Onu ivuga ko ibihugu vyasubiye hasi mu kugwanya malariya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisata ca ONU kijejwe amagara y'abantu, OMS, kiragabisha ko ibihugu vyadebukiwe mu kugwanya malariya, ngo bukaba bubaye ubwa mbere vyibonekeza muri ino myaka cumi.
Mu guhimbaza umunsi wahariwe ingwara ya malariya kw'isi, OMS isaba ibihugu bigwiriyemwo malariya kugwiza ubwira mu gukinga no kuvura iyo ndwara.
Mu bitigiri vya nyuma, malariya ngo yahitanye ubuzima bw'abantu hafi inusu y'umuliyoni mu 2016, benshi mu bapfuye ngo bakaba baba mu karere ka Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara.
Kuva mu 2000 gushika mu 2015, bivugwa ko habaye utwigoro twinshi mu kugwanya malaria, impfu ziragabanuka ku bice 48%.
Mu 2016 ngo vyaciye bihagarara, insiguro ngo kukaba ari uko imibu imaze kumenyera imiti ipompwa mu misegetera.
Ikindi ngo coba carabitumye, ngo nuko amavuriro atagishobora guhangana n'iyo ndwara hamwe n'ibura ry'abatanga uburyo.
Mu gihugu ca Venezuela gisanzwe kiri mu ngorane z'ubutunzi, igitigiri c'abafashwe na malariya ngo ciyongeye 400 000 mu 2017, ni kuvuga 69% ku mwaka waheruka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
OMS isaba ibihugu kudafata minenengwe ingwara ya malariya.
Mu gihe abafatwa bashobora gushika imiliyoni 200 kw'isi, iyo ndwara ngo iragira ingaruka zikomeye ku miryango, abanyagihugu no ku butunzi.
Mu guhasha malariya, ni kuyiharira ikigega no kwiga uburyo bushasha bwo kuyirinda no kuyivura.










