'Ntitwovuga ko biratera imbere cane' – umukuru wa PARCEM avuga ku bijanye n'igisata c'ubutare

Faustin Ndikumana

Ahavuye isanamu, PARCEM

Ishirahamwe rihamagarira Abarundi guhindura ingendo n'ivyiyumviro, PARCEM, rivuga ko rishimishwa n'ingendo itanguye kwigaragaza mu Burundi yo gushira ku mugaragaro bimwe bimwe mu biba biriko birarangurwa mu gisata c'ubutare.

Faustin Ndikuma arirongoye abivuze inyuma y'uko mu mpera z'indwi iheze umukuru w'igihugu Evaritse Ndayishimiye aremesheje ikiganiro, aho yatanze ibiharuro vyerekeye ubutare bumaze gushorwa asigura n'ibigiye gukurikira.

Ndayishimiye yamenyesheje ko ubutare bumaze gushorwa mu kiringo c'imisi ijana iheze bwababa imiriyoni indwi z'amadorari y'Abanyamerika.

Ashimangira ko imisi ijana ari ikiringo bari bihaye co gusuzuma ubutunzi Uburundi bufise cane cane mu gisata c'ubutare, mu ntumbero yo kuraba ko iki gihugu gishoboye koko kwironsa uburyo bushobora gutuma kija mu nzira y'iterambere.

Ku bwa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, n'ubwo ayo mafaranga yashizwe ahabona, haracakenewe igikorwa co guhinyuza kugira biboneke neza ko ivyavuzwe ari vyo.

Abivuga afatiye kuri kahise aho vyagiye bishika ugasanga ibiharuro vyerekeye ubutare bwashowe hanze y'igihugu vyatanzwe n'inzego wasanga biri musi cane y'ibitangwa n'igihugu ubwo butare bwaba bwashowemwo.

Ku bwiwe, ivyo bisigura ko amafaranga yaba yanyurujwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, uno mukuru wa PARCEM yagize ati: "Twagira dushime iyo ngendo itanguye y'uko buhoro buhoro hatanguye kuza haramenyekana bimwe bimwe mu biba biriko birarangurirwa abanyagihugu".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko abandanya ati: "Hari igihe usanga ibiharuro vy'ivyo twashoye ari bike, waja kuraba hariya twabishoye ugasanga ibiharuro vyerekana ko ari vyinshi".

Ndikumana abona ko ari yo mvo haba hakenwe ico gikorwa co guhinyuza "kugira ntihagire amahera akatira [azimirira] mu nzira".

Ikiganiro umukuru w'igihugu yatanze mu mpera z'indwi iheze, cabaye mu gihe bamwe n'abandi baguma bibaza nimba ugushora ubu butare gushobora gutuma ikena ry'amafaranga y'agaciro rimaze imyaka ryugarije Uburundi rirangira.

Perezida Ndayishimiye ntatomora neza, ariko akizeza ko amafaranga atazoteba gushika.

"Mu misi azoba ashitse", ni ko yasiguye imbere yo kwongerako ati: "Nko mu kwezi dushobora kuronka vyinshi".

Umukuru w'ikigihugu abandanya yerekana ko amafaranga mvamakungu niyamara gushika bizotuma abanyagihugu bayaronka muri banki zitandukanye vyoroshe, gurtyo boroherwe mu kuja kurangura hanze y'igihugu.

Uburundi bumaze imyaka ine bwugarijwe n'ikena ry'igitoro ryatewe n'ubukene bw'ayo mafaranga mvamakungu, ivyatumye ubutunzi buhungabana n'ibiciro biraduga cane.

Ku mwizero utangwa n'umukuru w'igihugu, Ndikumana agumana amakenga, afatiye ku biharuro vy'ivya nkenerwa Uburundi bukura hanze y'igihugu asanga biri hejure cane.

Avuga ko buri mezi atatu bukenera kwinjiza ibifise agaciro kagera kuri miriyaridi 700 canke 800 z'amarundi.

Ni mu gihe ubutare bumaze gushorwa muri iyi misi ijana iheze buzozana imiriyaridi 18 z'amarundi gusa hisunzwe igiciro c'ibanki nkuru (BRB).

Agira ati: "Ntitwovuga ko biratera imbere cane".

Abajijwe igituma ubu butare buriko bushorwa mu Bushinwa gusa, Perezida Ndayishimiye yishuye ati: "Uwo tubonye aza kutugurira neza ni we duha". Yamara ntatomora ingene bagurisha.

N'aho biri uko, umukuru wa PARCEM abona ko hari n'ibindi bikwiye gushirwa ahabona kugira ingendo yo gukorera ku mugaragaro yatanguye itere imbere gusumba.

Nk'akarorero, abona ko reta yotomora urwego canke ikigo kiriko kirashora ubutare ico ari co kugira bimenyekane uwo amafaranga agiye kwinjira azoba yanditsweko.

Asigura ko bishobora gukenerwa ko uwashoye ubwo butare ariha amatagisi.

"Amahera azokwinjira kw'izina rya nde?"

"Mu misi iheze baranavuze ko abacukura inzahabu boja kuzidandaza mw'ibanki nkuru BRB. None izo BRB yaguze zoba zingana gute? Vyagenze gute? Imaze kugura izinagana gute?"

Asaba ibanki nkuru gukorera mu muco, agasaba na reta kwinjiza Uburundi mu kigo mpuzamakungu ITIE gifasha ibihugu guteza imbere gukorera mu muco ibijanye no gucukura canke gushora ubutare.

Perezida Ndayishimiye amenyesha ko ubwoko bw'ubutare bumaze gutorwa mu Burundi bugera kuri 27.

Avuga ko ibibanza bamaze kubutoramwo ari 29. Muri ivyo, 13 ni vyo vyonyene bamaze gutanguzamwo ibikorwa nyezina vyo gucukura, nk'uko abisigura.