Allison Fluke-Ekren: Ni umunyamerikakazi yahagaritswe yagirizwa kuyobora abarwanyi ba IS b'abagore

Umugore w'umunyamerika yahagaritswe yagirijwe gutegura no kuyobora umurwi w'abarwanyi b'abagore b'umuhari wiyitirira Reta ya ki-Islam (Islamic State, IS).

Allison Fluke-Ekren, umugore yahoze aba i Kansas, yagirizwa kwigisha abagore n'abana gukoresha inkoho za Kalashnikov (AK-47) n'ingene bambara imisipi y'ubwiyahuzi muri Syria.

Yikekwa kandi ko yarondera abarwanyi bari gutegura igitero ku kigo ca kaminuza co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu gihe yokwagirwa n'icaha, uyu mugore Fluke-Ekren ashobora gupfungwa imyaka 20.

Ibi birego biri mu rwandiko rw'urubanza rw'ikigo c'inyamiramabi, FBI rwo mu 2019, rukaba rwagiye gushirwa ahabona ejo ku wa gatandatu inyuma y'aho agarukaniwe muri Amerika kugira ngo arengutswe imbere y'ubucamanza.

Uru rwandiko ruvuga ko mu 2016, umurwi (bataillon) wa IS ugizwe n'abagore gusa, wari uzwi nka Khatiba Nusaybah, washinzwe mu karere kitwa Raqqa muri Syria. Ico gihe, ico gisagara cari umugwa mukuru w'umuhari Islamic State.

Uyu murwi uvugwa ko wari ugizwe n'abagore gusa bari mu muhari IS, bari barongowe n'abarwanyi b'abagabo mu muhari IS .

Uyu mugore Fluke-Ekren yikekwa ko ari we yari arongoye uyu murwi kandi ko ari we yawutegura haciye imisi mike gusa awinjiyemwo.

Bivugwa ko igikorwa nyamukuru ciwe kwari ukwigisha abagore ingene bategerezwa kwivuna abansi ba IS. Avugwa ko yakoze bigashimwa mu kwigisha abagore bari mu muhari IS ingene bakoresha AK-47, amagerenade n'imisipi y'ubwiyahuzi.

Yagirizwa kandi kwigisha abana gukoresha inkoho, kandi urwo rwandiko rwa FBI rurasubiramwo umwe mu vyabona avuga ko yabonye umwe mu bahungu b'umupfasoni Fluke-Ekren afise inkoho ya mitrailleuse. Ico gihe yari afise imyaka 5 canke 6.

Hampande y'ivyo yagirizwa ku ruhara yagize muri Syria, uyu mugore Fluke-Ekren yagirizwa kandi gutegura no kurondera abarwanyi bari gukora igitero kw'ishure kaminuza ryo muri Amerika.

Yoba kandi yari yaranabwiye umwe mu vyabona icipfuzo ciwe co gukora igitero ku nyubakwa y'ubucuruzi (shopping mall/centre commercial) akoresheje ibibombe, mbere yoba yavuze ko kwoba ari ugutakaza uburyo mu gihe ico gitero kitokwica abantu benshi.

Fluke-Ekren yagirizwa gukorera no guha uburyo umuhari mvamakungu w'iterabwoba, akaba ashobora gupfungwa imyaka 20 mu gihe yokwagirwa n'icaha.