Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: Aba Taliban babujije abagore kwiga kaminuza
Aba Taliban babujije abagore kwiga amakaminuza muri Afghanistan, ingingo yiyamirizwa n’amakungu mbere yateye n’umwikomo mu rwaruka muri ico gihugu.
Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza yatangaje iyo ngingo isubiza inyuma igihugu ejo ku wa kabiri, avuga ko yategerezwa guca ija mu ngiro ubwo nyene.
Iyo ngingo ije gusubiza inyuma gusumba indero ku bagore - mu gihe abakobwa bari bamaze kubuzwa kwiga amashure yisumbuye kuva aba Taliban bagarutse ku butegetsi mu mwaka uheze.
Kuno uno wa gatatu, hari abagore bamwe bateguye imyiyerekano ku mugwa mukuru Kabul
Abagore bahurikiye mw’ishirahamwe Afghanistan Women's Unity and Solidarity bavuga bati: “Uno musi twihaye amabarabara ya Kabul kugira ngo twerekane akababaro kacu ku ngingo yo kwugara amashure ya kaminuza ku bakobwa”.
Ariko iyi myiyerekano yarimwo abantu bake yatujijwe vuba bwango n’abategetsi b’aba Taliban.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ibihugu bitari bike biriyamiriza iri tegeko, risubiza inyuma Afghanistan nko mu gihe c’ubutegetsi bwa mbere bw’aba Taliban igihe abakobwa batari bemerewe kwiga amashure.
Intumwa idasanzwe ya ONU muri Afghanistan avuga ko ari "iyindi ntambwe inyuma isubiriye guhonyanga uburenganzira bwo kwiga kuri bose ibandanya irondera gufuta abagore mu mibereho ya Afghanistani”.
Ku ruhande rwayo, Amerika iriyamiriza bikomeye ingingo z’aba Taliban, ikavuga ko iyo ngingo "izogira ingaruka mbi ku ba Taliban”.
Mw’itangazo, umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken , avuga ati: "Aba Taliban ntibizere ko bashobora kwinjira mu muryango mpuzamakungu igihe cose batazoba barubahiriza uburenganzira bw’abanya-Afghanistani bose.
"Nta gihugu gishobora gutera imbere mu gihe inusu y’abanyagihugu baco bakibohewe amaboko imugongo”.
I Kabul, abanyeshure b’abakobwa na bo nyene babwiye BBC akababaro kabo.
Umwe yiga kuri kaminuza ya Kabul agira ati: "Barasambuye ikiraro conyene compuje na kazoza kanje.
"None nogira gute? Nari nizeye ko nari kwiga ngahindura kazoza kanje canke bikambera umuco mu buzima bwanje, ariko bagisambuye”.
Uwundi nawe yabwiye BBC ko ari “umugore yatakaje vyose”.
Yahoze yiga amategeko ya Islam, Sharia – akavuga ko amabwirizwa y’aba Taliban ateye kubiri “n’uburenganzira Islam na Allah baduhaye”.
Abwira BBC ati: “Ni ngombwa ko baja mu bindi bihugu vya ki-Islam kugira ngo babone ko ibikorwa vyabo atari ivya Islam”.
Ibihugu vy’uburengero bimaze umwaka wose bisaba aba Taliban gukomeza indero y’abagore nimba bashaka kwemerwa ku mugaragaro nka reta ya Afghanistan.
Hagati aho, mu gihugu kibanyi ca Pakistan, umushikiranganji w’imigenderanire yavuze ko ababajwe n’iyi ngingo y’aba Taliban.
Bilawal Bhutto Zardari ati: "Ndacibaza ko inzira yoroshe kugira dushike ku ntumbero yacu – n’aho hari inzitizi nyinshi ku nyigisho y’abagore no ku bindi – ni uguca kuri Kabul no kuri reta mfatakibanza”.
