Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gupfa usaba icogufasha warabaye rurangiranwa: umubabaro n'ishavu inyuma y'upfu rwa Nandi Nyembe muri Afrika y'Epfo
- Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo
- Igikorwa, BBC News i Johannesburg
Urupfu rw'umuntu akundwa cane ubundi rukurikirwa no kubabara no kumugandarira, ariko muri Afrika y'Epfo urupfu rw'umukinyi w'ivyese n'ama sinema, Nandi Nyembe ku myaka 75, rwavyuye ishavu ryinshi mu gihugu.
Abantu barababajwe cane kubona mu mezi yiwe ya nyuma uwo mugore vyari bizwi ko arwaye yageze aho agaragara mu ma video ariko arasaba uwomuterera amafaranga.
Yicaye mu ntebe y'abadashobora kwigendera, n'imvi zibenje, yambaye agapira koroshe n'ipantaro yo kuryamana, yavuze ko adakunda ko abantu bamwumvira ikigongwe, ariko ko akeneye amafaranga yo kugura ivya nkenerwa vy'ibanze. Ico yifuza cane kwari uko yoronka akandi kazi kenshi kugira aronke uburyo bwo kwifasha wenyene.
Ivyo vyari bitandukanye cane n'amashusho yiwe rurangiranwa ku mboneshakure no mu ma sinema.
Nk'umwe mu bakinyi b'imbere mu nkurikirane z'ibiganiro ku mboneshakuru mu myaka mirongo ya vuba, isura yiwe yari yaramenyerewe mu mazu yo muri Afrika y'Epfo aho atasiba kuboneka buri yinga.
Uwo bita mu cubahiro mam'Nandi, kuri bamwe urupfu rwiwe rwabaye nko kubura incuti ya hafi.
Mu butumwa basohoreye hamwe, reta n'umuryango bavuze ko yari ''umushasha wo kubara inkuru mu banya-Afrika y'Epfo''.
Yari ''arenze kuba umukinyi'' ariko kandi akaba n'umwigisha n'umurongozi ''yasenyura inzitizi'' kandi ''ajabera icitegererezo abakinyi bakiri bato mu bigwati n'ibisagara kugira barote bashika kure y'ivyo baba bahambije ako kanya''.
Kubera ico gihagararo, uko yabonetse mu minsi yiwe ya nyuma vyarashegeshe gusumba.
Urupfu rwiwe, inyuma yo kurwara igihe kirekire, rwavyuye impari z'uko atakiramira (atagishigikira) abanyatugenegene (abahanzi) muri Afrika y'Epfo batagishobora gukora rwongera ruserura ayo benshi bagorwa iyo batakija ahabona.
Iyo bahawe amafaranga ku cese canke isinema bagaragayemwo ubwa mbere, abakinyi muri Afrika y'Epfo nta yandi mafaranga basubira kuja barahabwa igihe cose ivyo bakinye biba biriko birakoreshwa.
Bakoreshwa nk'abanyakiraka, gutyo bakaba bataronka akunguko na kamwe gashobora kuvamwo - nk'amafaranga yo mu zabukuru(pesnion) canke kuvuzwa - ibironswa abandi bakozi.
Ivyo bisigura ko ''umukinyi wese ariko arakora muri iki gihugu muri iki gihe ari ku nzira aja ahagiye mam'Nandi,'' niko Jack Devnarian, umukuru w'ishirahamwe ry'abakinyi b'ivyese n'amasinema muri Afrika y'Epfo (Saga) yabwiye BBC.
Yavuze ko vyari bibabaje kubona ayagowe Nyembe muri izo video za nyuma, uzi ko ''ivyo bitari bigiye kurangira neza''.
''Kuko kuri iyi si nta bugiraneza buhari buzotorera inyishu ikibazo c'ingene ibintu bituganijwe mu gisata c'abanyatugenegene.''
We nyene nk'umukinyi w'utugenegene, Devnarain aribuka imyaka ininahaye ya Nyembe, avuga ingene ''yamwakiriye neza n'igishika'' igihe yari akiri umunyatugenegene akiri muto.
Nyembe yavutse mu 1950, avukira i Kliptown, agace ka kera kurusha utundi muri Soweto mu nkengera za Johannesburg. Nyina yari umukinyi w'utugenegene n'umutamvyi se nawe akaba umutezi w'ingumu (boxeur/boxer) nk'uko biri mu yandiko yo kuri internet Actor Spaces.
Yatanguye gukina mu myaka ya 70 mu gihe apartheid yari ikomeye cane, aho reta yakora ivangura yishimikije amategeko.
