Menya ingene Adebayor yagiye kuba rurangiranwa mu gihe yashikanye imyaka itanu acavura

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Piers Edwards
- Igikorwa, Umwanditsi mu vyo umupira w'amaguru
Inyuma y'imyaka irenga 20 akina umupira w'amaguru gushika n'aho akinira imwe mu mirwi y'ibihangange kw'isi, Emmanuel Adebayor ategura ibirori vyo kurangiza umwuga wiwe ku wa Mungu muri Togo, aho vyitezwe ko azoshinga intahe.
Abahoze ari abakinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru muri Afrika n'i Bulaya, harimwo Samuel Eto’o, Jay-Jay Okocha n'abavukanyi mu muryango wa Touré (Kolo Touré na Yaya Touré), bazoba bari ku mugwa mukuru wa Togo, Lomé, muri ivyo birori vy'uno muntu yafashije gushikana igihugu ciwe mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ku ncuro ya mbere, kandi gushika ubu kikaba kitarasubira kuronka aka karyo.
Adebayor ubu aragomba gufasha abakiri bato mu gihugu ciwe kugira bashike kure, atewe intege n'ivyo yaciyemwo mu bwana bwiwe hamwe kandi n'igitero c'ubugome ku murwi nserukiragihugu wa Togo mu 2010.
Uno mugabo w'imyaka 40 ati: "Ubu ni ho mbonye ko gufasha kiremwa muntu ari co kintu ciza gusumba kwinjiza igitsindo muri Premier League [ihiganwa ry'Ubwongereza] canke Champions League [ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo]".
Mu kiganiro cihariye yagiranye na BBC Sport Africa (igisata ca BBC gikurikirana inkino muri Afrika), uno musatirizi aragaruka ku bihe nyamukuru mu mwuga wiwe.
Yahawe inguvu n'umupira w'amaguru
Mu myaka mike ya mbere y'ubuzima bwiwe, abavyeyi ba Adebayor baragize umutima uhagaze kubera atashobora gutambuka, kandi ata ngorane z'amagara yari afise.
Inyuma yo kubona ko gushika ku myaka itanu yari acavura, abavyeyi biwe baciye bitura abakozi b'Imana mu gihugu kibanyi ca Ghana, bashimangira ko ikibazo cashobora gutorerwa umuti biciye mu masengesho akomeye.
Umusi wa Mungu umwe, umupira waguye mu rusengero rwari hafi y'ahariko habera urukino igihe abapasitori bariko barasengera uno mwana Adebayor.
Ati: "Nkimara kubona uwo mupira, naciye ntangura kuwirukako.
"Cari igihe c'agakiza, aho bose baciye batera akamo ngo 'Aratambuka, aratambuka!'. Bose bararyohewe cane kandi igihe cose mama yatera iyi nkuru, yaca arira".
Ubucuti ntibagiranwa n'inkino bwari butanguye.
Kwigana Kanu i Highbury

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyuma yo gutorwa muri Togo n'umurwi Metz wo mu Bufaransa, Adebayor yamaze hafi imyaka itatu y'inkino muri Monaco imbere y'uko yinjira muri Arsenal muri Nzero (1) 2006.
Inyuma y'imyaka hafi 20, avuga ko iki cabaye igihe kigira kabiri gikomeye mu mwuga wiwe.
Ati: "Narakunda cane Nwankwo Kanu, rero kwimukira muri Arsenal - kwambara nomero yiwe ya 25 kandi nkanakoresha akabati kiwe - kuri jewe ni intambwe idasanzwe.
"Uno musi ni mukuru wanje, umugenzi wanje kirumara, kandi arampanura iyo nkoze nabi canke neza".
Ubuhinga budasanzwe Adebayor yerekanye igihe yakinira Arsenal mu 2008 bwaragize uruhara rudasanzwe mu kuba Umunya-Togo wa mbere - kandi wenyene gushika ubu - amaze kuronka iteka ryo kwitwa umukinyi wa Afrika mwiza w'umwaka.
