Korea ya Ruguru yagerageje ‘ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara’ birasirwa mu mazi – ibinyamakuru vya reta

    • Umwanditsi, Na Frances Mao
    • Igikorwa, BBC News

Korea ya Ruguru ivuga ko yagerageje “ibirwanisho vyayo ruhonyanganda vy’ubumara birasirwa mu mazi” mu kwishura ku myimenyerezo rusangi ya Amerika, Korea y’Epfo n’Ubuyapani muri iyi ndwi.

Igerageza ry’ibivugwa ko ari amadrone yo mu mazi avugwa afise ibirwanisho vy’ubumara ryabereye hanze y’inkengera yo mu buseruko, nk’uko bivugwa n’ibiyamakuru vyegamiye reta.

Korea ya Ruguru yaratangaje ko yari imaze kugerageza ikirwanisho cayo co mu bwoko bwa "Haeil-5-23" ariko ibi birwanisho ntibirashobora guhinyuzwa n’uruhande rwigenga.

Korea y’Epfo n’incuti zayo ntaco birashikiriza kuri aka gasomborotso kandi.

Ariko ibi bibaye mu gihe Korea ya Ruguru yongereje akariro mu bikorwa vyayo vya gisirikare muri izi ndwi ziheze, harimwo n’ivyo ivuga ko yagerageje ikindi gisasu ca misire rutura kiraswa ku ntera igereranye ku wa Mungu.

Hari haciye imisi mike Korea ya Ruguru irashe ibisasu vya muzinga amaja mu bumanuko ariko bikaba bitashitse ku butaka bwa Korea y’Epfo, hari mu ndwi ya mbere y’uku kwezi kwa Nzero(1).

Indongozi ya Korea ya Ruguru Kin Jong Un Pyongyang ariko yongereza akariro muri poritike n’amajambo vyiwe vy’agasotoro – aho mu mezi aheze yagiye ahagarika amasezerano atari make yari afise intego yo kubungabunga amahoro.

Kuri uno wa gatanu, Korea ya Ruguru yatangaje ko yasotowe n’ino myimenyerezo rusangi ya Amerika, Korea y’Epfo n’Ubuyapani, ari co gituma vyabaye ngombwa ko igerageza ibi birwanisho vyayo birasirwa mu mazi, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta KCNA.

Ivuga ko iyo myimenyerezo "yunyura ibintu mu karere gusumba " kandi ko ihungabanya umutekano wayo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Korea y’Epfo n’Ubuyapani bivuga ko mu mwaka uheze vyakoze imyimenyerezo itari mike mu kwishura ku kwiyongera kw’ibikorwa vya gisirikare vya Korea ya Ruguru, harimo ibikorwa bitari bike vyo kugerageza ibisasu vya misire ruhonyanganda vy’ubumara be n’ibindi birwanisho bishasha. Ibi bikorwa vyose bihonyanga ibihano Korea ya Ruguru yafatiwe na ONU.

Ariko Kim abandanya avuga ko ubutegetsi bwiwe buriko bukomeza igisirikare cabwo mu kwitegurira intambara ishobora “kwaduka umwanya uwo ari wo wose” muri ako karere.

Mu gihe c’umwaka mushasha, yarerekanye ibimenyetso vyo guhindura poritike yiwe kuri Korea y’Epfo.

Mu ntango z’ino ndwi naho, yatangaje ko intego shingiro yo kwiyunga na Korea y’Epfo yarangiye, aho yavuze ko Korea y’Epfo ari yo “mwansi mukuru”.

Ano majambo akurikiye ayatari make ashikiriza, aho yavuga ko igihugu ciwe kiriko kirakomeza igisirikare n’ubushobozi bwa nikleyeri – harimwo n’ubushobozi bwo kurwanira mu mazi.

Mu kw’icenda kw’umwaka uheze, Korea ya Ruguru yashize ahabona ico yavuze ko ari ubwato bwayo bwa mbere bwo musi y’inyanja bukoresha ibirwanisho vy’ubumara.

Kuva muri Ntwarante (3) 2023, ivuga ko yagerageje ubuhinga bwayo bwa Haeil – amadrone yo mu mazi afise ibirwanisho vy’ubumara. Haeil bisigura "tsunami" mu rurimi rw’Igikorea.

Nta vyinshi bizwi ku bwoko bw’ibi birwanisho canke ubushobozi bwavyo, ariko ibinyamakuru vyo muri Korea ya Ruguru bivuga ko bishobora kwitera mu mazi y’umwansi bigateza ibiturika bikomeye mu mazi.

Abahinga bavuga ko mu gihe ibi birwanisho vyokora uko Korea ya Ruguru ibivuga, bishobora gufatwa ko ari ibirwanisho bidateye ubwoba bwinshi nk’ibisasu vya misire vy’ubumara biraswa kure bifiswe n’ubu butegetsi

"Dufashe urugero rw’ubuhinga bwa Korea ya Ruguru mu bijanye n’ukwivuna abansi kandi iki kirwanisho kikaba kikiri ku rugero rwo guhingurwa, ntikiragera aho giteza uwoba bwinshi", ni vyo Ahn Chan-il, umushakashatsi mu kigo World Institute for North Korea Studies, yabwiye itororokanirozo AFP.

Mu mpera z’umwaka uheze kandi, Korea ya Ruguru yatangaje ko yashoboye kurungika mu kirere ikigendajuru maneko, ikaba kandi yiyemeje kurungika ibindi bitatu muri uno mwaka.

Korea y’Epfo ivuga ko Korea ya Ruguru yashoboye kurungika ikigendajuru cayo ifashijwe n’Uburusiya, bikaba bivugwa ko na bwo buhabwa ibirwanisho na Korea ya Ruguru mu ntambara yabwo muri Ukraine.

Mu mwaka uheze, Kim yaragiranye inama ikomeye na Perezida Vladimir Putin hamwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu. Muri ino ndwi kandi, umushikiranganji wa Korea ya Ruguru ajejwe imigenderanire yari i Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya).