Umugambi wa UK wo kurungika abimukira mu Rwanda uteye kubiri 'na kamere y'Imana' - Welby

    • Umwanditsi, Na Joseph Lee
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'ishengero ry'Ubwongereza (Church of England), Justin Welby, kuri uyu wa Mungu yaneguye umugambi wa Reta y'Ubwongereza wo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro.

Uyu Musenyeri mukuru wa Canterbury avuga ko uwu mugambi "uteye kubiri na kamere y'Imana".

Mu nyigisho yiwe ya Pasika, Justin Welby yavuze ko igihe c'izuka rya Yesu Kristu/Yesu Kristo atari ico "kuremeka inshingano zacu abandi".

Reta ivuga ko ari ngombwa ko haba impinduka kugira bakingire ubuzima bw'abantu ntibagurishwe.l

Muri uwu mugambi w'imiriyoni 120 z'amapadundi (hafi imiriyoni 157 z'amadorari y'abanyamerika) - watangajwe muri ino ndwi - abantu bafatwa ko binjiye mu Bwongereza bidaciye mu mategeko bazotwarwa muri iki gihugu c'Urwanda, ari ho bazokwemererwa gusabira uburenganzira bwo kuja kuba muri ico gihugu.

Iyi ngingo iriyamirizwa bikomeye, aho amashirahamwe atabara abatishoboye arenga 160 ariko asaba abashikiranganji guhagarika ico bita poritike "y'ubugome". Eka n'imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi mu Bwongereza na bamwe mu bagendera ku vyiyumviro vya kera (Conservatives) baranegura iyi ngingo.

Mw'ijambo yashikirije ku Rusengero rukuru rwa Canterbury kuri uno musi wa Mungu wa Pasika, Musenyeri Welby yavuze ko hari "ibibazo bikomeye bitewe n'irungikwa ry'abasaba ubuhungiro mu mahanga".

Yongerako ati: "Ibisigaye ni ivya poritike n'abanyaporitike. Ica ngenderwako n'uko vyoba ari vyiza mu maso y'Imana. Ariko siko bimeze.

" ...kandi ntibihuye n'inshingano zacu nk'igihugu kigendera ku ndangagaciro k'aba-Kristu: kuko kuremeka abandi inshingano zacu, naho hoba ari ku gihugu kirondera ineza nk'Urwanda, ni igihushane ca kamere k'Imana, kuko yo nyene ubwayo yaremeye kwiremeka ibitunanira".

Ubushikiranganji w'intwaro yo hagati yashigikiye uwu mugambi bufatiye ku majambo yo kunegura yavuzwe n'uyu musenyeri, bukavuga ko Ubwongereza "bwishimira kahise kabwo" ko gufasha abo bose babikeneye, kandi ko n'imigambi yo guha ubuhungiro ababukeneye wafashije ibihumbi amajana n'amajana kuronka "inzira nziza kandi zemewe n'amategeko zo kwubaka kazoza kabo".

Umuvugizi w'ubwo bushikiranganji avuga ati: "Hagati aho, isi irahanzwe n'ikibazo c'abimukira ku rugero rutari bwigere rubaho rero hakenewe impinduka kugira ngo abantu babi bashora abantu bareke gushira ubuzima bw'abantu mu kaga hanyuma n'ikibazo c'abarondera ubuhungiro kw'isi cananiraye gitorerwe umuti".

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko Urwanda "rutekanye" kandi ko ruzokwiga abasaba ubuhungiro hisunzwe amategeko mpuzamakungu akingira uburenganzira bwa kiremwamuntu.

Amasendika y'abakozi ba reta avuga ko iyi ngingo ari "iy'ubunyamaswa" ariko ko abategetsi bazotegerezwa kuyishira mu ngiro canke naho bakagenda.

Uwu mugambi w'Urwanda kwakira abarondera ubuhungiro uzokora gute?

Ku wa kane, Ubwongereza n'Urwanda vyashize ahabona amasezerano mashasha azotuma bamwe mu barondera ubuhungiro bazoronswa gusa itike y'indege yo kugenda bakaja muri ico gihugu.

Ibizwi gushika ubu muri uwo mugambi:

  • Uwu mugambi uzoraba cane cane abagabo bari bonyene binjiye mu Bwongereza bidaciye mu mategeko baciye mu mato matoya canke mu makamyo
  • Abantu binjiye mu Bwongereza muri iyo nzira kuva ku wa 01 nzero (1) bashobora kurungikwa mu Rwanda, aho ikibazo cabo c'ubuhungiro kizokwigirwa
  • Mu gihe ibibazo vyabo bizoba biriko birigwa, bazoronswa ibibabeshaho kandi bazoba bafise uburenganzira bwo gusohoka no kwinjira mu mazu yabo umwanya wose
  • Abazokwemererwa ubuhungiro bazofashwa kwubaka "ubuzima bushasha" mu Rwanda, aho bazofashwa mu vyo kubaho n'amashure gushika ku myaka itanu, nk'uko reta y'Ubwongereza ibivuga.
  • Abazokwimwa ubuhungiro bazoronswa akandi karyo ko gusaba kuguma mu Rwanda canke naho basubizwe mu gihugu cabo c'amamuko canke mu kindi gihugu bafise uburenganzira bwo kubamwo
  • Reta y'Ubwongereza ivuga ko aba mbere muri aba barondera ubuhungiro bashobora gushikanwa mu Rwanda mu ndwi ziri imbere