Abahinga baragerageza imiti mishasha ya malaria ku mibu kugira ntiyanduze abantu

Imibu ibiri mito ituruka muri Afrika ihagaze ku rutoke rw'umuntu

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, James Gallagher and Philippa Roxby
    • Igikorwa, Health and science correspondent

Imibu ikwiye guhabwa imiti ya malaria yo kwica imigera itarayikwiragiza mu bantu, nk'uko abashakashatsi bo muri Amerika babivuga.

Umugera utera malaria, uhitana ubuzima bw'abantu bagera ku 600,000 buri mwaka - na cane cane abana - ukwiragizwa n'imibu y'ingore iyo inunuje amaraso.

Utwigoro turiko turakorwa ubu turi mu gushaka kwica imibu hakoreshejwe imiti y'ubumara yica udukoko duto duto izwi nka 'insecticide' aho kugerageza kwica iyo migera iba iri muri iyo mibu.

Ariko hari umugwi wo muri kaminuza ya Harvard watoye imiti ishobora kwica umugera wa malaria mu mibu iyo icishijwe mu maguru [y'iyo mibu]. Gukoresha umusegetera/inzitiramibu uba wasizwemwo uyo muti bishobora kuba inyishu y'igihe kirekire yo kwirinda malaria.

Kuryama mu musegetera vyaragaragaye ko biri mu nzira za mbere nziza zo kwirinda malaria, na burya imibu itera malaria iryana mw'ijoro.

Incanco zo gukingira abana baba mu turere dukarirwa na malaria nazo nyene bahanura ko zokoreshwa.

Umusegetera ukora nk'uruzitiro ku mibu kugira ntishikire abaryamye, ariko kandi ukongera ukabika umuti ushobora kwica imibu iyo iguye kuri uwo musegetera.

Ariko imibu yaramaze kumenyera bene iyo miti itegwa mu misegetera ku buryo ataco ikimaze ku mibu yo mu bihugu bimwe bimwe nk'uko yahora ifasha kera.

Dr Alexandra Probst, wo muri kaminuza ya Havard agira ati: "Ntitwari bwigere tugerageza kwicira malaria mu mibu, ahubwo twica imibu ubwayo."

Ariko rero, ubwo buryo bwo kwica imibu vyaragaragaye ko 'butagishobora kuyigabanya (malaria)'.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abashakashatsi bihweje uduce ntangakamere DNA / ADN tw'umugera wa malaria, kugirango barabe aho bowufatira horoshe mu gihe uteye imibu.

Bafashe urutonde rurerure rw'imiti bararugabanya mu kugenda bayigerageza ku mibu gushika aho basigarana 22. Iyi miti yapimwe igihe imibu y'ingore yagaburirwa amaraso yatewe umugera wa malaria.

Mu nkuru yabo yaciye mu kinyamakuru Nature, abashakashatsi bavuga ku miti ibiri yakoze naza kurusha iyindi, yishe uwo mugera ku rugero rwa 100%

Iyo miti yasizwe ku bimeze nk'umusegetera/inzitiramibu.

"N'ubwo imibu ishobora gukira iguye ku musegetera usize umuti, umugera wa malaria uri muri iyo mibu wowo urapfa, gutyo rero ntuheza ngo ushobore gukwiragiza malaria mu bantu" - niko Dr Probst avuga.

Agira kandi ati: "Jewe ndibaza ko iki ari ikintu ciza mu kurwanya malaria, kuko ni inzira nshasha yo kwirinda imibu ubwayo."

Avuga ko imigera itera malaria bizogora ko ihangara imiti kuko iba ari nka miliyaridi nyinshi muri buri muntu yanduye, ariko akaba ari nk'itanu gusa muri buri mubu.

Abashakashatsi bavuga ko uwo muti kandi iyo usizwe ku musegetera ushobora kugumako ugakora umwaka wose, ibizotuma uzimbuka kuruta ubundi buryo bwari busanzwe bukoreshwa mu kwica imibu ubwayo.

Ubu buryo bwarageragejwe muri laboratware. Intambwe ikurikira iteganywa kubera muri Ethiopia, kugirango barabe ko kuwushira ku musegetera navyo bikunda neza nk'uko vyabonetse mw'igerageza.

Bizofata imyaka igera kuri itandatu imbere y'uko barangiza ubushakashatsi bwose kugirango bamenye neza nimba ubu buryo buzokora.

Ariko intumbero nyamukuru ni ukuronka imisegetera isize imiti yica malaria iri mu mubu, n'iyica umubu ubwawo, kugirango nimba umubu ubwawo udapfuye, umugera wa malaria wo muri uwo mubu upfe. N'ukuvuga ko umuti umwe udakoze hazokora uwundi.