Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Amagara aramukitse' – Uwunganira Sandra Muhoza umumenyeshamakuru afunze kubera ivyo yavuze kuri WhatsApp
Urubanza rw'umumenyeshamakuru Sandra Muhoza w'ikinyamakuru La Nova Burundi rwari rutegekanijwe ku wa kane muri sentare isubiramwo imanza ya Ngozi ntirwaburanishijwe mw'ido n'ido nk'uko vyari bitegekanijwe.
Abantu benshi bari bahashitse kugira barukurikirane, intumwa y'uwurongoye iyo sentare yaciye abamenyesha, mu buryo butari bwitezwe, ko urubanza rwimuriwe ku rindi sango.
Abanyamategeko bunganira uwo mumenyeshamakuru bariyamiriza iyo ngingo bafata nk' "iyigamije kumugumiza mu buroko mu buryo buteye kubiri n'amategeko".
Eric Ntibandetse, umwe muri bo, yabwiye BBC News Gahuzamiryango ko batangajwe no kubwirwa ko urubanza rwimuriwe ku musi wa gatatu igenekerezo rya 19 Munyonyo (11), 2025.
Avuga ko baba abunganira Sandra Muhoza canke umuryango wiwe, batakiriye neza iyi ngingo.
Avuga ati: "Twavyakiriye nabi rwose. Kiretse ko apfunzwe hadakurikijwe amategeko, turatakamba dusaba ko botahura ko n'amagara yiwe atifashe neza"
"Ageze ku rwego agendera ku mbago [bequilles]. Murumva ko ibintu bitifashe neza namba".
Sandra Muhoza yahagaritswe kw'igenekerezo rya 13 Ndamukiza(4) 2024, biturutse ku majambo yishuranye na bamwe mu bamenyeshamakuru ku rubuga ngurukanabumenyi rwa WhatsApp bari bahuriyemwo.
Yagirizwa "kuvogera ubwigenge bw'igihugu" no "kubiba amacakubiri".
Ivyo vyatumye acirwa igihano co gupfungwa amezi 21 na sentare nkuru mu gisagara ca Bujumbura. Mu nyuma yarungururije muri sentare isubiramwo imanza ya Mukaza (mu gisagara ca Bujumbura).
Iyi sentare yahavuye imenyesha y'uko idafise ububasha bwo kumuburanisha kubera ivyaha akurikiranwako vyabereye mu ntara yahoze yitwa Ngozi.
Yahavuye arungikwa mw'ibohero ry'abagore i Ngozi, n'idosiye yiwe ikaba ubu iri muri sentare z'ako karere nyene.
Ingingo yo kwunguruza uru rubanza rwiwe ifashwe inyuma y'aho kw'igenekerezo rya 7 Gitugutu (10) Muhoza yari yumvirijwe muri sentare nkuru ya Ngozi aho abamwunganira bari berekanye amakosa atandukanye mu kuntu dosiye yiwe iriko iragenda.
Eric Ntibandetse, umwe mu bamwuburanira, avuga ko umushikirizamanza wa repuburika muri Ngozi atigeze amwumviriza mu gihe dosiye yiwe yahawe iyindi nomero.
Anegura kandi ko iyo dosiye nshasha irimwo ivyagiriji vyari vyaramaze gusuzumwa na sentare isubiramwo imanza ya Mukanza, akibutsa ko iyo sentare yamaze kwemera icese ko idafise ububasha bwo kuburanisha urubanza rwiwe.
Ntibandetse asaba ko Sandra Muhoza yorekurwa akaburana yidegemvya.