Amatora ya Kenya: kurima urumogi no kugurisha ubumara bw’inzoka, imigambi ya George Wajackoyah

George Wajackoyah , umunyaporitike yahoze ari umwana wo mw’ibarabara muri Kenya, hanyuma akaja gukora akazi ko kwimba imva mu Bwongereza, yabaye igitangaza muri poritike ya Kenya mu kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’iki gihugu, aho yemerera abanyagihugu ko azokigira igihugu gikomeye gishora hanze urumogi, ubumara bw’inzoka hamwe n’amatengatwa y’imfyisi, n’aho hari ibibazo vyinshi ku kungene yoshobora gushira mu ngiro iyi migambi.

Uyu mwigisha wa kaminuza afise imyaka 63, akaba yize amategeko, yiyerekanye nk’umuntu atandukanye cane mu bakandida bane bariko biyamamariza iki kibanza c’umukuru w’ico gihugu co muri Afrika y’Ubuseruko mu matora ategekanijwe kuba ku wa 9 z’ukwezi kuza kwa Myandagaro (8).

Ibiharuro ngereranyo biha amahirwe make cane uyu mukandida w’umugambwe Roots Party, mu kibanza ca gatatu – ibiharuro vya nyuma biheruka gusohoka ku wa 11 z’uku kw’indwi bikaba bimuha amajwi 4% gusa.

Ariko abahinga babona ko nk’umuntu ari bwo bwa mbere yiyamamaje, ariko avyifatamwo neza kandi n’abakandida babiri bakomeye barafise ubwoba bwo gutakaza ijwi rimwe gusa ryohava rimwegukira, na rirya babona ko bitazokworoha hagati y’aba babiri, ibiharuro bigashira imbere uwahoze ari umunyaporitike akomeye atavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga ku majwi 43% hanyuma icegera c’umukuru w’igihugu nawe William Ruto agahabwa 39%.

Macharia Gaitho, umunyamakuru yandika mu kinyamakuru Daily Nation ca Kenya, yandika ati: "Wajackoyah ariko yiyamamaza mu buryo atari ubw’igitangaza ku buryo abantu bo mu gisagara bashobora no kumutwenga, ariko ntagushidikanya ko ariko ahurumbirwa n’urwaruka rwinshi rurakaye, rutishimiye ubutegetsi haba mu bisagara canke ruguru mu mitumba ya kure muri Kenya, kuko arengera ibintu vyose bisanzwe bitandukanya abanya-Kenya nk’amoko, intara n’imigambwe”. Mu myiyamamazo, Prof Wajackoyah yiyambarira ibisanzwe, ipantaro yo kwinonora imitsi (tracksuit), agapira n’igitambara mu mutwe, hakwambara za kositime (costume) – kugira ngo yerekane ko atari mu banya-Kenya basanzwe bari ku butegetsi, aba nabo akaba abagiriza igiturire kirenze urugero.

Yerekana intoke ziwe nk’uwuriko aranywa urumogi, agasarisha abantu bitabira amakoraniro yiwe mu gutamba umuziki wa reggae.

Prof Wajackoyah avuga ko aramutse atsinze azorekura ukurima no kwimbura urumogi kugira ngo rukoreshwe mu mahinguriro no mu buvuzi, mu ntumbero yo gutorera umuti zibiri mu ngorane nyamukuru za Kenya – ubushomeri n’amadeni y’umurengera.

Avuga ko ashobora kwinjiriza Kenya imiriyaridi zirenga ibihumbi icenda vy’amashilingi ya Kenya (ni ukuvuga imiriyaridi 76 z’amadorari y’abanyamerika) ku mwaka, kandi ko reta itazigera “isubira gusaba ingurane y’urufaranga na rumwe”.

Yongerako ati: "Ibihugu vyo mu burengero vyaramaze gutanga uburenganzira bwo kwimbura urumogi, kubera iki tweho tutobikora?”

N’aho ata bushakashatsi yishimikiza mu vyo avuga, kurekura ukurima n’ukwimbura urumogi kugira rukoreshwe mu mahinguriro no mu buvuzi nico imyiyamamazo yiwe ihagazeko.

