Amerika yemeye gutanga imiliyaridi 2$ y'imfashanyo kuri ONU ariko iyibwira iti: "Hinduka canke upfe"

    • Umwanditsi, Imogen Foulkes
    • Igikorwa, Geneva

Reta zunze ubumwe za Amerika zemeye gutanga amadolari ya Amerika angana na miliyari 2 yo gufasha imigambi y'ubutabazi ya ONU, ariko zihanura UN ko itegerezwa "kwihindura canke igapfa"

Ivyo vyatangajwe i GenevE na Jeremy Lewin, Icegera c'umunyamabanga wa Leta wa Amerika ajejwe ugufashanya, hamwe n'uwujejwe ibikorwa vy'ubutabazi vyihutirwa muri ONU, Tom Fletcher.

Ibi bishitse mu gihe hariho igabanuka rikomeye ry'amahera Amerika yahora itanga mu bikorwa vy'ubutabazi, kandi hakaba hitezwe n'ukundi kugabanuka kw'ayandi ava mu bindi bihugu bisanzwe bitanga imfashanyo muri ONU, nk'Ubwongereza n'Ubudagi.

Fletcher yashimye kuri iyo mfashanyo, avuga ko azokiza ubuzima " bw'amailioni menshi y'abantu". Ariko ayo madolari angana na miliyari 2 ni agace gato cane ugereranije n'ayo Amerika yahora itanga mu bikorwa vyo gufasha. Mu mwaka wa 2022, intererano ya Amerika mu bikorwa vy'ubutabazi vya UN yari amadolari miliyari 17.

Ariko ayo mafaranga yatanzwe yaherekejwe n'amabwirizwa ayaherekeje. N'aho abatanga imfashanyo muri ONU bashobora guhitamwo imigambi imwe imwe yo gushigikira, ayo mafaranga Amerika yatanze azoshirwa ahanini mu bihugu 17 gusa, harimwo Haiti, Siriya, na Sudani.

Afuganisitani na Yemeni ntibazoronka n'ifaranga rimwe kuri ayo mafaranga, nk'uko Bwana Lewin yabivuze, yongerako ko i Washington ifise ivyemezo vy'uko muri Afuganisitani hari amahera ya ONU yahora ajanwa mu muhari w'aba Talibani, kandi ko "Prezida Trump atazokwigera yemera ko n'ifaraga rimwe ry'amahera y'abatanga amakori rija mu mirwi y'iterabwoba."

Ivyo bipimo bizogora cane amashirahamwe yigenga akorera mu bihugu bitari kuri urwo rutonde. Ingaruka z'ukugabanuka kw'imfashanyo zaratanguye kugaragara: amavuriro y'abavyeyi n'abana yarafunzwe muri Afuganisitani, kandi indya zihabwa impunzi zaragabanutse cane muri Sudani. Kw'isi yose, na ho impfu zabana bakiri bato zari zaragabanutse, hitezwe ko zizokwiyongera uyu mwaka.

Aya mategeko yashizwe ku mfashanyo za Amerika kandi abuza gukoresha ayo mafaranga mu migambi ijanye no kurwanya ihindagurika ry'ibihe (climate change), kuko Lewin yavuze ko iyo migambi "idakiza ubuzima" kandi itari mu nyungu za Amerika.

Lewin, umwizigirwa wa Trump bivugwa ko yagize uruhara runini mu gufunga USAID no kwirukana ibihumbi vy'abakozi bayo, yongeye kuburira ONU ko itegerezwa "kwihindura canke igapfa", avuga ko "ikigega c'amahera ca Amerika kitazugururirwa amashirahamwe ashaka gusa gusubira mu buryo bwa kera."

Amerika ivuga ko imfashanyo inkunga itegerezwa kwibanda ku bikenewe kandi igakoreshwa neza, ata gusubiramwo imigambi imwe n'imwe. Ivyo ni ibintu Tom Fletcher hamwe n'igisata cose ca ONU bavuga ko bashigikiye. Ntibiri mu nyungu z'umuntu n'umwe, na cane cane izo abantu bagera ku miliyoni 200 bari mu makuba, ko amafaranga akoreshwa nabi.

Ariko n'aho ONU yakiriye neza iyi mfashanyo nshasha ya Amerika, haracari ibibazo bikomeye ku bijanye n'ukuntu ayo mategeko yisunga politike cane. amategeko yo gufashanya mu bijanye n'ubutabazi yo avuga ko imfashanyo ikwiye kuba ataho yegamiye mubijanye na politique .

Gukuramwo ibihugu bimwe, canke ibibazo nk'ivyihindagurika ry'ibihe, birahonyanga ayo mategeko.

Ariko mu gihe ONU igihanganye n'ingorane zikomeye z'imfashanyo , kandi ikaba ifise i Washington uwutanga imfashanyo afise amakenga menshi, benshi muri ONU baremera ko amadolari imiliyari 2 ari meza kuruta kubura.