Malaria imaze guhitana abantu 1800 uno mwaka mu Burundi

Malaria

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Malaria mu Burundi imaze kwica abangana n'abo Ebola yishe muri Kongo kuva mu kwezi kwa munani gushize

Malariya imaze guhitana abantu barenga 1800 mu Burundi uno mwaka, igitigiri kingana hafi nico abamaze guhitanwa n'ikiza ca Ebola muri Repubulkika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, nk'uko bivugwa n'igisata ca ONU kijejwe ubutabazi, OCHA.

Mu cegeranyo giherutse, OCHA ivuga ko abantu imiliyoni zitanu n'ibice indwi banduye malariya muri uno mwaka mu Burundi, igitigiri kingana hafi igice c'abanyagihugu bose muri ico gihugu.

Muri abo bantu bose, abangana 1801 barahitanywe n'iyo ndwara iterwa n'umubu kuva mu kwezi kwa mbere gushika ku wa 21 z'ukw'indwi.

Leta y'Uburundi ntiratangaza niba iyo ndwara ari ikiza, n'aho OCHA yoyo yemeza ko mu kwezi kwa gatanu ibitigiri vyarengeye ibisanzwe bifatirwako kugira indwara ifatwe nk'ikiza.

Ikinyamakuru ca OCHA gisohoka ku ndwi ku ndwi ku vyerekeye ubutabazi, kivuga kiti: "Integuro y'igihugu y'uguhangana n'ikiza ca malaria, isanzwe iriko irigwa, irerekana ko hari ikena ry'abakozi, uburyo n'amafaranga".

"Abegwa n'iki kibazo bose, harimwo abategetsi b'igihugu n'amashirahamwe, basabwa kwegeranya ibisabwa vyose kugira ngo hatorwe inyishu ikomeye kuri iki kibazo amazi atararenga inkombe".

OCHA ivuga ko kubona ata ngingo z'ugukinga zifatwa nk'ugukoresha imisegetera, ihindagurika ry'ibirere hamwe n'uruja n'uruza rw'abantu badakingiwe rwiyongereye, biri mu bituma iyo ndwara yiyongera.

Umwe mu bategetsi ba OCHA yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko "ingingo y'ugutangaza ikiza ari ingingo yega leta y'Uburundi nk'igihugu cigenga".

Mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka, OCHA yamenyesheje ko igitigiri c'uburere bw'ubuvuzi aho malariya igenda iba nk'ikiza ciyongereye mu kwezi kwa gatanu, aho cashitse ku burere 33 kuri 46.

OCHA ivuga ko malaria yiyongereye ku bice 164 kw'ijana (164%) ku ndwi igira 29 y'umwaka wa 2019 ugereranije n'indwi ya 29 y'umwaka uheze wa 2018.

Mu kwezi kwa gatatu kw'umwaka wa 2017, leta yaratangaje malariya nk'ikiza igihe abantu umuliyoni n'ibihumbi 800 bari bamaze kwandura iyo ndwara, abandi nabo 700 irabahitana, ariko ubu ntirafata ingingo nk'iyo.