Urubuga ngurukanabumenyi rw’ikigo Africa Check ruvuga ko imigambi yiwe idatomoye.

Hagati aho, ibi vyamutumye avugwa cane ku mbuga hwaniro, mbere n’urwaruka rwinshi ruhanzwe bikomeye n’ubushomeri rukaba rumwirukira.

Mu gihe imigambi ya Prof Wajackoyah yoshirwa mu ngiro, Kenya yoba yinjiye ku rutonde rw’ibindi bihugu vya Afrika - harimwo Lesotho, Afrika y’Epfo, Zambia na Zimbabwe – biriko biradodora kw’isoko ry’urumogi abahinga babona ko gushika mu 2028 rizoba rigeze ku miriyaridi zababa 70 z’amadorari y’abanyamerika.

Prof Wajackoyah avuga ko atarigera anywa urumogi, ariko ko mu gihe rwokwemerwa n’amategeko, ko yoba uwa mbere mu kurunywa.

Ati: "Nta kibi na kimwe kirimwo mu kurunywa iyo rwemewe n’amategeko kandi inzego zibijejwe zikemeza ko rushobora kunyobwa”.

Ivyiyumviro vya Prof Wajackoyah biriyamirizwa na Ekleziya Katorika muri Kenya, aho ivuga ko kunywa ibiyayuramutwe vyokwunyuka mu gihe amategeko yorekura urumogi.

Musenyeri James Maria Wainaina avuga ati: "Imiryango irahanzwe n’ibiyayuramutwe biyitera gusambuka, indyane n’impfu rimwe rimwe”.

Prof Wajackoyah yemereye kandi abanyagihugu gusubiramwo amasezerano yose reta ya Perezida Uhuru Kenyatta yahaye amakompanyi y’Abashinwa.

Mu madeni Kenya ifitiye ibihugu n’amashirahamwe yo hanze, Ubushinwa bufisemwo 21%, ivyateje induru mu gihugu, na cane cane ko ibiri muri aya masezerano – amenshi akaba ari ay’ibikorwa remezo, nko kwubaka amabarabara hamwe n’indarayi – bitashizwe ahabona.

Prof Wajackoyah abona kandi ko kworora inzoka ari irindi soko rikomeye ry’ubutunzi bwa Kenya.

Avuga ko ubumara bw’inzoka – aho avuga ko “buzimvye cane gusumba inzahabu” – buzokwimburwa mu ntumbero yo kubukoresha mu buvuzi, mu gihe inyama y’inzoka nayo izoshorwa mu bihugu vyo hanze nk’Ubushinwa, aho ifatwa nk’imfungurwa ikomeye.

N’aho adatanga ivyemezo ivyo ari vyo vyose, Prof Wajackoyah avuga ati: "Turashobora kwinjiza umuriyaridi w’amadorari buri mwaka tugakomeza ubutunzi bwacu”.

Avuga kandi ko Kenya ishobora gushora amatengatwa y’imfyisi asanzwe akoreshwa mu buvuzi mu Bushinwa, akavuga ko ashobora kwinjiriza Kenya amafaranga menshi gusumba urumogi.

Amashirahamwe ajejwe amashamba be n’ihuriro ry’abaganga b’ibikoko muri Kenya baramwiyamiriza n’uburakari bwinshi.

Iri shirahamwe ry’abaganga b’ibikoko basohoye itangazo bavuga bati: "Urudandaza rw’amatengatwa y’imfyisi hamwe n’inzoka ntirwemewe kandi rwotuma ibikoko vyo mw’ishamba bihahonera”.

Iri tangazo ryongerako y’uko "vyotuma haduka ikindi kiza " kuko hoba imigera ikwirakwira ivuye mu mfyinsi no mu nzoka ikabangamira kiremwamuntu.

N’aho abamunegura bamwagiriza kwiyemera mu myiyamamazo yiwe (populist), abanywanyi ba Prof Wajackoyah baramwishimiye kuko yashoboye kurengana ingorane nyinshi yaciyemwo mu buzima gushika aho yiyamamariza kuba umukuru w’igihugu.

Yavukiye mu mitumba ya kure mu burengero bwa Kenya. Abavyeyi biwe bamaze kwahukana, yisanzwe asigaye aba mw’ibarabara ku mugwa mukuru, Nairobi.

