Ginette Karirekinyana yiyemeje kurwanya malaria akoresheje uburyo kama

Malaria ni indwara ibangamiye ibihugu bikenye, ikaba iharurwa mu ntambanyi zibangamira iterambere rirama. Ginette Karirekinyana yemeza y'uko ishoboka gutuzwa burundu hakoreshejwe uburyo kama.
Icegeranyo c'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu OMS mu kwezi kw'icumi uno mwaka, kivuga ko kuva mu kwezi kwa mbere gushika ku wa 20 z'ukwezi kw'icumi 2019, abantu barenga imiliyoni indwi baranduye malaria, abashika 2691 nabo irabahitana.
Umupfasoni Karirekinyana yabwiye BBC ko yatanguje umugambi wo gukinga iyo ndwara akoresheje ivyo yita ivyatsi, ahinguramwo ibintu bitandukanye bikoreshwa mu kwirinda kuribwa n'imibu.
Hagati aho, abona ko hakiri intambwe kugira Abarundi bose bawumve.
Arongoye ishirahamwe ACECI (Agence Consultative en Ethique de la Coopération Internationale) rihingura ivyo vyatsi, akaba yanashinze ishirahamwe yise Karire Products mu 2016 ryo gukwiragiza ivyo ahingura.
Umupfasoni Karirekinyana avuga ko yatanguje umugambi wiwe kubera yababajwe n'ukubona malaria yama ibica bigacika muri Afrika, mbere mu Burundi hoho ikaboneka nk'akaranda.
Kubw'iwe , "nimba malaria ari ingorane ya Afrika, ibihugu vya Afrika vyo nyene ubwavyo bitegerezwa kuyironderera umuti".
Ati: "Nico catumye kuva mu myaka ya 2007 gushika 2010 nguma niyumvira icokorwa kugira ngo twirinde malaria, atari ugukiza gusa, ahubwo kuyirinda", ico gihe akaba yari muri Canada.
Avuga y'uko ubushakashatsi bwerekanye ko hariho ibiti vyinshi bishobora kuvamwo imiti ya malaria, canke bigahingurwa kugira ngo havemwo ibintu bitari bike bishobora gukoreshwa mu kwikingira kuribwa n'imibu, iyo nayo ikaba ariyo itera iyo ndwara.
Mu mwaka wa 2010, niho yafata ingingo yo gutanguza mu Burundi umugambi yise "Bayi bayi malaria" umugambi w'ukurima ivyatsi, cataria na Artemisia, yazanye mu gihugu abikuye muri Canada, mu ntumbero yo kurwanya malaria.
Umugambi wiwe wagiye kwemererwa mu Burundi mu 2011, aho umukuru w'igihugu ubwiwe ari we yawuguruye, hari ku wa 25 z'ukwa kane, umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya malaria.
Avuga ko intumbero yiwe ari ugufasha kurwanya iyo ndwara burundu kuko yasanze abadandaza imiti ya malaria bobo badashira imbere ineza y'umuntu, ahubwo bishakira inyungu mu rudandaza rwabo.
Ati : "Turavye abaza kugurisha imiti ya malaria mu Burundi, abenshi ntibaza bashaka gukiza canke gutuza iyo ndwara, ahubwo baza bashaka kugurisha imiti yabo n'ukwironderera ubutunzi".

Ahavuye isanamu, @karireproducts
Mu mugambi wiwe, Karirekinyana avuga ko ashira imbere gukinga malaria akongera akanaha ubumenyi umunyagihugu buzomufasha kwikingira, ari naco gituma akwiragiza ivyo vyatsi mu gihugu cose.
Muri ivyo vyatsi cataria na Artemisia, nk'uko we nyene avyita, arahinguramwo amasabuni be n'ubwoko bwinshi bw'amavuta yo kwisiga kugira ntibaribwe n'imibu.
Arahinguramwo kandi n' ingaburo be n'inyobwa 'tisane'inyobwa nk'icayi, vyose bikoreshwa mu kurwanya malaria.
Karirekinyana avuga ko amaze imyaka itari mike yigisha abanyagihugu uyo mugambi, akemeza ko abatari bake bamaze gusezera iyo ndwara.
"Iyo nyigisho barayakiriye kandi abantu badukurikiye bagakurikirana inyigisho zacu kuva mu 2011, baza barategereye y'uko malaria itari ikwiye kwitwa ikiza, ahubwo ko bashobora kuyirinda".
N'ubwo biri uko, malaria iguma ari ikiza
Karirekinyana avuga ko mu Burundi hakiri ibintu vyinshi vy'ugukora kugira ngo abanyagihugu banyurwe n'uko malaria idategerezwa kuba ikiza.
Avuga ko malaria ibandanya iba ikiza kubera y'uko leta itarashiramwo inguvu zayo, n'aho ishigikiye uwo mugambi n'ivyo ukora.
Ati: "Gushika ubu irashigikiye uwo mugambi, mugabo ntirashobora kuza ngo dushire inguvu hamwe. Muri ico gihe rero, biragora y'uko twebwe nk'ishirahamwe rikiri ritoya n'uburyo butoya dushikira abanyagihugu bose".
"Iyaba leta yari imaze kugira rwayo uwo mugambi, jewe novuga y'uko mu myaka itanu twoba tumaze gusezera malaria mu Burundi".
Hagati aho, umugambi ntubonwa neza n'abahingura imiti
Avuga ko uwo mugambi udashobora kubonwa neza n'amashirahamwe makuru makuru asanzwe akorana n'amahinguriro makuru makuru nyene kw'isi ahingura imiti.
Karirekinyana avuga ati: "Abo ni abantu batarabona y'uko umuntu ariwe ashirwa imbere canke kurwanira, ni amashirahamwe ashira imbere inyungu".

Ahavuye isanamu, @karireproducts
"Muca mwumva ko umugambi wo gutuza malaria udashobora kwakirwa kubera woba uje kubakura amata mu kanwa".
"Abo rero nibo ntambamyi ku Burundi no kuri Afrika mu mugambi wo kurwanya indwara nka malaria".
Avuga ko muri ayo mashirahamwe hari ayamaze kwumva umugambi wiwe kandi ko yagerageje kumurwanya ariko ko yashoboye kurinda akibandaniriza intumbero yiwe.
"Hagira hahere imyaka cumi dutanguye uwo mugambi, twarahanganye n'ibitari bike".
Kubwiwe "malaria turashobora kuyisezera dukoresheje ivyo biti n'ivyo vyatsi. Ikiriho ni uko abantu batotinya ayo mahinguriro canke amashirahamwe mpuzamakungu usanga kenshi afise inguvu zirengeye iz'ibihugu".
Gushika ubu Ginette Karirekinyana akorera mu ntara za Bujumbura na Gitega,ariko intego yiwe ikaba ari uko igihugu cose kimenya uwo mugambi.










