Imyiyerekano isaba irekurwa rya Floriane Irangabiye imbere y’ubuserukizi bw'Uburundi mu Bubiligi

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles
Ku mugoroba w’ejo ku wa gatatu ibiro vy'ubuserukizi bw'Uburundi mu Bubiligi vyarugarijwe n'imyeyerekano y'abasaba irekurwa ry'umunyamakuru w'Umurundikazi Floriane Irangabiye apfungiwe i Bujumbura ku caha co guhungabanya ubusugire bw'Uburundi.
Iyo myiyerekano yatumweko n'ishirahamwe Amnesty International ishami ry'Ububiligi yitabwe n'Ababiligi, bamwe mu bamenyeshamakuru b'Abarundi baba mu buhungiro, abamenyeshamakuru b'Ababiligi na bamwe mu Barundi baba mu Bubiligi.
Imbere y'ubuserukizi bw'Uburundi mu Bubiligi abari mu myiyerekano basavye ko Floriane Irangabiye apfungiwe mu Burundi yorekurwa, uyu yaciriwe umunyororo w’imyaka cumi.
Floriane Irangabiye yahagaritswe mu ntango za Myandagaro (8) 2022 mu Burundi avuye mu Rwanda iyo yari amaze imyaka irenga cumi aba nk’impunzi, aho yari mu barongoye iradiyo yasamiranira i Kigali, “Radio Igicaniro" yashikiriza ibiganiro birimwo ibinegura reta y'Uburundi, ikumvikanira ku mbuga ngurukanabumenyi.
Igihe yafatwa agapfungwa mu 2022 bwari bwo bwa mbere yari asubiye mu Burundi kuva mu 2015, akaba yagirijwe ivyaha bishingiye ku vyo iradiyo yiwe yatangaza, icaha ciswe guhonyanga ubusugire bw'Uburundi.
Mw’ijambo ryiwe, Iriis Steen yaserukiye Amnesty International yo mu Bubiligi yasavye ko Floriane yorekurwa akaja mu muryango wiwe, aho agira ati:
"Floriane Irangabiye ni umumenyeshamakuru, ikibanza ciwe ntikiri mu gasho, ahubwo ni mu ruganda rwo kumenyeshamakuru.
"Afise abana bato, akwiye gusubira mu muryango wiwe muri ibi bihe vya Noweli n'umwaka mushasha, ibi nivyo twaje gusaba ubuserukizi bw'Uburundi mu Bubiligi. Turabatumye, babwire abategetsi b'Uburundi barekure uno mupfasoni".
Ni naco cipfuzo ca Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry'abamenyeshakuru b'Abarundi (UBJ) rikorera mu buhungiro, aho yagize ati: "Turasavye ko mugenzi wacu Floriane Irangabiye yotezurirwa agasubira mu biwe no mu kazi kiwe kuko ikibanza c'umumenyeshamakuru atari umunyororo".

Nubwo imyiyerekano yabera imbere y'ibiro vy’ubuserukizi bw'Uburundi i Buruseli, abakora muri ibi biro ntawigeze asohoka, kiretse abakozi b'ubuserukirizi babonetse mu kiyo c'idirisha baraba abari mu myiyerekano.
Umwe mu bategetsi b’ubu buserukizi yavuganye n’umumenyeshamakuru yariko akurikirana ino myiyerekano yavuze ko ataco bobivugako, ariko ko bazoshikiriza ivyabaye ababakurira mu Burundi.

Ahavuye isanamu, Floriane Irangabiye/Facebook
Abamuburanira barunguruje urubanza yamara iyo sentare yasubiye kwemeza ico caha mu gisata c'iyungururizo ku wa 02 Rusama (3) 2023.
Ishirahamwe ry'abamenyeshakuru batagira imbibe kw'isi (Reporter sans Frontières) rivuga ko ariwe mumenyeshakuru w’umukenyezi asigaye mu mvuto kw’isi.
Ubutegetsi bw'Uburundi buciye ku wahoze ari umuvugizi wa reta ico gihe, Prosper Ntahorwamiye aganira n'abamenyeshamakuru mu kwezi kw’icumi, yavuze ko ikibazo ca Floriane Irangabiye ari ic'ubutungane.
Gukosora: Iyi nkuru yasubiwemwo habaye kwihenda mu babonetse mu kiyo c'inzu y'ubuserukirizi bw'Uburundi mu Bubiligi ntabwo harimwo Ambasaderi Térence Ntahiraja.














