho.
Twaracihambiriyeko kugira ngo iyo drone ntitubone. Ni ho twaza twumva igiturika kinini – ni iyindi drone igira kabiri yari ikubise. Ya drone yari hejuru yacu yari ikizunguruka. Haciye iyindi minota mike, niho twumva rero ijwi ry'iki kirwanisho rutikizanganda giteye ubwoba kiriko kirahurira.
Haciye akanya gato tutacumva, ni ho twaca twirasa mu kizu catawe kiri ku metero nka 30 y'aho twari turi mu kugerageza kwinyegeza aho twabona ko vyopfuma.
Igihe twari ngaho hantu, niho twasubira kwumva ya drone. Bishoboka ko yoba yari igarutse imaze kutubona twiruka.
Ukungene amadrone y'Uburusiya anyagara hejuru ya Rodynske ni icerekana ko ibi bitero biva hafi cane ugereranije n'ahazwi ko ari ho hari ibirindiro vy'ingabo z'Uburusiya amaja mu bumanuko bwa Pokrovsk. Ashobora kuba yariko ava mu gace zari ziherutse kwigarurira kw'ibarabara rikomeye uva mu buseruko bwa Pokrovsk uja ahitwa Kostyantynivka.
Inyuma y'inusu y'isaha turindiriye aho twari twinyegeje, ata drone tucumva, ni ho twaca twiruka twinjira mu modoka yacu twari twanyegeje musi y'igiti, duca tuva muri Rodynske twihuta cane.
Ku nkengera z'ibarabara, twabonye umwotsi uduga be n'ikintu cariko kiraka – bishoboka ko yari drone yari yarashwe.
Twateye tuja i Bilytske, hirya cane uvuye ku rwasiro. Aha twarabona umurongo w'amazu yasambuwe n'igisasu ca misire mw'ijoro. Imwe muri izi nzu yari iya Svitlana.
"Ibintu bibandanya biba nabi cane. Imbere y'aha, twarumva ibiturika hirya, vyari kure. Ariko ubu, igisagara cacu ni co kiriko kiraterwa – turiko turavyibonera twebwe nyene", ni ko uno mukenyezi w'imyaka 61 avuga, igihe yariko yegeranya duke mu matungo yiwe yari muri iyo nzu yononekaye. Imana yiwe yose, Svitlana ntiyari muhira igihe iki gitero caba.
Ati: "Genda hagati mu gisagara, niho uzobona ibintu vyinshi vyasambuwe. Uruganda rw'imikate, iyororero ry'ibikoko, na vyo nyene vyarasambuwe".
Mu nzu itekanye ahantu aya madrone adashika, twahasanze ingabo zo muri Birigade ya 5 zikoresha vya muzinga.
Serhii avuga ati: "Urashobora kwumva uburemere bw'ibitero vy'Abarusiya bigenda vyiyongera. Amarokete, vya muzinga, amadrone, bariko bakoresha ibintu vyose bafise kugira ngo bazibire amayira ashikana uburyo mu gusagara".
Ingabo yari arongoye zari zimaze imisi itatu zirindiriye kurungikwa ku birindiro vyazo, zirindiriye ibicu canke umuyaga w'umuvuduko munini cane kugira ngo bizikingire amadrone ntazibone.
Muri iyi ntambara igenda ihindagurika cane, abasirikare bategerezwa kumenya ingene bavyifatamwo imbere y'akaga gaterwa n'ubuhinga bugenda butera imbere.
Akaga ubu kahari ni agaterwa n'amadrone akoreshwa n'intsinga za fibre optique. Umuzingo w'intsinga zipima ibirometero mirongo uziritse kuri drone hanyuma uru rutsinga rukaba ruboheye ku gikoresho c'uwugenzura iyi drone.
"Amashusho n'ibimenyetso vyo kugenzura indege bihanahanwa biciye muri uru rutsinga (câble), ntibitwarwa biciye ku maradiyo y'itumatumanako. Ibi bisigura ko bidashobora guhungabanywa n'ibikoresho vya elektroniki", niko bivugwa n'umusirikare yitwa Moderator, injeniyeri w'amadrone wo muri Birigade Jaeger ya 68.
Igihe amadrone yatangura gukoreshwa cane muri iyi ntambara, ibisirikare vy'impande zompi vyari bifise imodoka zizirikiyeko ibikoresho vy'intambara vya elektroniki vyashobora gutuma aya madrone atagira ico akora.
Ubwo bwirinzi ntibugikora kuva aho haziye aya madrone akoreshwa n'izi ntsinga, kandi Uburusiya ubu bukaba ari bwo bwiganje mw'ikoreshwa ryayo. Ukraine iriko igerageza kwongereza uburyo kugira ngo ishobore guhingura ayakwiye.
Venia agenzura drone wo muri Birigade Jaeger ya 68 agira ati: "Uburusiya bwatanguye gukoresha aya madrone akoreshwa na fibre optique kera imbere yacu, mu gihe twebwe twari tukiyagerageza.
