Amadosiye ya Epstein avuga iki mu vy'ukuri?

    • Umwanditsi, Abimana chancard
    • Igikorwa, Journalist
  • Igihe co gusoma: iminota 3

I dosiye zamenyekanye cane zizwi nka 'Epstein files' zimaze gushirwa ahabona, haciye havurwa vyinshi kw'isi.

Mu gihe Ubushikiranganji bw'Ubutungane bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bushiriye ahabona ama miliyoni yinyandiko n'amasanamu ibihumbi, abantu benshi bariko bibaza ikibazo kimwe: none muri izo dosiye harimwo iki, Kuberiki isi yose iriko irabivugako ?

None Jeffrey Epstein yari nde?

Jeffrey Epstein yari umurwizatunga w'umunyamerika yari afise ubutunzi bwinshi kandi akagendana n'abanyacubahiro benshi b'abanyapolitike, abadandaza n'ivyamamare.

Yari afise amazu menshi meza, harimwo n'izinga ryiwe bwite riri muri U.S. Virgin Islands, aho bivugwa ko vyinshi mu vyaha yagirizwa vyabereye

Mu 2008 yaragiriwe n'ivyaha bijanye n'ihohoterwa rishingiye ku gitsina ryakorewe abana.

Mu 2019 yarongeye gufatwa yagirizwa urudandazwa rw'abana b'abakobwa abatwara mu mibonano mpuzabitsina.

Imbere y'uko urubanza rwiwe rutangura, yaciye apfira mw'ibohero, kandi abategetsi batangaje ko yiyahuye.

Amatohoza hamwe n'ivyashikirijwe n'abahohotewe vyerekana ko Epstein yakoresheje ubutunzi bwiwe, ububasha n'ubucuti yari afise n'abantu bakomeye kugira ashobore kwirinda gukurikiranwa n'ubutungane.

Ni ibiki biri muri "Epstein files"?

Izi nyandiko ni urukurikirane runini rw'ivyegeranyo vyavuye mu matohoza yakozwe kuri Epstein n'abo bakorana.

  • ubutumwa bwo kungurukana bumenyi - Emails
  • urutonde rw'abagiye mu ndege ziwe
  • inyandiko z'ivy'ubutunzi
  • Ivyegeranyo vy'abahohotewe
  • Ibindi vyegeranyo vyakuwe mu matohoza

Abantu benshi bari biteze ko izo nyandiko zoshira ahabona urutonde rudasanzwe rw'abantu b'abakomeye bakoze ivyaha canke babipfutse. Ariko si ko vyagenze.

Izo nyandiko ni nyinshi cane kandi ntizisigura vyose mu buryo bworoshe. Kuba izina ry'umuntu riboneka muri izo nyandiko ntibisigura ko yakoze icaha.

Kubera iki harimwo abantu bazwi cane ?

Epstein yari umuntu afise amahera menshi cane kandi yari azinanye nabantu benshi.

Abantu benshi muri poritike, ubudandaji n'ivyamamare barabonetse muri emails ziwe, mu mafoto canke mu ngendo z'indege kubera gusa bahuye na we mu nzira z'akazi canke mu buzima busanzwe.

Abavuzwe cane murizo nyandiko harimwo:

  • Umugwanwa wo mu bwongereza Andrew, aherutse kwamburwa iryo teka
  • Uwahoze ari Perezida wa Amerika Bill Clinton
  • Umurwizatunga Elon Musk
  • Uwashinze Microsoft Bill Gates
  • Umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump

Bose barahakanye ko bakoze ivyaha, kandi nta n'umwe arakurikiranwa n'ubutungane ku bijanye n'ayo madosiye.

Abajejwe amatohoza bavuga ko ivyasohotse biva mu ma-emails, mu mafoto canke mu makuru ataremezwa neza, aho naho ntibiba ari ibirego bikwiye.

Kubera iki ata bantu benshi bafashwe?

Kugeza ubu, Epstein hamwe n'uwamufasha Ghislaine Maxwell ni bo bonyene bamaze kwagirwa n'ivyaha bijanye n'uru rubanza.

Maxwell ubu ari mw'ibohero ku caha co gufasha mu kurondera abana b'abakobwa bari bakiri bato cane.

Nk'uko abatohoza hamwe n'abahinga mu vy'amategeko babivuga, inyandiko zimaze gushirwa ahabona gushika ubu ntizirimwo ivyemezo bitahuritse vyotuma abashingwamanza buguruza imanza kuri abo bantu .

Hari amatohoza akibandanya mu Nama Nshingamateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko iyo nama nshingamateka nta bubusha ifise yo gushikiriza ibirego.

Ni kuki hakiri impari?

Naho izo nyandiko zasohotse, impari ziracari nyinshi. Bamwe mu bahohotewe hamwe n'ababunganira bavuga ko uburyo amadosiye yatunganijwe butari bwiza kandi ko amazina y'abahohotewe atakingiwe.

Abandi bavuga ko hari izindi nyandiko zitashizwe ahabona, mu gihe Leta ivuga ko zimwe zidashobora gusohorwa kubera ubera zirimwo amakuru y'ibanga canke zoshobora guhungabanya abahohotewe.

Hari kandi amakuru atari yo n'amafoto y'uruhendo yakozwe hakoreshejwe ubwenge bwa none (AI) akwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi, bigatuma abantu abantu babura gutandukanya ukuri n'ibinyoma.

Muri rusangi amadosiye ya Epstein aremeza ko Epstein yari afitaniye imigenderanire n'abantu bakomeye, ariko ntiyerekana urutonde rw'abantu bakoze ivyaha.

Ahubwo arerekana urubanza rukomeye , rurimwo abatunzi benshi, abantu bafise inguvu, hamwe n'ukungene inzego zubutungane zidakora neza .

Ku bahohotewe, igikomeye si amazina y'abarwizatunga arimwo, ahubwo boba bashaka ko ivyo baciyemwo bimenyekana hanyuma baronke ubutungane.

Kandi naho inyandiko nyinshi zasohotse, haracari ibibazo vyinshi bikirindiriye inyishu.