Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ica mbere giteza ingorane Abarundi baba muri Kenya: kwinjira ata vyangombwa
"Naje kurondera ubuzima nk'abandi, ubu nkaba ntunzwe n'akazi k'icuma, ni akazi nigiye ino, naje muri Kenya ata vyo nzi", uyu ni Schadrack Rivuzimana, Umurundi asanzwe aba mu karere ka Bahati ku mugwa mukuru, Nairobi.
Ari mu Barundi baharurwa mu bihumbi cumi n'ibindi muri Kenya, aho ababarongoye bavuga ko bagabuye mu turere (antennes) dushika kuri 47 mu gihugu cose, Nairobi ikaba irimwo uturere 31.
Nta bitigiri ntabanduka bizwi, ariko umukuru wa 'diaspora' muri Kenya, Alexi Salahe, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko muri rusansuma ruheruka gukorwa n'ubuserukizi bw'Uburundi muri Nairobi hiyandikishije abarundi bafise kuva ku myaka 18 kuduga, bashika hafi 5400. Ariko ko ku ruhande rwa diaspora bafise igitigiri cababa ibihumbi 10.
Hagati aho, ibiharuro abo barongoye 'diaspora' bahabwa n'igisata ca Kenya kijejwe abinjira n'abasohoko vyerekana ko kuva ikiza ca corona giheze, hamaze guharurwa abarundi bashika ibihumbi 56 mu gihugu cose ca Kenya.
Abenshi batunzwe n'ukwisumamwo mu gukora udukorwa duto duto be n'urudandaza rubayabaye.
Uzungurutse mu gisagara hafi cose, ni uturere duke wogenda imetero nk'ijana udahuye n'Umurundi, uri abazunguruka amabarabara badandaza ivyo kurya nk'amandazi, ibiyoba (ikaranga), icayi n'ibindi, uri abakora mu bwubatsi(ikiyede), akazi benshi bazi nk'umujengo, uri abo bita abasoja (ni ukuvuga abazamu), abamotari, abagenda baratembereza impuzu za kombokombo n'ibindi vyinshi.
Mu ngingo shingiro z'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko (EAC), harimwo umwidegemvyo wo gutembera mu bihugu bigize uno muryango, ufise igitabo c'inzira, canke ufise karangamuntu ikwerekana ko uri umwenegihugu wa EAC, n'ubwo bitazwi neza nimba bikurikizwa uko biri.
Mu misi iheze, imbuga hwaniro zerekanye abarundi baba mu bihugu bimwe bimwe bahura n'ibibazo bitandukanye, aho nko muri Tanzania berekanywe bafashwe n'abajejwe umutekano, bagirizwa ko binjiye mu gihugu mu buryo butemewe n'amategeko.
Hagati aho, Kenya izwi nk'igihugu cugururiye imiryango abanyagihugu bava muri iri shirahamwe muri iyi ntumbero.
Aba barundi baba i Nairobi baremeza ko muri rusangi babanye neza n'abenegihugu ba Kenya, uretse ko, nk'uko bamwe bamwe babivuga, kaza karacamwo bagasanga binjiye mu bibazo ibi canke biriya.
"Atari aka kavuruma kaza karaba, rimwe na rimwe baza kudufata, twari dusanzwe tubanye neza, gusa ibi bitanguye uno mwaka", uyu ni Rivuzimana abivuga.
Ni ibihe bibazo bakunze kugira?
Benshi mu Barundi bavuganye na BBC Gahuzamiryango, baremeza ko muri utu dukorwa tw'ukwisumamwo ata ngorane bagira, mbere bakavuga ko abakenya ari abantu ata ngorane bafise.
Eka n'abanyagihugu ba Kenya mu biyago vyabo benshi barashima umubano wabo n'abarundi, bakabakundira cane cane ukungene bazi kwironderera, nubwo ata 'nyambo ibura agahonzi', nk'uko umugani w'ikirundi ubivuga, ugasanga hari ababidogera ko baje kubasita.
"Rimwe na rimwe abakenya barakunze kwidoga ko abarundi n'abandi banyamahanga baje kubatwara akazi. Ibi bituma rimwe na rimwe abarundi bashobora kwibwa, hanyuma hagize uwirwanira, ntibibe bigiharuwe ko yariko aribwa, ahubwo bigaca bivamwo ukubiyamiriza, bavuga ko badakeneye abarundi", ni ko Rivuzimana abivuga.
Eka na Devote Niyonsaba asanzwe aba ahitwa Shaurimoyo avuga ibisa n'ivyo. Yashitse muri Kenya muri Munyonyo (11) 2023 kandi gushika ubu arashima ingene abanye neza n'abanya-Kenya.
Ati: "Baravuga ko twaje kubatwara amafaranga, ko tudandaza gusumvya bo, ko tuza dufise imitahe myinshi. Bobo ni ko bavyiyumvira ariko siko bimeze, jewe siko ndabibona kuko umuntu wese aronka amafaranga kubera yayarondeye, bikavana kandi n'umugisha w'umuntu.
"Babivuga nk'inkuru, mugabo nka twe nyene nk'abantu, uciye ubwenge kandi uri mu gihugu c'abandi, uca wumva ko imbere muri we hari ikimubabaje".
