Togo yemeje amategeko avanaho ibiringo ntarengwa vy'umukuru w'igihugu

Faure Gnassingbé mu 2018.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Faure Gnassingbé ari ku butegetsi kuva mu 2005, yasubiriye se yari umukuru w'igihugu kuva mu 1967

Inama nshingamateka ya Togo yemeje ubwa nyuma ibwirizwa shingiro rishasha ryongereza ikiringo c'umukuru w'igihugu, n'aho ababinegura bavuze ko ari nko gukora 'coup d'etat'.

Ico gihugu co muri Afrika y'uburengero ubu kigiye kuva mu butegetsi buhagaze ku bubasha bwinshi bw'umukuru w'igihugu kije ku butegetsi buhagaze cane ku nama nshingamateka.

Abashigikiye perezida Faure Gnassingbé bavuga ko izo mpindika zigabanya ububasha bwiwe mu guhindura ubukuru bw'igihugu bukaba ikibanza co guseruka mu birori.

Ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi babona ko izo mpinduka zivanyeho ibiringo vyo kuba umukuru w'igihugu.

Kubivanaho bimuha gushobora kubandanya ari umukuru w'igihugu gushika mu 2031, nk'uko bavuga, kuva ico gihe akazoca ashobora kugenwa mu kibanza gishasha c''umukuru w'inama y'abashikiranganji'' - mu vy'ukuri n'umushikiranganji wa mbere - gutyo ace abandanya ubutegetsi umuryango wiwe umazeko imyaka 57.

Perezida Gnassingbé yashitse ku butegetsi mu 2005 inyuma y'urupfu rwa se wiwe , yari yashitse ku butegetsi mu 1967.

Izo mpinduka zo mw'ibwirizwa shingiro zari zemejwe n'abashingamateka mu kwezi guheze. Ariko kubera ishavu ryaguma ryongerekana mu banyagihugu, Gnassingbé yari yabaye arazihagarika avuga ko hazobanza kuba ibindi biganiro kuri zo.

Umushikiranganji ajejwe uburenganzira bwa zina muntu Yawa Djigbodi Tségan yari yavuze ko iyo ngendo ''izokomeza demokarasi mu gihugu''.

Ariko uwigeze gihiganirwa rimwe ikibanza c'umukuru w'igihugu Brigitte Kafui Johnson, arongoye umugambwe CDPA utavuga rumwe n'ubutegetsi, yari yavuze ko izo mpinduka zo mw'ibwirizwa nshingiro ari nk''ukwigarurira ubutegetsi''.

Muri aya mayinga aheze, abashingamateka bsshigikiye reta baragize ingendo hagati mu gihugu bavuga ko zari izo ''kwumviriza no guha amakuru abanyagihugu kuri izo mpinduka zo mw'ibiwirizwa shingiro''.

Abategetsi kama n'iyindi migwi yatoranijwe nibo batumirwa muri ivyo biganiro, ariko nta cahinduwe inyuma yavyo.

Hari ubwoba iyo hageze gushikiriza ico umuntu yiyumvira ku mugaragaro ko ashobora guhigwa n'abagetegetsi nk'uko abaporisi batuza imyiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Mu kwezi guheze, ikiganiro n'abamenyeshamakuru cari catumweko n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi ku ciyumviro nyamukuru '' Ntukore kw'ibwirizwa shingiro ryanje'' carahagaritswe n'abaporisi bari bitwaje amahiri.