Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK-Rwanda: Abashaka kubuza indege kujana abimukira mu Rwanda batsinzwe
Abacamanza bo muri sentare isubiramwo imanza mu Bwongereza banse guhagarika indege reta y'Ubwongereza izorungika mu Rwanda ijanye aba mbere mu barondera ubuhungiro binjiye muri ico gihugu bidaciye mu nzira zemewe n'amategeko.
Iyo ndege itegekanijwe guhaguruka ku musi w'ejo wa kabiri aho bukera.
Iyo ngingo ikurikiye iyari yafashwe na sentare nkuru ko biri mu nyungu "z'abanyagihugu" ko reta ikomeza imigambi yayo.
Muri uwo mugambi, bamwe mu binjira mu Bwongereza bidaciye mu nzira zemewe n'amategeko bazojanwa mu Rwanda babandanye gusaba ubuhungiro ariyo bari.
Abaharanira uburenganzira bwa muntu bariko baragerageza kubuza ko abo bantu barungikwa mu Rwanda imbere y'uko uwo mugambi usuzumwa neza ko uhuye n'amategeko mu kwezi kuza.
Iyo sentare imbere y'aho yari yabwiwe ko abantu 11 ari bo bitezwe kurungikwa mu Rwanda muri iyo ndege yo ku wa kabiri.
Ariko ishirahamwe ry'abagiraneza, Care4Calais, ryari muri abo bunguruje urubanza rwari rwaciwe na sentare nkuru, ryavuze ko abazogenda muri iyo ndege ubu ari umunani gusa.
Urubanza rwagiye muri sentare isubiramwo imanza inyuma y’aho abarushingishije barushirijwe ku wa gatanu uheze, umucanaza wa sentare nkuru agafata ingingo yo kwemerera indege ya mbere guharuruka kuri uyu wa kabiri.
Muri uwu mugambi, bamwe mu binjira mu Bwogereza badakurikije amategeko bazokwungururirzwa mu Rwanda kugira ngo basabireyo ubuhungiro.
Hazoba umwihwezo wimbitse aho sentare nkuru y’igihugu izokwumviriza ibishikirizwa n’abarwanya uwu mugambi muri rusangi imbere y’impera za Mukakaro (7).
Mu ngingo yiwe, umucamanza Swift wo muri sentare nkuru yemeye ko harimwo “inyungu z’abanyagihugu” mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati Priti Patel yoshobora gushira mu ngiro uwu mugambi.
Uwo mugambi waraneguwe cane n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa zina muntu.
Reta y’Ubwongereza yo yemeza ko ugamije guca intege abafata ingendo zibangamye cane zo kwinjira mu Bwongereza.
Yaramara no kuri uyu wa mungu, hashitse 111 baje mu bwato butatu buto buto, abamaze gushika mu bwongereza muri uyu mwaka bakaba barenga ibihumbi 10.