Uburusiya burafashe uburungozi bw’Inama nkuru y’umutekano kw’isi, Ukraine irarakaye

    • Umwanditsi, George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Uburusiya bwafashe uburongozi bw’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi n’aho Ukraine yasaba ibihugu bigize iri shirahamwe kuzibira iki cemezo.

Ibihugu 15 bigize iyi Nama bigenda bihanahana kimwe kimwe uburongozi bwayo mu kiringo c’ukwezi kumwe.

Uburusiya bwaheruka kurongora iyi Nama muri Ruhuhuma (2) 2022, ari naho bwatangurira igitero kuri Ukraine.

Ibi bisigura ko iyi Nama nkuru y’umutekano kw’isi irongowe n’igihugu gifise umuperezida afise umutahe mpuzamakungu wo kumuhagarika kubera ivyaha vyo mu ntambara yagirizwa.

Mu kwezi guheze, Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) – uru rukaba atari urwego rw’ishirahamwe ONU – yarasohoye umutahe wo guhagarika Perezida Vladimir Putin.

N’aho Ukraine yagumye ibisaba, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko zidashoboye kuzibira Uburusiya – igihugu ntayegayezwa muri ino Nama – mu burongozi bwayo.

Ibindi bihugu ntayegayezwa muri iyo nama ni Ubwongereza, Amerika, Ubufaransa n’Ubushinwa.

Uruhara rw’umukuru w’iyi Nama ni ubuhagarikizi gusa, ariko Vasily Nebenzia aserukira Uburusiya muri ONU yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya TASS ko ategura kurongora ibiganiro bitari bike, harimwo bimwe ku vyerekeye igenzurwa ry’ibirwanisho.

Avuga ko azohagararira ibiganiro vyo gushiraho “intumbero nshasha y’isi” [nouvel ordre mondial/new world order] avuga ko izoba ije “gusubirira iyiriho yiganziwe n’igihugu kimwe”.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba avuga ko uburongozi bw’Uburusiya aribwo “bufyinasi bubi butigeze bubaho kuri uno musi wo kubesha wo muri Ndamukiza” kandi ko ari “ikintu kibi cibutsa ko hari ibitagenda neza mu ntunganyo y’ibikorwa ku rwego mpuzamakungu”.

Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu wa Ukraine, Mykhaylo Podolyak, avuga ko iyi ngingo ari “irindi honyangwa ry’amategeko mpuzamakungu…ku gihugu kiri mu ntambara y’ubugome, gihonyanga amabwirizwa ngenderwako y’ubutabazi hamwe n’amategeko mpanavyaha, gisambura amasezerano y’ishirahamwe ONU, gifata minenerwe umutekano ushingiye kw’icungerwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, igihugu kitategerezwa kurongora urwego mpuzamakungu rukomeye rujejwe umutekano w’isi yose”.

Mu mwaka uheze, Perezida Volodymyr Zelensky yateye akamo Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi gusubiramwo canke “kuyisambura yose”, ayagiriza ko yananiwe no gufata ingingo nyayo yo guhagarika igitero c’Uburusiya.

Arasaba kandi ko Uburusiya bwakwa ikibanza bufise muri iyo Nama.

Ariko Amerika ivuga ko ibohewe amaboko imugongo kubera amasezerano ya ONU ata burenganzira atanga bwo kwirukana igihugu ntayegayezwa muri iyo Nama.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru muri ino ndwi, Karine Jean-Pierre ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika) yavuze ati: "Ikibabaje ni uko Uburusiya ari ntayegayezwa mu Nama nkuru ijejwe umutekano kw’isi kandi nta nzira yemewe n’amategeko ku rwego mpuzamakungu ishobora guhindura uko ibintu bitunganijwe”.

Yongerako y’uko Amerika yiteze ko Moscou “izobandanya ikoresha iki kibanza muri ino Nama mu gukwiragiza ibinyoma”, no mu gusigura ivyo ikora muri Ukraine.

Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi ni urwego mpuzamakungu rujejwe kubungabunga amahoro.

Hari ibihugu bitanu ntayegayezwa mu Nama nkuru ijejwe umutekano kw’isi. Igihe yashingwa, yashize ahabona ingene hari ibihugu vyari vyiganje kw’isi inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose.

Ibigize umurwi w’ibi bihugu ntayegayezwa bikorana n’ibindi bihugu cumi bitamaho.

Kubona Uburusiya ari igihugu ntayegayezwa mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi bisigura ko bufise ububasha bwo guhagarika ingingo kanaka.

Kugira ngo ingingo irengane mu Nama nkuru ijejwe umutekano kw’isi, itegerezwa kwemezwa n’ibihugu icenda, kandi ntihagire igihugu na kimwe muri ibi ntayegayezwa kiyihakana.

Mu kwa kabiri umwaka uheze, Uburusiya bwarahagaritse icemezo cari gifise intumbero yo kurangiza intambara y’Uburusiya kuri Ukraine (Ubushinwa, Ubuhindi na Reta Zunze Ubumwe z'Abarabu [United Arab Emirates] vyose bikaba vyarifashe).

Mu kw’icenda kandi, bwarahagaritse icemezo cabusaba guhagarika ingendo yo kwiyegurira intara zine za Ukraine mu buryo butemewe n’amategeko.