Kutagira ivya ngombwa, ni kimwe mu bibazo nyamukuru
Ariko ikibazo nyamukuru, ni uko hari benshi usanga badafise ica ngombwa na kimwe kibaranga, binjira muri Kenya baciye mu nzira z'ibinywabi, nk'uko Rukuba Anatole (si ryo zina ryiwe nyaryo ku mvo z'umutekano) avyiyemerera.
Ati: "Mvugishije ukuri, twebwe koko mu gushika ngaha twaje mu nzira zitazwi, ata vyangombwa dufise.
"Tuza n'imodoka ... tuba dufise ingene tuhaza. Baradutegurira ingene tuhaza, inzira ducamwo, aho turara butwiriyeko".
Abarongoye aba barundi baba muri Kenya bavuga ko hafi ibice 80% binjira muri Kenya ata vya ngombwa bafise, bahenzwe, bakaribwa amafaranga babwiwe ko bashika baronka ubuzi. Hari na benshi baza bataranakwiza imyaka 18 y'abakuze.
"Ni ukuri aba bantu baguma bahamagara abana usanga bafise imyaka 16, 17, 18, ni rwo rugero mbona ruriko ruraza, ni babihagarike", nk'uko Joseline Ndoricimpa arongoye ababa mu gace k'ahitwa Muthurwa asemerera avuga.
Avuga ko nubwo biri uko ata murundi arirukanwa ahorwa kutagira ibimuranga. Abajejwe umutekano na bo nyene ntibatahura ukungene umuntu ava mu Burundi agashika muri Kenya ata bimuranga afise.
Joseline asaba abajejwe intwaro mu Burundi gufata mu minwe iki kibazo, cane cane bakabuza abakwegakwega abana bakiri bato.
Ati: "Turasavye n'abategetsi bacu kuva hasi gushika hejuru bahagurukire iki kibazo, birateye agahinda kubona abana bakiri bato bariko barahendwa.
"Ni ukuri ni badufashe, abana b'abarundi babaye benshi, aho uhonyoye hose uhasanga ni Umurundi, ukoze agakosa wese ukaza wumva ngo ni umurundi, bakatubwira ngo mwaje mudafise ivya ngombwa".
Ku bwa Fabrice Hatungimana, umwe mu barongoye abarundi baba muri Kenya, iyi ngorane yo kutagira ibiranga umuntu ni ikibazo gikomeye, kandi gikunze kubateza ingorane n'abajejwe umutekano.
Ni we arongoye akarere kitwa Kamukunji-Makadara kari ku mugwa mukuru Nairobi, akavuga ko ari ko ka mbere gaharurwamwo abarundi benshi gusumba utundi turere twose, kandi ari na ho abinjiye muri Kenya bashikira.
Ati: "Ni co gituma wama wumva Kamukunji hama hari ibibazo".
Hatungimana yemeza ko hafi ibice 80% vy'ibibazo bishikira abarundi baba mu karere arongoye ari uko benshi baba badafise ivya ngombwa.
Ati: "Nta misi itatu ishobora guhera ntaterefonywe n'igipolisi, bambwira ngo hari abantu banje bapfunzwe. Ngize ngo ndagiye kubagombora ngasanga nta n'umwe afise ikimuranga, aha hantu rero bica bigorana.
Ntatahura ingene bishika aho umuntu ashobora kuva mu burundi agashika muri Kenya ata ca ngombwa afise, akibaza ko kumbure bagenda batanga ibiturire ku mipaka.
Ati: "Abantu bakora ku mipaka barabe neza. None abo bantu badafise ivya ngombwa baca hehe? Baca mu kirere nk'inyoni.
"Jewe ndibuka nkiri mu Burundi, sinashobora kuva iwacu i Muramvya nja i Bujumbura ngo nshikeyo ata muntu arambaza karangamuntu, ariko ugasanga umuntu avuye mu Burundi agashika i Nairobi ata karangamuntu afise, bigenda gute?
"Ariko ugasanga nk'umuntu nta na karangamuntu afise, aba muri Nairobi".
Ku bwiwe, ikibabaje ni uko usanga mu bariko bazanwa muri Kenya benshi ari abana bakiri bato, na bo nyene badafise ivya ngombwa.
Ati: "Umusi umwe nagiye ku gituro c'imodoka ziva hagati mu ntara nsangaho imiyabaga ata muntu n'umwe ashikana imyaka 15, ni ukuri naramaramaye ndabura ingene ndabigira".
Fabrice Hatungimana asaba abajejwe uruja n'uruza ku mipaka gukora ibishoboka kugira ngo bagenzure nimba abarondera kujabuka baja hanze ko baba bafise ivya ngombwa kuko akenshi bikunze gutera ingorane.
Nubwo biri uko, na we nyene yemeza ko muri rusangi ata ngorane z'umubano bagirirana n'abenegihugu, ariko avuga ko bikunze gushika ababanyi babo b'abanya-Kenya bakabagiriza guteza umudugararo, kandi ko rimwe na rimwe batarira busema.
Ati: "Jewe mba ngaha Shaurimoyo, hasanzwe hari ububare bwinshi. Kenshi batwagiriza ko ari twebwe ba mbere turwana mu bubare, kandi ni vyo ntibatubeshera".