US: Bane bapfuye mu migumuko y'abashigikiye Trump ku ngoro ya Capitol
Abantu bane bapfuye mu myiyerekano y'abashigikiye Perezida Donald Trump batera ingoro y'inama nshingamateka, Capitol.
Umugore umwe yarashwe n'abapolisi, abandi bantu batatu bapfuye kubera kutaronswa "ubutabazi bwihutirwa".
Uyo mugore yarashwe ibinyamakuru muri Amerika bivuga ko yahoze ari mu ngabo za US Air Force, akaba yari mu bantu bari imbere binjira ku nguvu mu cumba abashingamateka bateraniramwo.
Abandi bapfuye bivugwa ko ari abagabo babiri n'umugore umwe.
Igipolisi kivuga ko capfunze abantu 52 - muri bo 47 bazize kurenga ku mategeko y'umukwabu.
Vyabaye ngombwa ko inama rusangi y'abashingamateka n'abakenguzamateka ibanza guhagarara inyuma y'aho abashigikiye Perezida Trump batereye ingoro y'inama nshingamateka.
Igiporisi gikorera kuri Capitol cabujije uruja n'uruza ico gihe maze gisaba abari mu ngoro bose "kwinyegeza".
Imbere y'uko ibi biba, Perezida Donald Trump yari yashikirije ijambo hanze y'ibiro vyiwe maze abatera intege ngo babandanye imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images