Ukraine: umukuru wa Wagner ariyamiriza ibivugwa n’Uburusiya ku banya Ukraine bapfuye

Ahavuye isanamu, PRESS SERVICE OF "CONCORD"
- Umwanditsi, Na Matt Murphy
- Igikorwa, BBC News
Havyutse ukutumvikana gushasha hagati y’umuhari w’abacangero Wagner n’igisirikare c’Uburusiya, mu gihe icuka kibi hagati y’izi mpande kiboneka ko gishobora kurenga inkombe.
Umukuru wa Wagner Yevgeny Prigozhin yahakanye ibivugwa n’Uburusiya ko bwoba bwateje uruhombo runini kuri Ukraine mu karere ka Donbas igihe Kyiv yagerageza igitero co kwivuna.
Prigozhin avuga ko ibi bivugwa ari “irementanya ritumvikana kandi ritagira mvura”.
Ariko ejo ku wa kabiri ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwarengejeko incuro zibiri ku vyo buvuga, mu kwemera ko abanya-Ukraine bapfuye abandi bagakomereka bangana 3.700.
Uburusiya buvuga ko iki cari mu rwego “rw’igitero rurangiza kimaze igihe kirindiriwe” mu ntara ya Donetsk, cabaye ku wa Mungu no ku wa mbere .
Ku wa mbere, igisirikare ca Ukraine cavuze ko ata makuru gifise y’iki gitero gikomeye kivugwa muri iyo ntara, kandi ko kidashobora kugira ico kivuze ku “makuru y’ibinyoma”.
Avugana n’ibinyamakuru vya reta, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi Sergei Shoigu yashimangiye ko ingabo ziwe zishe zongera zikomeretsa abanya-Ukraine 3.715 muri ico gitero, zongera zisambura n’ibikoresho vya gisirikare biharurwa muri mirongo.
Shoigu yavuze ati: "Ibitero vyarapfuvye. Umwansi yarahagaritswe. Abasirikare n’intwazangabo z’Uburusiya barerekanye ubutwari muri izo ntambara”.
Yongerako y’uko abasirikare 71 b’Uburusiya bapfiriye muri iyo ntambra.
Ariko, Prigozhin yaciye yihutira kwamirira kure ibivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ku mugoroba wo ku wa mbere, avuga ko ibi bivugwa vyoba ari intambwe idasanzwe yofatwa ko ari "ubwicanyi".
"Rero nibaza ko ibi ari irementanya", niko yanditse kuri Telegram. Yagirije kandi ingabo z’Uburusiya ko “buke buke” ziriko zirava mu kigwati ca Berkhivka ku nkengera za Bakhmut, akavuga ko ari “ibiterasoni”.
Moscou irahakana ibivugwa na Prigozhin mw’itangazo ry’ejo ku wa kabiri. Ivuga ko ivyo avuga “bitajanye n’uko ibintu bimeze” inashimangira ko inkengera za Bakhmut zikiri mu minwe y’Uburusiya.
Abategetsi ba Kyiv baremera ko ubu hari “ibikorwa vyo gutera” mu bice bimwe bimwe vy’igihugu, nayo ejo ku wa kabiri umutegetsi wa Amerika yabwiye ikinyamakuru CBS News co muri Amerika gikorana na BBC ko mu vy’ukuri igitero ca Ukraine co kwivuna kikiri mu ntango, ariko ko ibikorwa nyezina bitaratangura.
Ku wa mbere, icegera c’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi Hanna Maliar yavuze ko hari ibitero bitoya vyo kwivuna umwansi vyatanguye mu micungararo y’igisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko, igisagara avuga ko ari “ishingiro ry’urugamba”.
Mu butumwa bwa videwo bwo ku wa mbere, Perezida Volodymyr Zelensky yashimiye abarwanyi ba Ukraine batanze "inkuru twari twiteze" mu ntara ya Bakhmut.
Bakhmut imaze amezi atari make ari urubuga rw’intambara zikomeye.
Abarwanyi ba Prigozhin baragize uruhara rudasanzwe mu ntambara ya Bakhmut, kandi yamye anegura abategetsi b’Uburusiya yagiriza ko ata buryo bahereza abarwanyi biwe bari ku rwasiro.
Ariko mu mpera z’ukwa gatanu, yavuze ko ingabo ziwe zariko zirava muri ico gisagara kugira ngo bagishikirize igisirikare c’Uburusiya.
Avugwa ko afise intumbero ziwe za poritike, kandi ko intego z’ingabo ziwe zamye zitandukanye n’iz’igisirikare, ivyatumye haba icuka kibi hagati y’izi mpande.
Ku wa mbere, uyu murwi witwara gisirikare wavuze ko wahagaritse umusirikare w’Uburusiya yagirijwe ko yugururiye umucanwa ku modoka ya Wagner muri Ukraine.
Muri videwo yasohowe n’uyu murwi, uyu musirikare yavuze ko yakoze ibi abitumwe n’akaborerwe, kandi ko yarashe kubera urwanko afitiye Wagner.










