Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yahungukanye umwuga, ubukene bw'igitoro nibwo butamworohereza
''Jewe ntivyigeze bindyohera kuba ndi mw’ikambi [y’impunzi] nguma nteze amashi. Vyarambabaza''. Ayo n'amajambo ya Apollinaire Ndikumasabo aherutse guhunguka ava mu gihugu ca Tanzaniya, iyo yari amaze imyaka indwi kuva mu 2015.
Uwo mugabo w'imyaka 38 aba ku Mutumba Mutambara, zone Gatete, komine n’intara ya Rumonge. Yatahutse muri 2021 maze ashika atanguza uruganda ''Mutambara Brickets Charcoal Company'' rukora amakara ahinguwe mu mwavu. Avuga ko amaze guha akazi abantu 16.
Mu gihe ibihumbi vy’abarundi bahunguka bashika basaba reta n’ishirahamwe HCR kubaronsa ivyo kurya n’uburyo bwo kubaho, Ndikumasabo we si ko yabigenjeje.
Ati: ''Nashitse nyene ndondera ingene ntegerezwa kubaho n’umuryango ...vyari bigoye kugira nsubire kumenyera.
''Mugabo vyaranyoroheye kuko navuga nti ni iwacu. Nashitse nkora, nja mu bandi mu mahiganwa … ''.
Uruganda rwiwe ruherutse kugura ama mashini rukoresha. Naho yishimira iyi ntambwe agezeko, Ndikumasabo avuga ko ubukene bw’igitoro bwibonekeza mu Burundi no mu karere akoreramwo buhungabanya cane ibikorwa vyarwo.
Indoto yo gushikana ubuhinga mu gihugu cose
Bimusaba kuja gutondera igitoro umwanya munini atwaye ibivomesho (ibidumu/bidon). Ariko ntibirekuwe.
Avuga ati : ''Nk’ubu uza wumva bakubwira ngo usambure itangi y’imashini uyizane. Urabona nk’ubu gusambura imashini zibiri ukazitondana hariya kuri station ntibikunda''.
''Uruhombo ruca ruba runini cane kuko ntituba tukironka, ubwa mbere amakara abantu bagura, ica kabiri, na twebwe abakozi baca bicara''.
Ndikumasabo avuga ko iyo baronse igitoro gikwiye bashobora guhingura itoni zitanu z’amakara ku ndwi. Ni co gituma asaba ko inzego zoja ziraborohereza mu kubaha igitoro mu bidumu.
Umuyobozi mwishikira mu biro vya buramatari w’intara ya Rumonge, Abdul Ntiranyibagira, aremeza ko gutwara igitoro mu ma bidon bitemewe.
Avuga ko ingingo yafashwe n’ubushikiranganji mu ntumbero yo kugwanya no gutuza abaca baja kukidandaza kuri magendo.
Ariko avuga ko abantu b'imirimo nk'iya Ndikumasabo batabigagirwa.
Avuga ati: ''Twasanze hari ho abantu ari ngombwa ko bakironswa biciye mu bidumu.
''Abo twaciye tubasaba ubwa mbere na mbere babanze biyandikishe harya ku mutumba bakorera, bace baduga ku burongozi bwa zone na komine, hanyuma intara ice itanga uburenganzira yuko uwo mwenegihugu afise ihinguriro yoronswa ico gitoro''.
Ndikumasabo, mu karere akoreramwo afatwa nk’umuntu w’akarorero. Umugambi wiwe umaze gutanga akazi ku bantu 16.
Umwe muri abo ni Desiderate Nimbona, umuvyeyi w'abana babiri. Yaharonse akazi yari asanzwe ashomereye.
Ariko ubu 'bimeze neza. Ubu agasabuni ndakaronka nta ngorane. [Uko kangana kwose] si nk’uko naje.
Uruganda rwa Apollinaire Ndikumasabo mu guhingura amakara rwikora ku myavyu y'ivyatsi bitandukanye abantu baba bataye.
Intumbero yiwe nyamukuru, ngo ni ugufasha Abarundi guteka batarinze guca ibiti kuko abona bihungabanya ibidukikije.
Muri kazoza, yipfuza gukwiza ubwo buhinga mu mpande zine z’Uburundi.