US: Bane bapfuye mu migumuko y'abashigikiye Trump ku ngoro ya Capitol

Insiguro ya video, Igiporisi gikorera kuri Capitol cabujije uruja n'uruza ico gihe maze gisaba abari mu ngoro bose "kwinyegeza".

Abantu bane bapfuye mu myiyerekano y'abashigikiye Perezida Donald Trump batera ingoro y'inama nshingamateka, Capitol.

Umugore umwe yarashwe n'abapolisi, abandi bantu batatu bapfuye kubera kutaronswa "ubutabazi bwihutirwa".

Uyo mugore yarashwe ibinyamakuru muri Amerika bivuga ko yahoze ari mu ngabo za US Air Force, akaba yari mu bantu bari imbere binjira ku nguvu mu cumba abashingamateka bateraniramwo.

Abandi bapfuye bivugwa ko ari abagabo babiri n'umugore umwe.

Igipolisi kivuga ko capfunze abantu 52 - muri bo 47 bazize kurenga ku mategeko y'umukwabu.

Vyabaye ngombwa ko inama rusangi y'abashingamateka n'abakenguzamateka ibanza guhagarara inyuma y'aho abashigikiye Perezida Trump batereye ingoro y'inama nshingamateka.

Igiporisi gikorera kuri Capitol cabujije uruja n'uruza ico gihe maze gisaba abari mu ngoro bose "kwinyegeza".

Imbere y'uko ibi biba, Perezida Donald Trump yari yashikirije ijambo hanze y'ibiro vyiwe maze abatera intege ngo babandanye imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora.

Umwotsi uzungurutse ingoro y'inteko ya Amerika kubera abantu amagana baje mu myiyereko bari guhangana n'igipolisi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umwotsi uzungurutse ingoro y'inteko ya Amerika kubera abantu amagana baje mu myiyereko bari guhangana n'igipolisi
Abapolisi bacungera iyi ngoro bari mu cumba c'inama nkenguzamateka batunze inkoho abigaragambya bashaka kwinjiramwo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abapolisi bacungera iyi ngoro bari mu cumba c'inama nkenguzamateka batunze inkoho abigaragambya bashaka kwinjiramwo
Uwaje mu myiyerekano asimbuka ava hejuru ngo agere mu cumba c'inama nkenguzamateka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwaje mu myiyerekano asimbuka ava hejuru ngo agere mu cumba c'inama nkenguzamateka
Bamwe bamwe mu baje mu myiyerekano batawe muri yompi n'igipolisi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bamwe bamwe mu baje mu myiyerekano batawe muri yompi n'igipolisi muri iyo ngoro
Umwe mu biyereka yabonetse atwaye igikoresho co muri iyi nyubakwa ya US Capitol

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwe mu biyereka yabonetse atwaye igikoresho co muri iyi nyubakwa ya US Capitol