Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bahati: Ariko 'ibahati' siyo yatumye aba icamamare
DJ EDU
Ashikiriza ikiganiro This Is Africa kuri BBC World Service
Bahati n’umuririmvyi w’umunya-Kenya hari bamwe bovuga ko izina ari ryo muntu, kuko izina ryiwe risigura ‘gihamana’ mu giswahili. Ariko nta gihamana cakoze kugira uwo mugabo atere imbere abe rurangiranwa.
Yavukiye muri kartiye y’abakene cane ya Mathare muri Nairobi aca abura nyina afise imyaka itandatu.
Se yaciye asubira kurongora aca yimukira ahandi asiga Bahati n’abo bavukana ngo bibeko mu kubaho.
‘’Uba ufise inzira zibiri. Kuba umwana wo mw’ibarabara canke kuja mu bukozi bw’ivyaha. Nta n’umwe uba ufise uhanga amaso.’’
Yagerageje kubaho agenda aratoratora ivyuma bishaje ku mabarabara. ‘’Vyari bigoye cane.’’
Ariko mu nyuma hari umugore wo muri Islande (Iceland) yaje gufata amafoto y’ingene abantu babayeho muri Mathare, hanyuma Bahati agerageza kumusaha ko amufasha mu congereza ciwe kibi kibi.
‘’Ndibuka ndamubwira nti: ‘Nkeneye ishure, no mu nda!’ Yaciye anjana aca atanguza ikigo c’abana. Ndi mu bana ba mbere yajanye muri ico kigo.’’
Muri ico kigo c’abana yararonka ico arya buri gihe, aca aja mw’ishure aho yaciye atangura kuvuza igitari no kwandika indirimbo.
Yarahejeje ishure ryisumbuye ariko bica biba ngombwa ko ava mu kigo c’abana kugira ahe ikibanza ciwe uwundi. Asubiye Mathare, yaciye atangura kugerageza kurondera abaririmvyi aciye ku mbuga hwaniro, kuko yabona ko umuziki ariyo nzira yonyene yari afise kugira atere aja imbere.
‘’Narandikiye DMs umuririmvyi wese akomeye muri Kenya. Kimwe mu vyo nemera ni uko ushobora kugira ico ushitseko iyo wewe nyene ucihatiyeko.’’
Icahavuye kivamwo n’uko yahuye n’uwutunganya umuziki RK aca amufasha gukora indirimbo yiwe ya mbere yakunzwe cane, Mama, yanditse kugira yibuke umuvyeyi wiwe nyina. ‘’Nari nagumye nshaka ko nomushimisha mu buryo nariko ndagerageza kugwana n’ubuzima.’’
Izina rya Bahati ryahavuye rimenyekana mu ndirimbo z’Imana (Gospel) atsindira agashimwe k’umuririmvyi wa mbere wa Gospel mw’ihiganwa rya Afrima Awards. Yaciye afata ingingo yo guhindura umudiho kugira avuze umuziki ugezweho.
‘’Jewe ntaco ntinya kugera umutwe. Jewe nemera ko mu kugerageza [utazi ikivamwo] bigushikana ku masoko mashasha.’’
Mu 2023 ashaka gukora iyindi migambi myinshi kugira afashe urwaruka abicishije mw’ishirahamwe ryiwe.
Ashaka kandi ko ijwi ryiwe rishika ahandi muri Afrika kugira ngo abe umwe mu baririmvyi bakomeye cane ba Afrobeats.
Bahati afise umugore nawe w’umuririmvyi Diana B , hanyuma iruhande y’abana biwe bwite, areze kandi umwana w’umuhungu wo muri ca kigo nyene nawe yakuriramwo.
‘’Kuba tubanye imyaka umunani, binyibutsa iyo navuye ariko na cane cane bigatuma nguma nicisha bugufi’’.
Ikiyago ciwe cose cavugijwe mu kiganiro This Is Africa kuri BBC World Service. Uwoshaka kucumva ni ngaha.