Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko: Hitezwe iki inyuma yo kwakira Somalia?
- Umwanditsi, Na Ian Wafula
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu vyo umutekano
Somalia yakiriwe mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko nk’igihugu kigira umunani mu gikorwa kigamije kunagura ubutunzi bw’iki gihugu, inyuma y’imyaka irenga 30 kimaze mu ntambara.
Perezida Hassan Sheikh Mohamud avuga ko kwinjira muri uno muryango ari “umuco w’umwizero” kuri Somalia.
Avuga ko ari “icizere ca kazoza kuzuye amahirwe n’iterambere”.
Kuva mu 1991, Somalia iri mu ntambara mu gihe uturere tutari duke twayo tugenzurwa n’umuhari wiyitirira idini rya Islam, al-Shabab.
Bimwe mu bihugu bibanyi vyararungitseyo ingabo gufasha iki gihugu kurwanya uno muhari ufitaniye isano na al-Qaeda.
Ingingo yo kwakira Somalia yashitsweko inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu yabereye i Arusha muri Tanzania ku wa gatanu.
Ingingo yafashwe bitoroshe
Ukwakirwa muri uno muryango wa EAC ni intambwe ikomeye kuri kino gihugu co mw’Ihembe rya Afrika, ariko cabaye igikorwa kitoroshe.
Yakiriwe inyuma y’amezi atari make y’ibiganiro vyaranzwe n’ibibazo bikomeye n’amadidane ya bimwe mu bihugu bigize uno muryango.
Abanyagihugu b’ibihugu bihurikiye mu muryango wa EAC barashobora kuzunguruka ata ngorane muri vyo, rero hari bamwe bafise ubwoba ko bishobora kworohera abarwanyi ba al-Shabab kuzunguruka mu karere ata nkomanzi.
Hanyuma kandi, kugira ngo igihugu cinjire muri EAC, gitegerezwa kwerekana ko cubahiriza intwaro ibereye, intwaro rusangi, intwaro ishingiye ku mategeko, yubahiriza agateka ka muntu n’ubutungane kuri bose. Mu mwaka uheze, Somalia caza imbere mu bihugu birangwa n’igiturire kw’isi ku rutonde rw’ishirahamwe Transparency International.
Rero hari bamwe babona ko Somalia itari bwagere kwinjira muri uno muryango.
Akarusho
Mu biganiro hagati ya EAC na Somalia vyatanguye mu kwa munani bihagarikiwe na reta ya Kenya, Perezida Hassan yijeje EAC ko igihugu ciwe cariko gikora ibishoboka vyose kugira ngo ibi bibazo bitorerwe umuti gifashwe mu mugongo n’ibihugu bindi vy’uno muryango.
Yabandanije aryosharyosha bene umuryango, mu kwerekana urubibe rw’igihugu ciwe ruri ku nkenyera y’ibahari rupima ibirometero 3000, ibi bigashobora guha umuryango akaryo ko kwinjirana n’akarere k’Abarabu (Péninsule arabique/Arabian Peninsula) karangwamwo ibikorwa vy’ubutunzi biteye imbere cane, ukanungukira mu bikorwa vy’ubutunzi vyo mu mazi vya Somalia, nk’uburovyi.
Ibi bishobora kuba vyabaye akarusho kadasanzwe katari gushobora kwirengagizwa n’ibihugu vya EAC.
Babivugako iki?
Iyi ngingo yatangajwe ku wa gatanu yatumye abatari bake bagira ico bayivuzeko.
Baciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, abayishigikiye bavuga ko yari yatevye, bakabona ko akarere kazohungukira cane.
Hari abandi nabo bavuga ko hatari bwagere, bakabona ko EAC ishobora kwikorezwa bimwe mu bibazo bihanze Somalia.
Uno muryango ufise intumbero yo kwagura isoko mu gihe wizeye ko uzoruhira kwinjiza ibihugu vyose vyo mw’Ihembe rya Afrika, aho umunyamabanga mukuru wawo, Peter Mathuki, yerekana ko
Djibouti na Ethiopia na vyo bishobora kwinjira muri uno muryango.
Mu kwa gatatu kw’umwaka uheze wa 2022, niho Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR Congo) yinjiira.
Somalia ibaye igihugu kigize umunani cinjiye muri uno muryango inyuma y’Uburundi, DR Congo, Kenya, Sudani y’Epfo, Tanzania, Urwanda na Uganda.