‘Rimwe rimwe ndakumbura kumenyereza’, ni Sir Alex Ferguson yahoze amenyereza Manchester United

Sir Alex Ferguson ateruye ibikombe vya FA Cup na Premiership Trophy i Victoria Station, Manchester, ku wa 12 Rusama, 1996

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sir Alex Ferguson ateruye ibikombe vya FA Cup na Premiership Trophy i Victoria Station, Manchester, ku wa 12 Rusama, 1996

Uwahoze ari umumenyereza w’umurwi Manchester United wo mu Bwongereza Sir Alex Ferguson avuga ko rimwe na rimwe yipfuza kubona ariko aramenyereza uno murwi, inyuma yo gukukuruka mu 2013.

Ferguson yabaye umumenyereza wa Man U kuva mu 1986 gushika mu 2013, aho yashoboje uno murwi gukora ibikorwa bidasanzwe gushika kuri uno musi itarashobora no kwegereza.

Muri ico kiringo cose c’imyaka hafi 27 yamaze imenyerezwa n’uno munya-Ecosse, Manchester United yatsindiye ibikombe 38, harimwo ihiganwa ry’Ubwongereza (Premier League) incuro 13 zose, ibikombe bitanu vya FA hamwe na bine vy’ihiganwa (Coupe de la Ligue/League Cups).

Ferguson yaratahukanye kandi ibikombe bibiri vy’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des champions/Champions Leagues), hamwe n’ibikombe vy’ihiganwa rihuza imirwi yatsindiye ibikombe iwabo (Coupe d'Europe des vainqueurs de coupe de football/UEFA Cup Winners' Cup).

Kuva akukurutse, haraciye imyaka 11, Manchester United, umurwi wafatwa nk’igihangange mu Bwongereza, ku mugabane wa Bulaya no kw’isi, yarakorotse biteye ubwoba mu gihe kuva mu 2013 gushika n’ubu ivyo gutsindira Premier League ivyumva nk’umugani.

Sir Alex Ferguson ari kumwe na mugenziwe yabaye rurangiranwa muri Ecosse no muri Manchester United, Denis Law, aherutse gutorwa ingwara yo kwibagira (démence/dementia) mu 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sir Alex Ferguson ari kumwe na mugenziwe yabaye rurangiranwa muri Ecosse no muri Manchester United, Denis Law, aherutse gutorwa ingwara yo kwibagira (démence/dementia) mu 2021

Kuva akukurutse mu 2013, Manchester United imaze kugira abamenyereza batandatu gushika ubu, harimwo David Moyes, Louis van Gaal, Jose Mourinho, Ralf Rangnick, Ole Gunnar Solskjaer hamwe na Erik ten Hag asanzwe ayimenyereza muri iki gihe. Aba bose ntawurashobora kuyiha amahirwe yo gutsindira Premier League.

Ferguson ni umwe mu bamenyereza bakoze ibidasanzwe muri kahise k’umupira w’amaguru mu Bwongereza, aho yakoranye n’abakinyi karuhariwe baciye muri uno murwi mu gihe yari umumenyereza wawo. Aha abatari bake baribuka abakinyi nka Eric Cantona, David Beckham, Ryan Giggs, Cristiano Ronaldo, Paul Scholes n’abandi.

Kimwe mu vyatumye Ferguson amara iki gihe cose, biravugwa ko umugore wiwe bamaranye imyaka 57, umuhisi Cathy yabigizemwo uruhara mu kumwumvisha ko atokukuruka mu 2002.

Igihe yandika kuri kahise kiwe, yavuze ko uno mugore wiwe yamubwiye ati: “Ica mbere nta kibazo c’amagara ufise. Ica kabiri, sinshaka kubona wirirwa ugandagaje muhira. Hanyuma ica gatatu, uracari na muto”.

Cathy, Sir Alex n'abahungu babo babiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Cathy, Sir Alex n'abahungu babo babiri
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe yasandaba mu mwaka uheze, imirwi y’umupira w’amaguru mu gihugu yaramuhaye icubahiro.

Igihe uno mutama w’imyaka 82 yavuga ku buzima bwiwe bw’umukukuruke, yarabwiye BBC Sport, igisata ca BBC kijejwe amakuru y’inkino, ingene bishika rimwe na rimwe akumva akumbuye kumenyereza.

Ati: "Maze imyaka 11 nkukurutse, rero utegerezwa kurondera ubundi buryo bwo kubaho. Rimwe rimwe ndakumbura kumenyereza. Ndibuka ko igihe nari maze umwaka umwe nkukurutse, nagiye kurorera urukino ku rwego rwa Bulaya hanyuma nkabwira Cathy nti ‘iki ni co nkumbuye’. Inkino zikomeye, inkino zo ku rwego rwa Bulaya”

Avuga ko Manchester United yategerezwa buri gihe kuba ari umurwi uhiganira ibikombe vya Bulaya.

"Nama nja kurorera inkino za nyuma zo ku rwego rwa Bulaya kubera mbonamwo nkunda kandi nifuza kuba nama nkora buri musi. Ni kubera izi ari inkino zikomeye umurwi nka [Manchester] United wategerezwa kwama ufisemwo uruhara”.

Umwaka wa nyuma Manchester United iherukira igikombe co ku rwego rwa Bulaya hari mu mwaka w’inkino wa 2016–17 aho yatsindira igikombe ca UEFA Europa League igihe yamenyerezwa na Jose Mourinho. Mu 2008 niho iheruka gutsindira Ligue des Champions.