Ati: "Mu 2008, nta n'umwe yashobora guhangana nanje.
"Kugenwa nk'umukinyi wa Afrika wa mbere mwiza cabaye ikintu kidasanzwe - ni ikintu ntazokwigera nibagira canke ngo mfate minenerwe".
Ariko, imigenderanire yiwe n'uno murwi wo mu buraruko bwa Londres (umugwa mukuru w'Ubwongereza) yaratosekaye inyuma y'aho yimukiye muri Manchester City hanyuma akiruka ikibuga cose yigina igitsindo yari ahejeje kwinjiza imbere y'abafana ba Arsenal mu 2009.
Mu nyuma Adebayor yarasavye imbabazi, avuga ko yatwawe n'umunezero, mbere akaba yahavuye acibwa amande angana na 25.000 y'amapawundi hamwe n'igihano co kudakina inkino zibiri.
Agace gatoya mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mwaka nyene yimukira i Highbury (icari ikibuga ca Arsenal), ni wo mwaka wonyene Togo imaze gushika mu nkino za nyuma z'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose.
Adebayor yinjije ibitsindo 11, aca umuhigo mu nkino zo kurondera itike yo mu gikombe c'isi yose, aho umurwi nserukira gihugu wa Togo, Éperviers/Sparrowhawks warangije uri imbere y'umurwi wa Sénégal wari uherutse gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose co mu 2002.
Ati: "N'uno musi, twebwe abakinyi turagerageza kuvyitahuza ariko ntibidushobokera.
"Ni ukuri ntituzi ivyabaye muri iyo myaka, haba n'icaduhaye ukwihagararako tugakomera nk'uko twari. Vyari ibintu bitangaje".
Umumenyereza w'umunya-Nigeria, Stephen Keshi, ni we yafashije Togo kuronka itike yo gushika mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, ariko akaba yaje gusubirizwa imbere y'uko ritangura inyuma y'aho iki gihugu kitavyifashemwo neza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika mu 2006, ryaranzwe no gucanamwo hagati ya we na Adebayor.
Iri higanwa ry'igikombe c'isi yose Togo yitabiriye mu Budagi nta kintu cotuma yibukwa, aho yatsinzwe inkino zose yakinye kandi ikanagabisha ko yashobora kutazitabira kubera ukutumvikana ku turusho, ariko kubona gusa yarashoboye gushika muri iryo higanwa cabaye ikintu gikomeye.
Ihahamuka inyuma y'igitero c'iterabwoba
Inyuma yo kutitabira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika mu 2008, vyategerezwa kuyibera indoto ikomeye gusubira kubona aka karyo mu 2010.
Ariko, yabaye amahano atagira izina.
Ku wa 8 Nzero 2010, imodoka yari itwaye abakinyi ba Togo yaratewe n'inyeshamba zarondera kwiyonkora mu gihe yariko ica mu karere ka Cabinda ko muri Angola yari yateguye izi nkino.
Aba bari baserukiye Togo bamaze ikiringo kirenga inusu y'isaha bariko bararaswa, muri iki gitero cahitanye abantu babiri kinaba ikintu kibi ntibagiranwa ku barokotse.
Adebayor ati: "Rimwe na rimwe ushobora kuba uri muhira canke ahandi uriko urorera isinema, ukabona umuntu atera ikintu - gifise ijwi nk'iryo inkoho - ubwo nyene uca wibuka ivyabaye mu 2010.
"Ndakunda cane kurorera amafirime. N'ubu ndacayarorera ariko ntivyoroshe.
"Rimwe na rimwe urashobora kubona abantu barasa imodoka ubwo nyene bigaca bikwibutsa kahise".
Intambwe nini yashitseko kumwe na Real na Sherwood
Hagati aho, mu myaka yose yamaze akina mu mirwi itandukanye y'i Bulaya n'akanya gato yamaze muri Paraguay, uno musatirizi yaciye umuhigo mu kwinjiriza ibitsindo vyinshi igihugu ciwe ca Togo yatsindiye igikombe kimwe gusa – Igikombe c'Umwami (Copa del Rey) igihe yakinira Real Madrid mu 2011 muri Espagne.