'Ikintu ca nyuma bari barindiriye gukora'
Aba Taliban bari bemereye abanyagihugu ubutegetsi bugenza buhoro inyuma y’aho bafatiye ubutegetsi mu mwaka uheze inyuma y’aho Amerika itahukaniye ingabo zayo. Ariko Aba ba-Islam bagendera ku vyiyumviro bikaze vya Islam babandanije basubiza inyuma uburenganzira bw’abagore n’ubwigenge mu gihugu.
Umutegetsi w’aba Taliban Hibatullah Akhundzada n’abo bafatanije kurongora igihugu ntibigeze berekwa indero igezweho yo mu mashure – canecane ku bakobwa n’abagore.
Bamwe mu bategetsi biyoroheje ntibashigikiye iyi ngendo, abahinga bakavuga ko iki kibazo cabacanishijemwo muri uno mwaka wose.
Hamwe n’ivyo, ejo ku wa kabiri ubushikiranganji bw’indero bwavuze ko abahinga babwo bihweje intunganyo y’ivyigwa vya kaminuza n’uburyo bigamwo, hanyuma bafata ingingo ko abakorwa bahagarikwa vy’agateganyo “gushika hatunganijwe uburyo bwiza”.
Buvuga kandi ko vuba buzotanga iyo nteguro kandi ko “abanyagihugu batogira ubwoba”..
Hagati aho, mu kwa gatatu, aba Taliban bari bemeye gusubira kwugurura amashure yisumbuye amwe amwe y’abakobwa ariko mu nyuma barabihagarika ku musi nyene bari biteze gusubira kw’ishure.
Iri totezwa kandi rikurikiye urukurikirane rw’ayandi mabwirizwa yo gukumira abagore mu mezi aheze.
Mu kw’icumi na rimwe, abagore barabujijwe kuja mu bibanza vy’ihuriro, mu mazu y’ukwinonora imitsi hamwe no mu bwogero rusangi ku mugwa mukuru.
Umwigisha wa kaminuza akongera akaba n’umwe mu banya Afghanistan baharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu avuga ko aba Taliban barangije ingingo yabo yo gutaramura abagore mu kubabuza amashure kaminuza.
Humaira Qaderi yabwiye BBC ati: "Iki ni co kintu ca nyuma aba Taliban bari basigaje gukora. Afghanistani si igihugu ku bagore, ahubwo ni ikirunduru ku bagore”.
Hari haciye amezi atatu aba Taliban bemereye ibihumbi n’ibihumbi vy’abakobwa n’abagore gukora ikibazo co kwinjira muri kaminuza hafi mu ntara zose z’igihugu.
Ariko hariho ivyigwa batari bemerewe gusaba kwiga, aho nk’ivyigwa vy’ubufundi, ubutunzi, ubuganga bw’ibitungwa n’uburimyi vyari bibujijwe, mugihe kandi ivyigwa vy’ukumenyesha amakuru bibujijwe cane rwose.
Imbere y’iyi ngingo y’ejo ku wa kabiri, amashure kaminuza yari yamaze gushiraho amategeko akumira abagore kuva aba Taliban bafashe ubutegetsi mu 2021.
Hari ubwinjiriro n’amasomero bitandukanye ufatiye ku gitsina, kandi abanyeshure b’abakobwa bategerezwa gusa kwigishwa n’abigisha b’abagore canke abagabo bashaje.
Ubutunzi bwa Afghanistani ahanini bugendera ku mfashanyo mpuzamakungu kuva mu myaka mirongo iheze, ariko amashirahamwe y’abagiraneza hamwe hamwe yagabanije - ariko ahandi arakuraho burundu - imfashanyo yatanga mu gisata c’indero inyuma y’aho aba Taliban bankiye kwemerera abakobwa kwiga amashure yisumbuye.
Abigisha benshi barataye baromoka inyuma y’aho ingabo zari zirongowe na Amerika ziviriye muri ico gihugu, nayo muri uno mwaka abigisha benshi bakaba baramaze amezi atari make badahembwa.