Kenya 2022: Uko igandagurwa ry'uyu mugabo rigihanze amatora

Amatora hamwe n'ubwicanyi bw'agahomerabunwa bw'umukozi mukuru yari ajejwe ubuhinga bukoreshwa mu matora mu 2017 biracari mu mitima y'aba Kenya, mu gihe himirije amatora mu ndwi iza.

Umukuru w' umurwi ujejwe gutegura amatora ntahengeshanya kubwira abagifise amazinda ko umurwi arongoye ushobora gukoresha amatora ata ho yegamiye, ariko kandi yagumye agabisha ko hariho isekeza, cane cane ku mbuga hwaniro, rigamije kubasiga iceyi no kubatera ubwoba.

Wafula Chebukati yabwiye abamenyeshamakuru ati:"Abakozi bacu b'uyu murwi , cane cane abakora muvyo ubuhinga ubu baraterwa ubwoba... Nshaka gusa gutera akamo abantu bari inyuma y'ibi bintu guhagarika ivyo bariko barakora."

Aravuga n'impamvu biteye umutima uhagaze: Uwari arongoye umugwi ujejwe ubuhinga muri uno murwi arongoye , Chris Msando, yaranyurujwe aricwa urwo agashinyaguro, co kimwe na mugenzi we w'imyaka 21 Carol Ngumbu.

Ibiziga vyabo vyatowe mw'ishamba mu micungararo ya Nairobi ku mugwa mukuru - kandi nta muntu n'umwe arafatwa canke ngo acibwe urubanza kubera ubwo bwicanyi bukimeze nk'ikinyegezwa.

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International, Irungu Houghton aherutse kubwira imboneshakure yo muri Kenya ati:"Muvyo ukuri hakoreshejwe igipolisi kizi umwuga waco na reta ifise ishaka tuba twaramaze guheza iki kibazo ...

Abanyagihugu ntibaramenya uwishe umukozi w'akanama kajejwe amatora yari ajejwe igikorwa kigoye mu matora."

Mu rukundo no mu mutuzo, Msando ntiyasiba ku mboneshakure yerekana ibiharuro amaze kuronka kugira amatora ntiyibwe.

Mu kiganiro kimwe yagize ati:"Abatora barapfuye, ntaho bazoboneka ndabibona."

Yari yizeye cane ubuhinga bwa 'biometric' mu kugenzura abitavye amatora hakoreshejwe amakanda y'intoke hamwe n'ubuhinga bwo kwerekana ivyavuye mu matora ikibiriraho.

Ikoreshwa ry’ubu buhinga ryemejwe inyuma y’indyane zo mu matora ya 2007, aho ibirego vyo kwiba amatora vyatumye haduka indyane zamaze amayinga, aho abantu 1200 bishwe abandi bababa 600.000 nabo barata izabo. Ico gihe, umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora yaranemeye ko atari azi uwatsinze.

Aya matora ya kino gihe, nayo nyene ntibiboneka neza uwuzoyatsinda – hagati ya babiri bari imbere mu biyamamariza kurongora iki gihugu, ari bo Raila Odinga yahoze atavuga rumwe n’ubutegetsi ubu ariko ariyamamaza ku ncuro ya gatanu, hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu William Ruto.

'Ubuhinga bwa none si demokarasi'

Mu bintu bibandanya gutangaza abantu, umukuru w’igihugu ubu arindiriye gusezera, Uhuru Kenyatta, ashigikira Odinga, umwansi yahindutse umugenzi, ko ari we yomusubirira inyuma yo gucanamwo na Ruto.

Abanyagihugu kandi bazotora ba buramatari, abashingamateka, abakenguzamateka, hamwe n’abagize amanama mpanuzwajambo.

Ariko gusa ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none muri ano matora atatu kuva mu 2007 nta cizere riratanga - mbere mu 2017 vyatumye Sentare nkuru y’igihugu ifuta ivyari vyatangajwe ko vyavuye mu matora haca hategurwa ayandi.

"N’aho vyagenze nabi mu 2013, haraguzwe ibikoresho vyinshi vy’ubuhinga bwa none mu 2017. Kuri buri munyagihugu yategererwa gutora, amafaranga yakoreshejwe yavuye ku madorari y’abanyamerika 10 yo mu matora ya mbere ashika ku madorari 25 mu yakabiri, bituma Kenya imenyekana cane ko yakoze amatora azimvye muri Afrika", niko Nanjira Sambuli, umuhinga mu mu vyo intwaro n’ubuhinga bwa none yabwiye BBC.

Uyu mukenyezi Sambuli ati: "Ubuhinga bwa none si demokarasi".

Sentare nkuru yatangaje ko amatora yo mu kwa munani 2017 yabaye "impfagusa” mu gihe ibibanza vy’amatora vyababa 10.000 vyananiwe no gushikiriza ivyavuye mu matora.

James Mamboleo yabwiye BBC ati: "Iki cari igitigiri kinini, hanyuma umurwi ujejwe amatora utanga ivyitwazo igihe isabiwe kwugurura ububiko bw’inyabwonko kugira bihweze ivyabaye”.