Iyi ni intsinzi yashitsweko n'umurwi wari ugizwe n'ibihangange harimwo nka Iker Casillas, Sergio Ramos na Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo c'intsinzi igihe bakina n'umurwi Barcelona wamenyerezwa na Pep Guardiola.
Adebayor ati: "Hariho videwo yasohotse inyerekana ndiko ndatamba mu cumba c'iyambariro ndi kumwe na Pepe be na Sergio".
"Hari abakinyi bamwe batanafise ica kabiri c'ubuhinga bwanje batsindiye igikombe c'isi, ariko intego yanje si ukwicuza.
"Ndishimiye umwuga wanje. Ari nka hamwe bonsaba gusubira kubikora, nobikora".
Adebayor yarakinye amenyerezwa n'abamenyereza batandukanye nka Arsène Wenger, José Mourinho na Didier Deschamps n'abandi, ariko avuga ko umumenyereza bamaranye igihe gito cane ari we yamubereye kirumara gusumba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
André Villas-Boas yari yashize ku ruhande Adebayor muri Tottenham ariko Tim Sherwood yaramugarukanye igihe yayobora uno murwi muri Kigarama (12) 2013.
Uno musatirizi yibuka ati: "Umubonano wa mbere (Sherwood) yagiranye n'abakinyi, yagize ati 'Amahirwe yanje azoba kuri Emmanuel Adebayor, vyose bizoca kuri Adebayor. Uwuzotera penaliti – Adebayor'".
Mu rukino rwiwe rwa mbere yakinye atanguye mu kibuga muri uno murwi, yinjije igitsindo igihe umurwi wiwe wahura na West Ham mu rukino rwa mbere rwa Sherwood maze aba atanguye urugendo rw'inkino 14 yinjijemwo ibitsindo 11.
Ati: "Inyuma y'urwo rukino, twamaze isaha yose tuvugana kuri terefone aho yambwira ingene nakinye neza, ingene yari anyizeye kandi uko vyari kugenda kwose yari anshigikiye ijana kw'ijana.
"Iyo umukoresha wawe akubwira uko, ibindi vyose biba ari ibisanzwe. Gushika uno musi, turacaganira. Ibi biraryoshe".
Uruhara rwiwe muri Togo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuva ahagaritse gukira umupira w'amaguru, Adebayor yashize umwanya wiwe wose ku kigo SEA (Sheyi Emmanuel Adebayor) Foundation yashinze haraciye imyaka irenga cumi.
Ni iciyumviro camujemwo yibutse ivyo yaciyemwo, aho vyaba ngombwa ko aheba ishure kubera abavyeyi biwe batashobora kumurihira amahera y'ishure (hafi amadorari 25 y'Abanyamerika buri gice c'ishure) hamwe n'igitero co muri Angola catumye abona ko "ikintu cose gishobora kurangira umwanya uwo ari wo wose".
Iki kigo gifashe mu mugongo abana baharurwa mu majana, gifatanije n'ishirahamwe ONU hamwe n'ishirahamwe ry'Ubufaransa rijejwe iterambere, AFD (Agence française de développement/French Development Agency).
Adebayor ati: "Iyo ugize uruhara mu buzima bw'umuntu, si ku buzima bw'umuntu umwe gusa - ni ku buzima bw'abazomukomokako bose.
"Uno muntu azobibwira umwana wiwe, umwana wiwe abibwire umwuzukuru wiwe gutyo gutyo. Rero kuri jewe ibi ntibigira iherezo".
Hari n'imigambi yo kuzokwubaka kaminuza Emmanuel Adebayor muri Togo mu gihe uno mukinyi yigeze guteza impari ashaka kugira uruhara mu buzima bw'igihugu nk'uko yabigize mu mupira w'amaguru.













