Trump ashaka guhindura izina ry'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwitwe bw'intambara

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
- Igikorwa, BBC News, White House
Umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump kuri uwu wa gatanu, arashira umukono ku ngingo-bwirizwa y'umukuru w'igihugu itegeka ubushikiranganji bwo kwivuna abansi kwitwa ubushikiranganji bw'intambara.
Iyi ngingo yoba igarukanye izina ubwo bushikiranganji bwigeze kuba bufise mu myaka ya 1940 kandi, nk'uko biri mu rwandiko rw'iryo tegeko BBC yashoboye kubona, intumbero ni uko ubwo bushikiranganji bwobonwamwo inguvu n'ishaka.
Iki gisata kizoba kirakoresha iryo zina nk'irigira kabiri mu kurindira ko ryemezwa burundu n'inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House ntibiratomora uburyo izo mpinduka zoshobora gutwara. Ariko ibinyamakuru vyo muri Amerika vyiteze ko hashobora gukenerwa umuriyaridi w'ama dolari kugira bashobore gusubiramwo ibisata biharurwa mu majana, ibimenyetso vyavyo, aho guhanahanira ubutumwa bwanditswe bwa e-mail hamwe n'imyambaro y'akazi (uniformes).
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi (DoD) – butwara ibisata bitandukanye vy'igisirikare ca Amerika – ni bwo bwasubiriye ubushikiranganji bw'intambara, bwari bwashinzwe ku ncuro ya mbere nk'igisata kiri ku rugero rw'ubushikiranganji mu 1789 bukaba bwabayeho gushika mu 1947.
Busigura ko izina "Ubushikiranganji bw'intambara" ritanga ubutumwa bukomeye gusumba bw'ukwama bumeze magabo kandi bufise ishaka ugereranije n'iryo 'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi' rishimikira gusa ku bushobozi bwo kwivuna.''
Iri tegeko ritegekanya ko umushikiranganji wo kwivuna abansi Pete Hegseth azoca yitwa umushikiranganji w'intambara. Rimusaba guca akora ibisabwa mu mategeko no mu ntwaro kugira izina rishasha ryemezwe burundu.
Gushinga ibisata nshingwabikorwa biri mu bubasha bw'inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congres).
Mu kwezi kw'umunani, Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko yizeye ko Congres izoshigikira ico ciyumviro hamwe vyokenerwa.
Umukenguzamateka w'umudemocrate Andy Kim yatowe muri New Jersey yavuze ko guhindura izina ari iciyumviro c'ubwana.
Yongeyeko ati: "Abanyamerika bakeneye gukinga intambara, ntibakeneye kuzishimagiza".
Ubushikiranganji bw'intambara bwari bwashizweho na George Washington ariko inyuma y'intambara ya kabiri y'isi bwaciye buhindurirwa izina.
Ku ncuro nyinshi, Trump yagumye agaruka ku ciyumviro co guhindura iri zina, agasigura ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise kahise k'igitangaza k'intsinzi mu gihe c'intambara z'isi zompi kw'izina ryahahora.
Trump na Hegseth bagumye barondera gutumbereza neza ubushikiranganji ku ''kurwana intambara'' no ku ''karangamutima k'umugwanyi''.
Basiguye ko ubwo bushikiranganji bwashimitse birengeje ku migambi ijanye n'uko bujamwo imigwi itandukanye, ukungana n'ukudakumira.
Ku wa kane, Trump yafashe nk'ibisanzwe ivyo kurondera agashimwe k'amahoro kazwi nka Prix Nobel de la Paix (Nobel Peace Prize).
"Nta kindi nkora atari uguhagarika intambara", ni ko yabwiye CBS News, ikinyamakuru co muri Amerika gikorana na BBC. "Sinkeneye kwiyerekana. Nkeneye kurokora ubuzima".
Uguhindura izina ry'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ribaye itegeko ry'umukuru w'igihugu rigira 200 kuva ashitse ku butegetsi.
N'ubwo guhindura izina vyari bimaze igihe vyitezwe, bishitse mu gihe Ubushinwa bwaraye bwerekanye umurongo w'ibigwanisho, indege zitajamwo abadereva hamwe n'ibindi bikoresho vya gisirikare mw'idefire nini cane benshi babonye nk'ubutumwa bugaragara kuri Amerika n'abo bicuditse.