"Aya madrone ashobora gukoreshwa hasi cane gusumba amadrone asanzwe. Turashobora no kwinjira imbere mu mazu kugira ngo turabe neza aho dushaka gutera.
"Tuza twaratanguye no kwifyinatira tuvuga ko kumbure dushobora kwitwaza umukasi kugira ngo duhimbure urwo rutsinga", niko Serhii avuga.
Aya madrone akoreshwa na fibre optic arafise utunenge – agenda bukebuke kandi n'uru rutsinga rugashobora gufatwa n'ibiti. Ariko nubwo biri uko, kubera Uburusiya buriko burayakoresha cane kandi neza, ingabo nyinshi zirashobora kuhatikirira ziriko zivanwa canke zijanwa ku birindiro vyazo, gusumba uko zipfa ziri ku rugamba nyarwo.
"Iyo winjiye ikirindiro, ntumenya nimba bakubonye canke batakubonye. Aho rero iyo bakubonye, ushobora kuba uri mu gihe ca nyuma c'ubuzima bwawe", bivugwa na Oles mu mu gisata c'igendereza muri Birigade ra 5.
Ibi bituma abasirikare bamara umwanya munini cane mu birindiro vyabo.
Oles n'abantu biwe bari mu barwanira ku butaka, bakaba barangwa mu migende ku murongo w'imbere w'ibirindiro vy'ingabo za Ukraine zihanganye n'umwansi. Muri ino misi, ntivyoroshe ku banyamakuru kuvugana n'abasirikare barwanira hasi, kuko ni akaga gakomeye cane kuja muri iyi migende. Oles na Maksym twabasanze mu nzu iri ruguru mu mitumba yahinduwemwo ikigo c'iruhukiro, ari naho ingabo ziza kuruhukira iyo zitari ku rugamba.
Maksym ati: "Igihe kinini namaze ku kirindiro yari imisi 31, ariko ndazi abagenzi bamazeyo imisi 90 canke mbere 120. Imbere y'uko aya madrone aza, kubisikanya vyashobora gufata hagati y'imisi itatu n'indwi ku kirindiro".
"Intambara ni amaraso, urupfu, ivyondo n'imbeho kuva ku mutwe gushika no mw'ino. Kandi ubu ni bwo buzima mubamwo imisi yose. Ndibuka igihe kimwe ko twamaze imisi itatu tutaryamye, buri munota tugavye. Abarusiya baguma badutera umwanya ku wundi. Ugusamara gato gusa vyasigura ko twaba dupfuye".
Oles avuga ko ingabo z'Uburusiya zirwanira hasi zahinduye imikenyuro. "Mu ntango zatera ziri mu kirwi. Ubu zirungika umwe canke babiri ica rimwe. Zirakoresha kandi n'amapikipiki, rimwe na rimwe kandi na ya mapikipiki y'amapine ane. Birashobora no gushika ntitubabone".
Ibi bisigura yuko ku bice bimwe vy'uruwasiro, imirongo y'intambara itakiri uko isanzwe zizwi, aho wasanga ingabo za Ukraine ziri ku ruhande rumwe, iz'Uburusiya nazo ziri ku rundi. Ubu usanga zivangavanze, ibirindiro ugasanga vyinjiranyemwo.
Ibi bituma kandi ata ruhande rumenya intambwe urundi rwateye.
Nubwo Uburusiya buherutse gutera intambwe, ntibizokwihuta canke ngo vyorohe gufata intara yose ya Donetsk, ari naho igisagara ca Pokrovsk gisanzwe kiri.
Ukraine irivuna bikomeye, ariko ikeneye kubandanya ihabwa ibirwanisho n'amasasu kugira ngo ibandanye urugamba.
Mu gihe kandi intambara iri mu mwaka wa kane, ikibazo c'ingabo zidakwiye ugereranije n'iz'Uburusiya, nyinshi cane, kiragaragara. Ingabo hafi zose twavuganye nazo, zinjiye inyuma y'aho intambara itanguriye. Bamaze amezi make mu myimenyerezo, ariko kandi bakaba bategerezwa kwiga vyinshi bari ku kazi kabo mu ntambara iriko yiha inkumbi.
Maksym yahora akora mu ruganda rw'ibinyobwa imbere y'uko yinjira igisirikare. Namubajije ingene umuryango wakiriye aka kazi kiwe.
"Ntivyoroshe, ni ukuri ntivyoroshe na gato. Ego, umuryango wanje uramfata mu mugongo, ariko mfise umwana wanje w'umuhungu w'imyaka ibiri, kandi si kenshi ndamubona. Gusa ndamuhamagara nkoresheje videwo, rero ibintu si bibi uravye ibihe turimwo", ni ko avuga akorora amosozi.
Maksym ni umusirikare arwanira igihugu ciwe, ariko kandi ni umuvyeyi afise inkumbu z'umwana wiwe w'umuhungu w'imyaka ibiri.
Imogen Anderson, Sanjay Ganguly, Volodymyr Lozhko na Anastasiia Levchenko baraterereye muri iyi nkuru