Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Amasenge y'inzovu amaze imyaka afashwe yongeye kuboneka mu yafatiwe ahandi ubu vuba
Matt McGrath
Umunyamakuru w'ibidukikije
Amesenge (amenyo) y’inzovu zishwe haraheze imyaka irenga 30 yongeye kuboneka mu yafashwe ubu vuba, nk’uko abahinga babivuga.
Ayo masenge yigeze kuba ari mu yafatanywe abakora urudandazwa rwayo rutemewe n’amategeko hanyuma aca yugaranirwa mu ma konteneri na reta y’Ubuurundi.
Muri ico cigwa, abashakashatsi bakoresheje ubuhinga bwa ADN/DNA n’ubwa carbone bwo gutora imyaka kugira berekane ko amwe muri ayo masenge yari yarugaranywe ubu ari mu minwe y’abakora urwo rudandazwa rwo mu kinyegero.
Reta y’Uburundi ntaco irishura ku busabe bwa BBC bwo kugira ico ibivuzeko.
Hagati ya 2007 na 2016, inzovu zishika 100.000 zarishwe zironderwako amasenge yazo mu bice bitandukanye vya Afrika.
Ico cigwa cakozwe ku bipimo vy’amasenge yafatiwe ahantu hane n’abajejwe kwubahiriza amategeko hagati ya 2017 na 2019.
Hakoreshejwe ubuhinga bwa carbone-14, abashakashatsi batoye ko menshi muri ayo masenge ari ayo inzovu zari zishwe mu myaka itatu y’imbere y’aho.
Ariko, hari aho yafashwe bigaragara ko ari ayo inzovu zari zimaze imyaka 30 zishwe.
Ibimenyetso bimwe vyari kuri ayo masenge vyerekana ko yavuye mu yafashwe akugaranwa kandi agashirwako amagufuri na reta y’Uburundi.
Urudandazwa rw’amasenge y’inzovu rwaciwe mu Burundi mu 1987.
Mu 2004, abahinga mu bijanye n’urudandazwa rw’inyamaswa, Traffic International, bihweje ubwo bubiko bwarimwo hafi toni 84, zari zigizwe n’amasenge 15.000.
Amagufuri ya douane yaciye ashirwa kuri izo konteneri indwi zarimwo ayo masenge.
Ariko kuva mu 2015, mu vyagiye birafatwa irya n’ino kw’isi, hari ibimenyetso vyerekanye ko inkomoko ari Uburundi.
BBC yarondeye ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe ibidukikije ariko nta nyishu yaronse ku bibazo vyacu ku bijanye n’ubwo bubiko.
Kuri abo bahinga, gushika ubu vuba reta yemeza ko aho ayo masenge abitse hatigeze hakomwakomwa.
Umwigisha Prof Samuel Wasser wo kuri kaminuza ya Washington akaba n’umuhinga mu vyigwa vy’ibinyabuzima n’unwandistsi w’iki cigwa ca vuba, avuga ko “izo konteneri zikwiye gusubira kwugururwa kugira ayo masenge arimwo asubire gupimwa”.
“Kubera reta ivuga ko ibiro vy’izo konteneri bitagabanutse, none vyoba bivuga ko bagurisha mu kinyegero amwe muri ayo masenge hanyuma bakaronka ayandi bagasubiriza aya kera?”
“Niba biri uko, bizoba ari bibi cane”, nk’uko yabibwiye BBC News.
Ayo matohoza mashasha yerekana ashimitse ko ibihugu vyinshi vya Afrika bibandanya kubika amesenge vyafashe kuva igihe urudandazwa rwayo rwabuzwa mu mategeko.
Bamwe mu bahinga baribaza igituma bihitamwo kuyashira mu bubiko aho kuyasambura, mu gihe amategeko mpuzamakungu asanzwe abuza kugurisha amasenge y’inzovu avuye mu ruhigi rutemewe n’amategeko.
Ibiri mu bubiko kandi biba bifise ivyago vyo gushobora kwibwa nk’uko vyagenze muri Mozambique mu 2016.
Abashakashatsi babonye kandi ibimenyetso ko hari amasenge yafashwe hanyuma akagaruka mu rudandazwa rutemewe n’amategeko biciye mu nzira ziteye amakenga.
Ariko hari abandi bavuga ko ivyafashwe bishobora kubikwa ku mvo z’ubushakashatsi, kwigisha canke kumenya inkomoko.
Ishirahamwe ryitwa Elephant Protection Initiative(EPI) ririko rirafasha ibihugu 15 vyo muri Afrika kubika neza amasenge vyafashe ariko riranafasha bimwe kuyasambura.
John Scanlon wo muri EPI avuga ati: “ Amasenge y’inzovu nta gaciro k’urudandazwa afise, kandi ivyo bisa n’ibitazohinduka.
“Igihugu kimwe kimwe cose nico kimenya uko kivyifatamwo.
“Gishimye kuyabika, ni ukuyabika ahatekanye kandi bikandikwa. Asambuwe naho, hakandikwa ivyasambuwe, n’ibipimo bigafatwa vy’aho amasenge yavuye”.