"Bavuze ko umurwi ujejwe amatora ari wo ubazwa ibikorwa vyose vy’amatora, kuva ku kwandika abatora gushika batange ivyayavuyemwo”.

Iki cemezo catumye abantu batera icizere kuri Chebukati, ariko yarashoboye kubandanya n’akazi kiwe n’aho yagumye asabwa gutanga imihoho.

Ubu, umurwi ujejwe amatora uzosubira gukoresha ibikoresho ibihumbi mirongo vyo kugenzura amatora vyaguzwe mu matora ya kabiri yo mu kw’icumi 2017 kandi uyu murwi urakomeje imyiteguro. Abantu bonyene bashobora kwemezwa n’ubu buhinga nibo bazotora kandi isanamu y’ivyayavuyemwo bizorungikwa hakoreshejwe ubu buhinga bivuye mu bibanza vy’amatora birenga 50.000 aho kurungika gusa inzandiko.

Uku niko ubu buhinga buzokoreshwa mu matora y’umukuru w’igihugu:

  • Abazotora bazotegerezwa guhinyuzwa hakoreshejwe igikumu canke ikarata ndangamuntu
  • Amatora aheze, isanamu y’ifishe yerekana ivyayavuyemwo, iteweko igikumu n’uwuhagarariye amatora aho hantu hamwe n’abaserukiye imigambwe, izorungikwa ku biro vy’amatora vy’akarere no ku rwego rw’igihugu hakoreshejwe ubu buhinga
  • Ikopi y’iyi fishe izohabwa abaserukiye imigambwe yongere imanikwe hanze y’ikibanza c’itora
  • Ibikoresho vyo kugenzura abatora bizofungirwa ku biro vy’itora kugira ngo ntihagire ubusuma buba.
  • Uwuzoba yatsinze, azotangazwa gusa igihe ifishe nyayo yerekana ivyavuye mu matora (formulaire physique des résultats/physical results form) izoba ishikiriye umurwi ujejwe gutegura amatora kugira ngo bayihinyuze bayigereranije n’isanamu yayo izoba yarungitswe imbere y’igihe.

 Justus Nyangaya , umwe mu bagize umurwi ujejwe gutegura amatora, yabwiye BBC ati: "Ntibizokworohera abazorondera kwitwara mu butungane muri ano matora mu ntumbero yo kwiyamiriza ibizoba biyavuyemwo kuko dukorera ku mugaragaro, ku buryo bo nyene ubwabo bazokwumva isoni zo kuja kwitwara”.

Avuga kandi ko ibikoresho vyo kugenzura abatora bizoza birarungika amakuru ku kigo c’igihugu kijejwe guharura amajwi uko amasaha abiri aheze, bikazotuma abazoba barondera kwuzuza amasandugu y’amatora n’amakarata y’ibinyoma bataronka isaganirizo.

Mu gihe akibabajwe n’amatora aheruka, umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora yasavye kandi ibinyamakuru, imigambwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike kwegeranya ibizoba bivuye mu matora.

Umuhinga mu vya poritike, Hesbon Owila, yabwiye BBC ati: "Chebukati yipfuza kwikosora mu gufata ingingo zose zikenewe nk’umukuru w’umurwi, anashiraho uburyo buzotuma amatora aba mu bwisanzure, mu muco, anashobore no guhinyuzwa, kugira ngo yikureko iceyi co gusiga umurage mubi nk’umukuru w’umurwi uzwi mu busuma bw’amatora.

"Nk’umuntu, ivyabaye muri kahise vyaramwigishije, gusa nk’abakenya, ico twokora ni ukumufata mu mugongo ariko kandi tukamera magabo”.

Mamboleo ati: "Ubwo umurwi ujejwe gutegura amatora woba ugerageza kugendera ku mabwirizwa yashizweho n’ingingo ya Sentare nkuru y’igihugu mu 2017? Ku bwanje, ni ego. Urakorana n’imigambwe, abahiganwa be n’abanyagihugu mu buryo tutari bwigere tubona mu matora yo muri kahise”.

Basaba ubutungane

Amategeko ategekanya ko umurwi ujejwe gutegura amatora ufise imisi indwi inyuma y’amatora kugira ngo utangaze uwayatsinze - rero, mu gusaba ibinyamakuru n’abandi kwegeranya ibizoba biyavuyemwo, Chebukati afise icizere ko ugukorera mu muco kuzomweza, kukaneza n’umurwi wiwe.

Iyi izoba ari intambwe ikomeye cane kuri Kenya mu gihe ibi vyoshikwako.

Mu gihe imiryango ya Msando na Ngumbu yibuka imyaka itanu irangiye mu kwezi guheze igandaguriwe abayo, yongeye kuvuga ko demokarasi ya Kenya ari ngombwa gushimangirwa no kugendera ku mategeko - kandi yizeye ko umunsi umwe na bo bazoronswa ubutungane.

Umuryango wa Msando wanditse mu kinyamakuru kimwe muri ico gihugu uti: "Turasenga kugira ngo umunsi umwe tuzomenye ukuri".