Malaria: Gerard Niyondiko arizigiye ko OMS/WHO izokwemeza amavuta ye yirukana imibu

Gerard Niyondiko (i bubamfu) avuga ko aya mavuta Maïa akinga imibu hagati y'amasaha umunani n'amasaha icenda iyo umuntu ayisize

Ahavuye isanamu, FASO SOAP

Insiguro y'isanamu, Gerard Niyondiko (i bubamfu) avuga ko aya mavuta Maïa akinga imibu hagati y'amasaha umunani n'amasaha icenda iyo umuntu ayisize

Gerard Niyondiko, umurundi aba muri Burkina Faso yinjiye ku rutonde rw'abitangiye kurwanya umubu utera malaria akoresheje amavuta yo kwisiga yise Maïa, amavuta ariko ataremerwa na OMS/WHO.

Mu gihe amakungu yari aramutse ahimbaza umusi wahariwe kurwanya malaria kw'isi, Niyondiko yabwiye BBC ko we na bagenziwe batoye amavuta umuntu yisiga amukingira umubu igihe kirenga amasaha arenga umunani.

Icegeranyo c'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO cerekana ko mu 2020 abantu bababa imiriyoni 241 bwarwaye malaria, hamwe na miliyoni 228 mu mwaka uheze wa 2021, abenshi muri bo bakaba bari ku mugabane wa Afrika.

Malaria ni indwara iterwa n'umubu w'ingore, uzwi nka anopheles. Hari uburyo butandukanye bwo kwirinda uwu mubu, burimwo gukoresha inzitiramibu n'ibindi.

Niyondiko, avuga ko gushika ubu OMS "itarigera yemeza amavuta ayo ari yo yose canke ikintu cirukana imibu bijanye n'amavuta abantu bisiga gifise uburenganzira bwa OMS gushika ubu".

Hagati aho, avuga ko we na bagenzi we bari kumwe muri uwo mugambi bakoze ubushakashatsi bwerekanye ko aya mavuta akora neza kandi ko ata ngaruka afise kubayakoresha.

Ati: "Twarakoze ubushakashatsi muri Burfina Faso be no muri Tanzania aho ayo mavuta bayasuzumye, ibi bikerekana y'uko afise ububasha bwo kwirukana imibu iyo umuntu ayisize hagati y'amasaha umunani na cenda".

Avuga ko babandanya bakorana na OMS, bakayishikiriza ivyo babandanya bakora vyose, akizera ko bitebe bitebuke iri shirahamwe rizokwemeza aya mavuta kuko bakora bisunga ibisabwa n'iri shirahamwe.

MAÏA

Ahavuye isanamu, MAÏA Africa/Facebook

Mu Burundi, malaria iri mu ndwara za mbere zihitana abatari bake.

Ikinyamakuru gitangaza amakuru y'ubutabazi, Relief web, gisubiramwo ibiri mu cegeranyo c'Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi kivuga ko gushika muri Kigarama 2021, abantu bababa imiriyoni 5,7 ari bo banduye malaria ku banyagihugu bose barenga imiroyini 12,6.

Ivyo biharuro vyerekana ko ibitigiri vy'abayirwaye vyaduze ugereranije n'umwaka w'imbere y'aho wa 2020, aho abantu bababa imiriyoni 4,4 ari bo bamenyekanye ko bayirwaye.

N'aho biri uko, ibiharuro vy'abahitanywe na malaria vyaramanutse ugereranije na 2020, aho gushika ku wa 12/12/2021, abashika1.519 ari bo bapfuye, ibi bikerekana ko abajejwe ubuvuzi bakoze bigashimwa.

Mu butumwa bwiwe mu guhimbaza uwo musi, Dr Matshidiso Moeti aserukira OMS muri Afrika yavuze ko malaria ikiri akaga gakomeye ku magara y'abantu kandi ko ibangamiye iterambere.

Atera akamo ibihugu vyose birangwamwo malaria gukorana n'amashirahamwe ajejwe iterambere kugira ngo bishobore gutuza burundu iyi ndwara.