Burundi-Amatora 2025: Imwe mu migambi y'abuguruye kwiyamamaza

Ahavuye isanamu, CNDD FDD
Kuri uyu wa 13 Rusama ni ho hatangura icese imyiyamamazo y'amatora y'abashingamateka, abakenguzamateka, abajenama b'amakomine n'abakuru b'imitumba n'ama kartiye azoba ku wa 5 Ruheshi(6) uyu mwaka.
Mu buguruye uyu munsi harimwo imigambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, Uprona, CNL na FPI.
CNDD FDD yugururiye i Gakere muri komine Kiremba yahora mu ntara ya Ngozi ubu ari intara nshasha ya Butanyerera. Abategetsi b'inzego z'igihugu barimwo prezida Evariste Ndayishimiye, bari bitavye ico gikorwa.
Ku ndwi iheze i Gitega, abazitoza bose baritavye defire batumiwemwo na Prezida Ndayishimjiye ngo berekane ko batagiye mu myiyamamazo guhangana imbere y'abanyagihugu, ahubwo kubabwira imigambi hanyuma bihiteremwo.
Hari kandi n'umukuru w'inama nshingamateka Gélase Ndabirabe n'umuhuza w'Abarundi, Aimée Laurentine Kanyana hamwe rero n'umunyamabanga mukuru w'umugambwe Reverien Ndikuriyo.
Denise NKurunziza, umutambukanyi w'umuhisi Perezida Pierre Nkurunziza na we yari yitavye urwo rubanza.
Uwo mugambwe w'Inkona wamenyesheje ko washimye gutangurira muri ako karere kavukamwo uwahoze arongoye umugambwe CNL, Agathon Rwasa, kuko bahora bahatahukana amajwi make, ubu ngo bakaba barahinduye umukenyuro kugira ntihazogire uwuhabarusha amajwi.
Iyindi mvo ngo ni ugutera iteka umuhisi Prezida Pierre Nkurinziza yahoze arongoye Uburundi yavuka muri iyo ntara ya Butanyerera.
CNDD FDD: Ihangiro rya 2030
Uumugambwe CNDD FDD umaze imyaka 20 ku butegetsi wamenyesheje ivyo uzoshikanako igihugu mw'ihangiro ry'imyaka itanu, gushika mu 2030.
Birimwo:
- ko ata murundi azoba akija kwivuza hanze biciye mu kwubaka ibitaro bishobora kuvura indwara abantu bahora baja kwivuza hanze
- ko hazoba hari urwaruka rushika 50 rutunze amafaraga aharurwa muri miriyaridi biciye mu migambi bashigikirwamwo na banki y'abakenyezi n'umugambi w'urwaruka PAEJ
- kubandanya hakomezwa umutekano mu guha igiporisi n'igisirikare ibikoresho bikwiye
Ivyo vyose ngo uzobirangura ari uko abanyagihugu bawuhaye amajwi ariko ngo nta bwoba ufise kuko ''nta kurekura ico wafashe''.
Uprona: Igitabo c'inyishu ku bibazo bihanze igihugu

Uprona yatanguriye ku kibuga c'umupira mu Ngagara, karitiye kuva kera izwi ko ari icibare c'uwo mugambwe.
Nk'umugambwe utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, amajambo yashikirijwe yabanje kunegura ibibazo bihanze igihugu na cane cane ubukene bwugarije imiryango, ubukene bw'igitoro n'ibindi vya nkenerwa.
Umukuru wa Uprona Olivier Nkurunziza yavuze ko uwo mugambwe ivyo bibazo wabihaye abahinga n'incabwenge baravyiga bayishikiriza igitabo c'impapuro ijana kirimwo inyishu. Ariko ngo hari ivyihutirwa:
- kwigisha neza Amasezerano y'Ubumwe bw'Abarundi kuko ngo hasigaye hari ugukumirana
- kugarukana Amasezerano y'Amahoro ya Arusha kuko ngo yatanga intumbero z'ingene igihugu gitwarwa neza mu bisata vyose
Ibindi bibazo bihanze igihugu umukuru wa Uprona yavuze ko inyishu bazozivoma muri ico gitabo abahinga bazegeranirijemwo.
CNL: 'Ahananiye abandi twebwe tuhabashitse'

Ahavuye isanamu, CNL
CNL, ubu isigaye ifise indongozi nshasha kuva Agathon Rwasa yigijweyo na bamwe mu banywanyi, ibikorwa vyo kwiyamamaza yavyugururiye i Gitega muri karitiye Shatanya.
Co kimwe na Uprona, CNL yabanje kunegura ibitagenda neza mu gihugu.
Umukuru w'uwo mugambwe Nestor Girukiwishaka yahereye ku ngorane zo kwiyunguruza kubera ubukene bw'ibitoro n'ubukene bw'ibintu vya nkenerwa harimwo ibinyobwa ry'ihinguriro Brarudi, isukari, ifumbire, itituka ry'inyigisho mu mashure, ugucikagurika kw'umuyagankuba n'amazi.
Imwe mu yindi migambi uwo mugambwe wavuze ufise harimwo
- gushiraho ibwirizwa shingiro ritama ririko rirahindagurika
- gusubiramwo igisata c'amashure, igisata c'ingenzi, amahinguriro no gushiraho ubutungane bwigenga
- kwubaka amabarabara n'inzira z'indarayi
Nestor Girukwishaka yavuze ko ivyo bibazo n'ibindi vyinshi ari vyo CNL yoza gukosora hamwe yoronka amajwi ayishikana ku butegetsi.
Francis Rohero w'umugambwe FPI, we yashimye kuremesha ikiganiro kw'ihoteri Source du Nil mu gisagara ca Bujumbura.
Urunani Burundi bwa Bose rwamenyesheje ko ruzokwugurura isekeza icese ku wa 18 Rusama(5).
Iyo migambwe itatu, CNDD FDD, CNL na Uprona ni yo yari isanzwe iri mu nama nshingamateka yatowe mu 2020. Imigambwe iriko irahiganwa mu kurondera intebe mu nama nshingamateka ni 23, urunani rumwe n'ababigenga 13.