Ku mahirwe make Abirabure baronka ico gihe, igihe cose Nyembe yakina yahabwa uruhara ruto cane. Yabwiye ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo Bona mu 2017 ati: ''Ubusumbane n'agacinyizo vyaranshavuje nca ntangura gukina ivyese vy'imyiyerekano.''
N'aho inzira itari yoroshe yahavuye ashika aho yubaka izina ryiwe, ubwa mbere mu vyese hanyuma mu dukino n'amasinema vyo ku television mu myaka ya 1990.
Hamwe mu ho yamenyekanye cane mu gakino kuri television ni igihe yafata uruhara rw'umuforoma agendana umugera wa Sida mu gakino ko mu bitaro Soul City. Kaciye kuri television mu 1994 igihe Afrika y'Epfo yaja mu matora ya mbere ya demokarasi, kikaba kandi cari igihe abantu vyari bikibagora cane kuvuga ibijanye na Sida, yariko irarandagata mu gihugu.
Yaramenyekane kandi mu gakino Yizo Yizo, kashize ku mugaragaro ukuri kudateye amazi kw'ubuzima bwo mu bice vy'abirabure mu bisagara.
Hari na sinema yamenyekanyemwo cane yitwa Yesterday yanashizwe ku rutonde rwo guhiganirwa agashimwe ka Oscar mu 2004.
''Yariyumvamwo cane ivyo yakora... nico yari abareyeho uretse umuryango wiwe,'' vyavuzwe n'umwuzukuru wiwe, Nandi Nyembe .
Uretse gukina, amwibuka nk'umuntu yama yiteguriye gufasha abandi mu kibano kandi ''nk'inkingi y'umuryango'' kandi ''nk'uruti rw'umugongo'' rwabo.
Yaragarutse kuri izo video zarabwe cane aremera ko Nyembe mu minsi ya nyuma vyamugoye cane imbere y'uko yongerako ko umuryango wamufashihe uko washoboye kwose.
Ishirahamwe ry'abanyatugenegene riri ku rugamba rwo kurondera ko hoba impinduka zotuma ata wundi ashikirwa n'ibisa n'ivyashikiye Nyembe.
Integuro z'amategeko zibiri zararungitswe mu nama nshingamateka mu 2017 zigamije guha abakinyi b'utugenegene -ubwa mbere muri kahise ka Afrika y'Epfo - ''uburenganzira bwo kuja bararonka amafaranga avuye ku vyo bakinye'', ku bwa Devnarain.
Inyuma yo kugenda agaruka, amaherezo yarashitse ku biro vya prezida Cyril Ramaphosa mu 2024 kugira ayashireko umukono.
Ariko kuva ico gihe yaciye ayarungika muri sentare y'ibwirizwa shingiro ku makenga ko yashobora kugira ingaruka ku ngingo zimwe zimwe zo mw'ibwirizwa shingiro mu gushiraho ingingo zo gusubira inyuma mu kwubahiriza uburenganzira bw'igikorwa mvabwenge c'umuntu (droit d'auteur/copyright).
Ivyo vyatumye abakinyi b'utugenegene baguma uko bahora.
Mu mugirwa wo gusezera i Johannesburg ku wa kane, umukinyi Lerato Mvelase nawe yararakariye reta kuba ata kinini ifasha abakinyi atari ''akavyino ko guhoza abana''.
''Tuzobandanya gushika ryari kwumva ya majambo nyene? Tuzobannya gushika ryari kutaronka indinganizo zo gukingira twebwe abakinyi?'' niko yabajije.
Ariko umushikiranganji w'imico Gayton McKenzie, adakunda guheranwa, yasubije abanegura reta, avuga ko ubwiwe yafashije mu bihe bigoye vya Nyembe akiri muzima kandi ko reta yafashije umuryango kandi ko yarishe amaziko yo ku wa gatandatu.
''Turiko turakora ijoro n'umurango kugira ibintu bihinduke ku banyatugenegene, vuba bazoronka ubwishingizi bwo gushingura uwapfuye, kuvuzwa mu bitaro n'uko abana babo bobandanya guhabwa amafaranga. Vy'ukuri turitayeho guhindura ubuzima bwabo'', niko yanditse kuri Facebook.
Ariko, ivyohinduka vyose ubu, ntaco vyoba bikimarira Nyembe.
Mu mugirwa wo gusezera, rurangiranwa mu gutunganya sinema Angus Gibson yarabigarutseko, avuga ingene Nyembe yamusaba akazi mu bihe bigoye.
''N'ubwo yari umukinyi w'igihangange, ntivyamukingiye amakuba'', niko yavuze.