YouTube yasubije konte ya Donald Trump ku murongo

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

YouTube yasubije konte ya Donald Trump ku murongo inyuma y’imyaka ibiri yarahagaritswe kuri runo rubuga rw’amavidewo.

Iyi ngingo ikurikiye iyindi iherutse gufatwa n’ikompanyi Meta isanzwe ari yo nyen’urubuga rwa Facebook na Instagram, hamwe na Twitter ya Elon Musk.

Uyu yahoze ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaratswe uburenganzira bwo gusohora amavidewo kuri Youtube mu kwa mbere 2021, aho yamwagiriza ko yahonyanze amategeko ngenderwako y’uru rubuga mu guhimiriza imigumuko.

Ariko ubu konte yiwe yasubijwe ku murongo, nk’uko bitangazwa na Youtube, urubuga rwegukira Google.

Yanditse kuri Twitter iti: "Kuva uno musi, konte ya Donald J. Trump yasubijwe ku murongo kandi ubu arashobora gusohora izindi videwo.

"Iyi konte izobandanya ikurikiranwa kugira ntihave ihonyanga amategeko ngenderwako yacu, co kimwe n’izindi konte izo ari zo zose kuri YouTube."

Imbuga hwaniro zari zamuhagaritse

YouTube yahagaritse Trump kubandanya asohorera amavidewo kuri uru rubuga imisi mike inyuma y’aho abanywanyi biwe batereye ingoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika (Capitol) i Washington DC ku wa 06 Nzero (1) 2021.

Amajana n’amajana y’abanywanyi biwe barateye iyo ngoro mu gihe abashingamateka n’abakenguzamateka bariko bagerageza kwemeza intsinzi ya Joe Biden mu matora y’umukuru w’igihugu yari iaherutse.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inyuma y’iyi migumuko, konte za Trump kuri Facebook, Instagram na Twitter nazo nyene zarahagaritswe.

Haciye amezi atari make, yaciye atanguza urubuga hwaniro rwiwe bwite, ruzwi kw’izina rya Truth Social.

Ariko mu 2022, Trump yatangaje ko azokwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ya, kandi kuva ico gihe konte ziwe zose zo kuri zino mbuga zaciye zisubizwa ku murongo.

Afise abanywanyi barenga imiriyoni 2.6 biyandikishije kuri konte yiwe ya YouTube, biyongera ku miriyoni 86 bamukurikirana kuri Twitter, imiriyoni 34 bamukurikirana kuri Facebook hamwe n’imiriyoni 23 bakumurikirana kuri Instagram.

Ariko rero, n’aho afise benshi bamukurikirana, nta cemeza ko Trump azosubira gucisha amavidewo kuri YouTube.

Hagati aho, ejo ku wa gatanu, yaracishije ubutumwa kuri Facebook ku ncuro ya mbere mu kiringo c’imyaka irenga ibiri, buri kumwe na videwo ngufi y’igice c’ijambo ry’intsinzi yashikirije mu 2016, iri kumwe n’ubutumwa buto cane buvuga ngo: “NDAGARUTSE!"

Insiguro ya video, Raba ingene vyagenze igihe abanywanyi biwe batera ingoro ya Capitol