U Burundi na DRC mu bihugu 12 by'Afurika byahawe urukingo rwa malaria

Umwana urimo urakingirwa malaria muri Kenya mur 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uru rukingo rutangwa muri doze 4, kuva umwana afite amezi 5 kugeza ku myaka 2
    • Umwanditsi, Dorcas Wangira
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Doze miliyoni 18 z'urukingo rwa mbere rwa malaria, ruzwi nka RTS,S, zahawe ibihugu 12 byo muri Afurika – birimo u Burundi na Repubulika ya Demokarasi ya Congo – mu gihe cy'imyaka ibiri iri imbere.

Ibihugu nibura 28 byo muri Afurika byari byavuze ko bishaka urwo rukingo rwa malaria, ariko 14 gusa ni byo byandikiye umuryango wo gusaraganya inkingo ku isi witwa Gavi birusaba.

Ghana, Malawi na Kenya ni byo bya mbere bizabona izo doze mu mezi atatu ya nyuma y'uyu mwaka.

Hafi buri munota umwe muri Afurika, umwana utarageza ku myaka 5 yicwa na malaria.

Abacyeneye kuri izo doze za mbere miliyoni 18 zatanzwe z'urukingo rwa RTS,S ni benshi ku kigero kirenze izo nkingo.

Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO), Gavi n'abandi bafatanyabikorwa, bavuze ko mu kurutanga bashingiye ku bihugu birucyeneye cyane, aho rushobora gukora impinduka nini ndetse no ku gushyira mu gaciro.

Malawi, Ghana na Kenya, byari byaramaze gutanga inkingo mu cyiciro cy'igerageza ku bana nibura miliyoni 1.7, byahawe doze miliyoni 6.9 z'inkingo.

Ku nshuro ya mbere, ibihugu umunani – u Burundi, Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Uganda, Bénin, Burkina Faso, Cameroun, Liberia na Sierra Leone – bizatangira gutanga urukingo rwa malaria muri gahunda zabyo zisanzweho.

Niger na yo hari igice cy'inkingo izahabwa.

Ariko Mozambique na Sudan nta doze z'inkingo bizabona, bitewe n'ikigero kiri hejuru muri ibyo bihugu by'abacikiriza inkingo ntibakomeze kuzifata.

RTS,S ni rwo rukingo rwa mbere rwemewe gukoreshwa mu kwirinda malaria mu bana bo mu bice birangwamo ubwandu bwo kuva ku kigero cyo hagati na hagati kugeza ku kigero cyo hejuru.

Rutangwa muri doze 4, kuva umwana afite amezi 5 kugeza ku myaka 2. OMS ivuga ko uru rukingo rushobora kurokora ubuzima bw'umwana 1 muri buri bana 200 baruhawe.