OMS/WHO ivuga ko intambara yo kurwanya malaria itava aho iri

Umubu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Utwigoro two kugwanya iyo ngwara iterwa n'imibu tugenda tuburizwamwo n'ingene iyo ngwara itakivurwa n'imiti imwe imwe.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS riragabisha ko ata ntambwe iraterwa mu ntambara yo kurwanya malaria.

Mu cegeranyo c'umwaka kuri iyo ndwara, iryo shirahamwe rivuga ko ibitigiri vy'abayirwaye n'abamaze gupfa atacahindutse muri iyi myaka ibiri iheze, bikaba bitandukanye n'ingene vyari vyakorotse bitangaje twinjira muri iki kinjana.

Malaria yica abantu 400.000 buri mwaka, benshi muri bo bakaba ari abo musi y'ubugaragwa bwa Sahara muri Afrika.

Hari ubwoba ko imfashanyo mu migambi yo kurwanya malaria zizogabanuka kubera amarorerwa ikiza ca coronavirus kiriko kirakora.

Utwigoro two kurwanya iyo ndwara iterwa n'imibu kandi tugenda tuburizwamwo n'ingene iyo ndwara itakivurwa n'imiti imwe imwe.

Icegeranyo c'igisata ca ONU kijejwe ubutabazi, OCHA co mu 2019, kivuga ko abantu imiliyoni zitanu n'ibice indwi banduye malariya muri uwo mwaka mu Burundi, igitigiri kingana hafi igice c'abanyagihugu bose bo muri ico gihugu.

Muri abo bantu bose, abangana 1801 barahitanywe n'iyo ndwara iterwa n'umubu kuva mu kwezi kwa mbere gushika ku wa 21 ukwezi kw'indwi mu 2019.