Umunyamabanki Oleg Tinkov yiyambuye ubwenegihugu bwa Russia kubera intambara ya Ukraine

Umukire ruhebwa atunze ibanki, Oleg Tinkov, yiyambuye ubwenegihugu bw’Uburusiya kubera intambara yo muri Ukraine, aca yiyamiriza “n’ubutegetsi bw’agahotoro bwa Putin”.

Tinkov yatanguje ibanki Tinkoff Bank ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, ikaba ari imwe mu mabanki atanga ingurane nini, ifise n’abakiriya bababa imiriyoni 20.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Instagram, avuga ati: "Sinshobora kandi sinzokwifatanya n’igihugu c’intwaro y’agahotoro catanguje intambara n’umubanyi waco yitekerereje”.

Ni abatunzi bake b’Uburusiya banegura ku mugaragaro igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.

Giciye ku rubuga rwa Twitter, ikinyamakuru cigenga co mu Burusiya, Sota Vision, casohoye urupapuro rw’ubwenegihugu rwafuswe rwa Tinkov, hamwe n’ijambo ryiwe ryo kuri Instagram yiyamiriza Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya. Ariko, ubu butumwa busa n’uko bwakuwe kuri konte yiwe.

Uyu munyamabanki avuga ati: "Ni ibiterasoni kuri jewe kubandanya mfise iki gitabo ndangamuntu”.

Avugwa ko aba i Londres, ariko akaba yarafatiwe ibihano n’Ubwongereza, nk’uko bimeze ku bandi batunzi bakuru bakuru batari bake b’Uburusiya.

Tinkov ati: "Ndizeye ko n’abandi barwizatunga b’Uburusiya batari bake bazonkurikira, kugira ngo ubutegetsi bwa Putin n’ubutunzi bwiwe bicike intege, vyongere bimutume atsindwa”.

Abandanya auga ati: "Ndanka Uburusiya bwa Putin, ariko ndakunda Abarusiya barwanya iyi ntambara y’ubujuju”.

Mu kwa kane, Tinkov yariyamirije Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) mu majambo akomeye cane, mu kwiyamiriza ico yise ubutegetsi bushingiye kuri ka mwana wa mama n’ubucakara.

Yavuze ati: "Abategetsi ba Kremlin barababajwe n’uko, uretse bo ubwabo, n’abana babo batazoshobora gutembera kuri Méditerranée mu ci.

"Abarwizatunga bariko baragerageza kuziganya udusigaye mu matungo yabo”.

Mu bihano we n’abandi barwizatunga bakuru bakuru bafatiwe harimwo kwankirwa gukora ingendo, gufatira amatungo, indege n’amato vyabo.

Inguvu za poritike na gisirikare za Perezida Putin zihagaze cane ku mfashanyo y’abatunzi ruhebwa, begeranije amatungo bishimikije ubucuti bafitaniye na Kremlin.

Mu kwa kane kandi, Tinkov yagurishije umutahe w’umuryango wiwe ungana na 35% mw’ikompanyi yashinze - TCS Group Holding - ifise icicaro muri Chypre/Cyprus.

Uwawuguze ni umwe mu bagabo batunze cane mu Burusiya, Vladimir Potanin, umukuru w’ikompanyi yimba ubutare Norilsk Nickel.

Ibinyamakuru bivuga ko uwundi munyamabanki, Nikolay Storonsky, na we nyene yiyambuye ubwenegihugu bw’Uburusiya.

Afise ubwenegihugu bw’Ubwongereza akaba yarashinze ikompanyi mu Bwongereza Revolut y’ihanahana ry’amafaranga ikoresheje ubuhinga bwa none.

Mu nkuru yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi mu ntango z’uno mwaka, yariyamirije intambara yo muri Ukraine, yerekana ubucuti afitaniye na Ukraine.