Uyu munyamerikakazi yemeye ko yigishije ibatayo ya IS y’abagore gusa muri Syria

Umugore w’umunyamerika yemeye ko yari arongoye ibatayo (bataillon) yari igizwe n’abagore gusa mu muhari wiyita Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/Islamic State, IS) muri Syria, kandi ko yanateguye n’ibitero ku butaka bwa Amerika.

Allison Fluke-Ekren yemeye icaha kimwe co gufasha uyu muhari, yongera yemera ko yigishije ubukozi bw’ikibi abagore n’abakobwa barenga 100.

Uyu muvyeyi akongera akaba n’umwigisha yahindutse akaba indongozi muri IS yavuye muri Amerika mu 2011, akaba yabanje gukorana n’umurwi w’iterabwoba muri Libya imbere y’uko aja muri Syria.

Mu rubanza rutegekanywa gusomwa muri Gitugutu (10), ashobora gucirirwa umunyororo wo gushika ku myaka 20.

Fluke-Ekren w’imyaka 42, yahoze yiga ivyigwa ndondabuzima (biologie) mbere akanavyigisha, yafashe urugendo rwamushikanye muri Syria kugira yinjire muri uwu muhari inyuma yo kuba mu Misiri no muri Turukiya.

Amaze gushika muri IS, yarongoye Khatiba Nusaybah, ibatayo yari igizwe n’abagore gusa yari mu cafatwa nk’umugwa mukuru Raqqa muri Syria.

Amabanga nyamukuru yiwe kwari ukwigisha abagore n’abakobwa gukoresha inkoho, kuva ku nkoho za AK-47 (Kalachnikov) n’amagerenade gushika ku mikanda y’ubwiyahuzi (suicide vests/ceintures d’explosifs), nk’uko abategetsi babivuga.

Imbere ya sentare yo muri Virginia ejo ku wa kabiri, yaremeye ko yigishije iyi batayo yari igizwe n’abagore gusa, ariko ko atigeze agerageza kwinjiza abana mu vya gisirikare.

Imboneshakure CNN imusubiramwo avuga ati: “Ntitwigeze dushaka kwigisha abakobwa bakiri bato”. Bamwe mu bagore yigishije biteze kumwagiriza mu gihe azoba arengukishijwe.

Fluke-Ekren yari azwi ku ritazirano rya Umm Mohammed al-Amriki yarabaye kandi i Mosul muri Irak inyuma y’aho iki gisagara cigaruriwe n’abarwanyi ba IS.

Nk’uko bivugwa n’abashikirizamanza, umwe mu bo yigisha avuga urwanko yari agezeko rwari “rurenze urugero”.

Yemeza kandi ko yavuganye n’abandi ku kungene bokora ibitero ku butaka bwa Amerika, harimwo kw’ishure kaminuza be no mu kigo c’idandarizo (centre commercial/shopping mall).

“Yabona ko igitero ico ari co cose kidahitanye igitigiri kinini c’abantu caba ari impfagusa”, nk’uko bivugwa n’icabona.

Inzandiko kandi zivuga ko umugabo wiwe wa kabiri yari uwo mu murwi Ansar Al-Sharia, , umuhari w’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam wateye urupangu rwa Amerika i Benghazi muri Libya mu 2012.

We n’umugabo wiwe yahavuye yicirwa mu gitero c’indege, barakoze icegeranyo bagihereza abategetsi b’uyu muhari bamaze kwihweza inzandiko za Amerika zafatiwe muri ico gitero ca Benghazi.

Muri sentare, yarakoroye amosozi abajijwe n’umucamanza nimba yemeye iki caha kubera igitigiri kinini c’abana biwe.

Abanyamuryango biwe barigeze gusaba sentare ko yomubuza kuvugana nabo.

Nk’uko bivugwa n’umushikirizamanza umwe wa Amerika, izi ncuti zivuga ko yasize “iharama ry’ubuhemu” kandi ko bashobora no gusohora amatangazo amwiyamiriza mu gihe azoba asomerwa urubanza ku wa 25 gitugutu.