Yagiye gutorwa n’abasenzi bo mu rugensero rwa Hare Krishna bari basanzwe bagaburira abadafise aho baba.

Prof Wajackoyah yabaye mu rusengero mbere aza kuba n’umupasitori wa Hare Krishna.

Yahavuye aronka ubufasha arashobora kurangiza amashure yiwe yisumbuye mu nyuma yinjira mu gipolisi ca Kenya, agenda atera imbere gushika aho yinjira mu gisata kijejwe igendereza.

N'aho adatomora neza, Prof Wajackoyah avuga ko yahuye n'ikibazo inyuma yo kuronka amakuru akomeye kuri bumwe mu bwicanyi bukomeye muri Kenya, ubwakorewe umushikiranganji w’imigenderanire Robert Ouko mu 1990.

Prof Wajackoyah avuga ko yahagaritswe agakorerwa iyicarubozo, amaze kurekurwa aca arahunga afashijwe n’ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika i Nairobi.

Igandagurwa rya Ouko ryagumye ari ikinyegezwa ku banyagihugu gushika aho amatohoza y’inama nshingamateka mu 2010 yerekaniye ko yagandaguriwe kuri umwe mu mihana y’uwari umukuru w’igihugu ico gihe, Daniel arap Moi.

Amaze guhunga Kenya, Prof Wajackoyah yaronse akaryo ko kuja mu Bwongereza, aho yakoze ubuzi bubayabaye aca aronka akaryo ko kwiga ku ma kaminuza, Soas University of London, University of Warwick hamwe na University of Wolverhampton.

Igihe yiga i Wolverhampton yakora akazi k’ubuzamu, akazi ko kwimba imva no kwoza ibiziga (imirambo mu Kinyarwanda) kugira ngo aronke ubuzima.

Yabwiye ikinyamakuru Daily Nation ko ubu buzi bwamuhaye "ukwicisha bugufi no gukura”.

Avuga ko uku kwiga akora n’akazi vyatumye aronka amanota atari meza mu vyigwa vy’amategeko.

Yagize uruhara mu masekeza ya poritike mu Bwongereza mu ntumbero yo guhimiriza impinduka mu turere dutandukanye tw’isi – akaba yaranakoranye n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Ghana Jerry Rawlings, yashitse ku butegetsi abanje gutembagaza ubwari buhari mu 1981 akaba yarongoye igihugu gushika mu 2000.

Prof Wajackoyah yahavuye yimukira muri Amerika, aho yagiye kubonanira n’umugore wiwe w’umunyamerikakazi akomoka muri Afrika. Bavugwa ko bafitaniye abana batatu.

Yarize kandi no ku makaminuza atandukanye muri Amerika, harimwo na Walden University ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, ari nayo yaronkeyemwo urupapuro rw’umutsindo rwa Doctorat (PhD).

Avuga ko afise impapuro z’umutsindo za kaminuza zigera kuri 17, nyinshi zikaba ari izo mu bisata vy’abimukira, amategeko mpuzamakungu n’ay’impunzi, ivyatumye Gaitho avuga n’agahemo ko afise “impapuro z’umutsindo nyinshi gusumba umwanya yategerezwa kwiga kugira yige ivyo vyigwa vyose”.

Prof Wajackoyah yagarutse muri Kenya mu 2010 avuga ko yashaka kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Ico gihe yaciye abivamwo, akaba asubiye kuvyura iciyumviro muri ano matora.

Mu bindi bitabonwa kumwe yemerera abanyagihugu mu myiyamamazo yiwe, Prof Wajackoyah avuga ko azoteza imbere ubuzima bw’abakozi mu gushiraho imisi ine y’akazi mu ndwi kugira ngo ahe umwanya wo gusenga aba-Islam kuwa gatanu, Abasabato ku wa gatandatu abandi bakritsu nabo ku wa Mungu.

Prof Wajackoyah avuga kandi ko azogarukana igihano c’urupfu, kandi ko abo bose bazokwagirwa no kurya igiturire bazohitishwamwo kwicwa barashwe, canke kumanikwa “bahejeje kurya ubugari”.