Igitero c’inkoho mu nyubakwa y’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova mu Budagi cahitanye abantu

igipolisi

Ahavuye isanamu, Reuters

Umuntu yitwaje inkoho yinjiye mu cumba c’amasengesho c’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova arasa abantu, ni mu gisagara ca Hamburg kiri mu buraruko bw’Ubudagi.

Igipolisi kivuga ko uyu mugabo yitwaje inkoho yabikoze wenyene kandi ko ashobora kuba yapfuye.

Ibimenyeshamakuru vy’Ubudagi bitangaza ko abantu batandatu canke indwi ari bo boba biciwe muri iki gitero kandi ntibiramenyekana neza nimba uyu mugabo yagikoze ari muri bo.

Igipolisi kivuga ko gushika ubu imvo zatumye uyu mugabo akora iki gitero zitaramenyekana.

Abandi bantu batari bake bakomeretse muri iki gitero c’inkoho cabereye kw’ibarabara rya Deelböge muri karitiye ya Gross Borstel y’ico gisagara.

Igipolisi kivuga ko catoye umuntu yapfiriye ahabereye iki gitero afatwa ko yoba ari we yagikoze, amatohoza akaba akibandanya.

Igipolisi kivugwa ko cahamagawe isaha zitatu n’iminota 15 (21:15) mu masaha yo muri ico gihugu, ni ukuvuga isaha zine n’iminota 15 mu masaha ya Gitega na Kigali, babwirwa ko hari umuntu yariko ararasa muri iyo nyubakwa, nk’uko umuvugizi w’igipolisi Holger Vehren abivuga.

Abapolisi barungitsweyo basanze abantu “bashobora kuba bakomerekejwe cane n’amasasu, bamwe muri bo bashobora no gupfa”, nk’uko abivuga.

"Abapolisi kandi bumvise umuntu arasa ari hejuru baca baraduga, naho nyene bakaba bahatoye umuntu. Gushika ubu nta makuru dufise nimba hoba hari ababikoze bahunze”.

Avuga ko igipolisi kitaramenya umwidondoro w’abahasize ubuzima kandi ko ibikorwa bikibandanya ahabereye iri bara.

Vehren ati: "Ico tuzi ni uko hari abatari bake bahapfiriye, abandi batari bake barakomereka, bakaba bajanwe kwa muganga”.

Ivyatumye iki gitero kiba gushika ubu ntikiramenyekana.

Kuri uno wa gatanu mu gatondo, umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz iki gitero ari ic'ubugome, akaba ahoza ababuze ababo.

Mw'itangazo, umuryango w'Ivyabona vya Yehova mu Budagi, uvuga ko "ubabajwe cane n'iki gitero c'ubugome ku banywanyi bawo mu Ngoro y'Ubwami i Hamburg inyuma y'igisabisho".

Insiguro ya video, Raba ingene abapolisi binjiye muri iyo nyubakwa
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bivugwa ko hari abantu bari bakoraniye muri iyo nyubakwa, bigashoboka ko bari mu vyigwa vya Biblia, igihe iki gitero catangura.

Umugore aba mu micungararo avuga ko yumvise amasasu menshi hanyuma, mu nyuma, akaba yabonye abapolisi bakura abantu muri iyo nyubakwa.

Umukuru w’igisagara ca Hamburg, Peter Tschentscher, avuga ko ababajwe n’iki gitero, agahoza imiryango yabuze abayo.

Ababa hafi y’aho iki gitero cabereye basabwe kutava mu mihana yabo mu gihe igipolisi kikibandanya ibikorwa vyaco.

Amashusho yerekana abapolisi baherekeza abantu bava muri iyi nyumbakwa, bamwe batwarwa mu mamodoka y’ubutabazi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Hamburg, Andy Grote, yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Twitter avuga ko ingabo zidasanzwe z’igipolisi hamwe n’abandi bapolisi benshi barungitswe ahabereye iki gitero.

Abapolisi basaba abanyagihugu ko batokwiragiza ivyo bibaza canke ibihuha.

Ivyabona ya Yehova ni ishengero rya gikristu.

Ryashinzwe muri Amerika amaja mu mpera z’ikinjana ca 19, rirongowe na Charles Taze Russell. Icicaro caryo kiri i New York.