'Intango y'ibihangange bibiri': Amafoto ya Messi ateruye uruhinja Lamine Yamal yasubiye kuja ahabona

Lamine Yamal akiri uruhinja ateruwe na Lionel Messi mu 2007

Ahavuye isanamu, Joan Monfort/AP

Insiguro y'isanamu, Lamine Yamal akiri uruhinja ateruwe na Lionel Messi mu 2007
    • Umwanditsi, George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Mu 2007, umusore Lionel Messi yifotoje ateruye uruhinja mu cumba c'iyambariro mu kibuga ca Barcelona, Camp Nou, mu gihe bari mw'isekeza ryo kwegeranya uburyo.

Ico gihe, Messi yari afise imyaka 20 yari yamaze kwandikisha izina ko yari agiye kuba igihangange ntagereranywa.

Ariko ntabwo umufotozi yari azi ko uno mwana nawe yari guhava aba rurangiranwa mu mupira w'amaguru inyuma y'imyaka 17.

Messi yari ateruye Lamine Yamal - uno musore w'imyaka16 ubu ariko akora ibidasanzwe mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya.

Igitsindo yaraye yinjije Ubufaransa nijoro ku wa kabiri ni kimwe mu bizovugwako cane mu myaka itari mike.

Iyi foto yari imaze igihe yaribagiwe yerekana Messi ateruye Yamal yasubiye kuboneka mu ndwi iheze aho se wa Yamal yayisohora kuri Instagram n'amajambo avuga ngo: “Intango y'ibihangange bibiri”.

Ano mafoto yafashwe na Joan Monfort yafatira amafoto ikinyamakuru Associated Press.

Avuga ko yafashe iyi foto igihe Unicef itegura tombola mu gisagara ca Mataró ahari hasanzwe haba umuryango wa Lamine.

Monfort yabwiye Associated Press ati: "Bari biyandikishije muri tombola kugira ngo bafatwe ifoto muri Camp Nou bari kumwe n'umukinyi wa Barça. Kandi baratsindiye iyi tombola".

Gufata iyi foto nticabaye igikorwa coroshe, nk'uko uno mufotozi abivuga.

Ati: “Messi ni umuntu mwiza atiyuguruye, arafise isoni.

“Yari asohotse ava mu cumba c'iyambariro, hanyuma yisanga giturumbuka ari mu kindi cumba c'iyambariro kirimwo ibase [bassin] yuzuye amazi, harimwo n'uruhinja. Ntivyamworoheye. Mu ntango ntiyari azi n'ingene yashobora kumuterura”.

Nyina wa Yamal araboneka muri ayo mafoto amwe amwe

Ahavuye isanamu, Joan Monfort/AP

Insiguro y'isanamu, Nyina wa Yamal araboneka muri ayo mafoto amwe amwe

Nk'uko vyagenze kuri Messi, Yamal vyarangiye akiniye Barcelona, aho yagiye kuba umukinyi wa mbere akiri muto akinye akinjiza n'ibitsindo, mbere akaza kuba n'umukinyi wa mbere akiri muto yinjije ibitsindo mw'ihiganwa rya Espagne.

Monfort avuga ko yagiye kumenya ko ari Yamal inyuma y'aho iyi foto itanguriye kuzunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ati: "Biraryoshe cane kubona nshobora gushirwa mu kintu c'igitangaza.

“Mvugishije ukuri, numva ndyohewe cane”.