Intwazangabo y’Urwanda ku rutonde rw'abafatiwe ibihano na EU kubera uruhara mu ntambara ya DR Congo

Ku wa gatanu, Ubumwe bwa Bulaya bwashize intwazangabo y’igisirikare c’Urwanda ku rutonde rw’abafatiwe ibihano kubera uruhara bumwagiriza mu ntambara yo muri DR Congo no mu gufasha umuhari M23 mu bitero vyawo mu buseruko bw’iki gihugu mu mwaka uheze.
Umuhari w’inyeshamba M23 wagirizwa na reta y’iki gihugu, ibihugu vy’Uburengero harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ububirigi, co kimwe n’umurwi w’abahinga ba ONU, ko ufashwe mu mugongo n’igihugu c’Urwanda.
Urwanda rubandanya ruhakana ivyo rwagirizwa, rukavuga ko ikibazo ca Congo ari ic’abanye-Congo bo nyene. Umuhari M23 na wo nyene urahakana ko ata mfashanyo uhabwa n’Urwanda.
M23 ni umwe mu mihari y’inyeshamba irenga ijana igisibije mu buseruko bwa DR Congo. Mu kwa gatatu kw’umwaka uheze wa 2022 niho yasubira kuvyura intambara, inyuma y’imyaka cumi ata gakacira, aho yigaruriye ibisagara n’ibigwati bitari bike mu karere gahana urubibe na Uganda.
Imaze guhitana abatari bake yongera itesha izabo abarenga umuriyoni.
Urwandiko rwasohowe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya rwerekana abantu bashika icenda ba DR Congo n’Urwanda bafatiwe ibihano kubera ibikorwa bifatwa ko ari ivyaha vy’agahomerabunwa vy’ihohotera no guhonyanga agateka ka zina muntu, muri ico gihugu hamwe no gukokeza indyane z’intambara.
Muri aba, harimwo abari mu burongozi bw’imirwi irwana mu buseruko bwa DR Congo nka M23, ADF, APCLS, CODECO, FDLR; abahoze mu gisirikare ca DR Congo ubu bakaba bari mu mihari imwe imwe irwana nka Twirwaneho, intwazangabo y’igisirikare ca Congo (FARDC), hamwe n’intwazangabo y’igisirikare c’Urwanda (RDF).
Muri ibi bihano bafatiwe harimwo kubuzwa ingendo no gufatira amatungo yabo hamwe no kubuza abanyagihugu b’Ubumwe bwa Bulaya n’amashirahamwe yabwo gukorana nabo ikintu cose kirimwo amafaranga.
Bamwe muri aba bafatiwe ibihano harimwo Kapiteni Jean-Pierre Niragire batazira Gasasira, arongoye ingabo zidasanzwe z’igisirikare c’Urwanda (RDF) zarungitswe mu ntara ya Kivu ya Ruguru kuva muri Rusama (5) 2022, nk’uko biri mw’itangazo ry’Ubumwe bwa Bulaya.
Ryongerako y’uko Niragire "ari we abazwa ugufasha umuhari w’inyeshamba M23 utera intambara n’umutekano muke muri Congo, cane cane mu guha uwo muhari ingabo n’ibikoresho”.
BBC yagerageje kurondera abavugizi ba reta z’Urwanda na DR Congo kuri ibi birego kungabo zabo ariko gushika ubu nta ruhande na rumwe rurishura.










