'Nahatiwe kubagaburira ingurube': Umuzungu wo muri Afrika y'Epfo

    • Umwanditsi, Nomsa Maseko
    • Igikorwa, BBC News in Polokwane
    • Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo
    • Igikorwa, BBC News in Johannesburg

Umuzungu wo muri Afrika y'Epfo akora mw'itongo rw'uwundi muzungu yagirijwe kwica abagore babiri b'abirabure, avuga ko yahatiwe kugaburira ibiziga vyabo ingurube, nk'uko vyemezwa n'abashingwamanza.

Adrian de Wet ni umwe mu bantu batatu baburana ku caha co kwica Maria Makgato, 45, na Lucia Ndlovu, 34, abagore bishwe bakekwa ko bariko barondera ibifungurwa mw'itongo riri hafi ya Polokwane mu ntara ya Limpopo mu buraruko bwa Afrika y'Epfo.

Bikekwa ko imibiri y'abo bagore yaciye igaburirwa ingurube mu gikekwa ko kwari ugushaka kuzimanganya ibimenyetso.

Bwana De Wet, 20, yahindutse icabona c'abahagarariye ubutungane, kuri uyu wa mbere, avuga ko yabona igihe nyene iryo tongo, Zachariah Johannes Olivier, yarasa akica abo bagore bompi.

Abapfasoni Makgato na Ndlovu bariko barondera ibikomoka ku mata vyari mugutakaza ikiringo ntarengwa co gufungurwa (guarantie/ expiry date) vyari vyasizweho ngo ingurube zivyirire, igihe bicwa.

Bwana De Wet, umugenzuzi w'iryo tongo, afatwa nk'icabona, vyari vyitezwe ko avuga ko yari yashizweko agahato igihe yategekwa gushiburira imivyimba y'abo bagore mu kiraro c'ingurube nk'uko vyemezwa n'abashikirizamanza hamwe n'umushingwamanza wiwe imbere y'amategeko.

Hamwe sentare yokwemera imburano ziwe, azoca akurwako ivyaha vyose.

Uru rubanza rwateje amajambo menshi hirya no hino muri Afrika y'epfo, bivyura icuka c'amacakubiri afatiye ku rukoba mu gihugu.

Ico cuka kirakomeye cane hagati na hagati mu gihugu, n'ubwo ikibazo c'intwaro ishingiye ku macakubiri y'urukoba casa n'ikimaze imyaka 30 cararangiye.

Amenshi mu matongo y'abigenga aracari mu minwe y'inkehwa z'abazungu, mu gihe abenshi mu bakozi baho ari abirabure bahembwa intica ntikize, ibituma abo birabure barushaho kugira umwikomo mu gihe abazungu benshi na bo bidoga ko hari urugero runini rw'ubwicanyi.

William Musora, 50, uwundi mukozi wo mw'itongo, ni we agira gatatu mu bariko baragirizwa. We na bwana Olivier, 60, ntibarangije kwiregura kandi baracari mu mvuto kuva aho basabiye kurekurwa vy'agateganyo ariko bagatsindwa.

Abo bagabo uko ari batatu bagirizwa kandi ugushaka kwica, inyuma y'aho bashakiye kurasa umugabo wa Ndlovu, yari kumwe n'uwo mugore muri iryo tongo - hamwe rero n'icaha co gutunga inkoho batabifitiye uruhusha, no gushaka kujuragiza ubutungane

Bwana Musora, umunya Zimbabwe, hejuru y'ivyo aregwa kandi n'icaha co kuba yarinjiye muri Afrika y'Epfo atabifitiye uruhusa.

Sentare nkuru ya Limpopo, yari yuzuye abantu bari baje gushigikira abahuye n'ako kaga k'ubwicanyi, barimwo incuti zabo.

Abanywanyi b'umugambwe EFF utavuga rumwe n'ubutegetsi, wari wahamagariye leta guhagarika ibikorwa muri iryo tongo, bari muri sentare na bo nyene.

Imburano zizosubira kwumvirizwa mu ndwi iza.