Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
30 baraye bishwe mu gitero ca Israel muri Gaza, Harris abwira Netanyahu ko ‘hageze ko intambara ihagarara'
Igisirikare ca Israel caraye gikoze igitero kw’ishure riri hafi ya Deir al-Balah, igisagara kiri hagati muri Gaza, cahitanye Abanyapalestina nibura 30 abandi barenga 100 barakomereka, nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas.
Igisirikare ca Israel (IDF) canditse ku rubuga rwa Telegram ko ikirindiro c’intwazangabo za Hamas zigenzura intambara cari cashinzwe muri iryo shure Khadija School.
IDF yongerako ko Hamas yinyegeza muri uru rupangu mu gutanga amategeko no gutegura ibitero, kandi ko ari naho yabika ibirwanisho.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Gaza buvuga ko amashusho yerekana ko abapfuye bari abasivire kandi ko hafi bose ari abana. BBC yashoboye kubona no guhinyuza videwo yerekana abana mu bakomeretse.
Igisata ca Gaza kijejwe gucungera umutekano w’abanyagihugu kivuga ko iri shure ryari rihaye indaro abategshejwe izabo. Hamas yacishije itangazo ku rubuga rwa Telegram ivuga ko amakuru avuga ko iri shure ryakoreshwa mu bikorwa vya gisirikare ari “ikinyoma” kandi ko “abataye izabo, abarwaye n’abakomeretse, abenshi muri bo abagore n’abana”, bishwe.
Uwabibonye Mustafa Rafati yabwiye BBC ko iturika ry’igisasu ryamujugumije mbere rikamuta hasi. N’ubwoba bwinshi, avuga ko yirutse aja muri iryo shure akabona ibihimba vy’umubiri “mu buryo buteye ubwoba”.
Ati: "Narababaye cane”.
IDF ivuga ko imbere y’uko ikora iki gitero yari yafashe ingingo zo kugabanya ingaruka zoshikira abasivire, “harimwo ikoreshwa ry’amasasu yemewe, igenzura ryo mu kirere hamwe n’igendereza ry’inyongera”.
Ubushikiranganji bwa Gaza bujejwe amagara y’abantu buvuga ko abantu 53 bishwe abandi 189 barakomereka kuva mu gatondo k’ejo ku wa gatandatu kubera ibibombe vy’igisirikare ca Israel i Deir al-Balah no mu gisagara ca Khan Younis kiri mu bumanuko.
Ni mu gihe icegera c’umukuru w’igihugu wa Reta zunze Ubumwe za Amerika Kamala Harris - ariko arondera guserukira umugambwe w’aba-Democrats mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri Munyonyo (11) uno mwaka - yabonanye n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu akamubwira ko hageze ko intambara muri Gaza ihagarara.
Akoresheje imvugo ikomeye gusumba iya Perezida Joe Biden, umupfasoni Harris yavuze ko yatomoye “amakenga akomeye” afise ku bapfa n’abakomereka muri Gaza, abwira Netanyahu ko uburyo Israel yivuna ari ikibazo.
Inyuma y’kiyago bagiranye amaso mu yandi muri Maison Blanche/White House, yagize ati: “Harageze ko ino ntambara ihagarara”.
Umupfasoni Harris kandi yashimangiye ko ari nkenerwa ko haba inzira yoganisha ku nyishu ishingiye kw’ishingwa ry’ibihugu bibiri.
Ku wa kane, Netanyahu yari yabonanye na Perezida Biden aherutse gukura akarenge mu rugamba rwo kwitoreza ikiringo ca kabiri.
Iyi mibonano Netanyahu yahawe muri Maison Blanche yabaye inyuma y’aho ku wa gatatu w’ino ndwi ashikirije ijambo inama nshingamateka na nkenguzamateka, aho yiyemeje gushikira “intsinzi itagabanije” kuri Hamas, mu gihe ibihumbi n’ibihumbi vy’abashigikiye Abanyapalestina bari hanze mu myiyerekano.
Uno mushikiranganji wa mbere ari ku gitsure c’imbere mu gihugu no hanze kugira ngo ahagarike iyi ntambara hagati ya Gaza na Israel, ubu iri mu kwezi kugira icenda.
Biden arashigikiye Israel yivuye inyuma, ibishavuza bikomeye abo ku ruhande rw’abashaka ko ibintu bihinduka, mu gihe uruhara rwabo ari kirumara nimba aba-Democrats bashaka gutsinda amatora yimirije.
Kubera iki, ingendo Harris yofata kuri Israel izoba ari ikintu gikomeye cane ari nka hamwe yoramuka asubiriye Biden muri Maison Blanche.
Inyuma y’umubonano yagiranye na Netanyahu wamaze hafi iminota 40, umupfasoni Harris yavuze ko ashigikiye yivuye inyuma uburenganzira bwa Israel bwo kwivuna umwansi.
Yibukije ko iyi ntambara yatanguye ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze, igihe abarwanyi ba Hamas batera mu bumanuko bwa Israel bavuye muri Gaza, bakica abantu 1200 bongera banyuruza abarenga 250, mu biharuro bitangwa na Israel.
Igitero ca Israel co kwihora muri Gaza kimaze guhitana abantu barenga 39.000.
"Israel ifise uburenganzira bwo kwivuna. Gusa ikibazo kiri ku kungene bikorwa”, niko umupfasoni Harris avuga, mu kwerekana impungenge ziwe ku “kibazo c’imibereho mibi cane y’abanyagihugu” muri Gaza.
Ati: "Ntidushobora kwigira sindabibazwa imbere y’arya marushwa, kandi sinshobora kunuma”.
Yongerako ati: "Reka turabe ko twoshika ku masezerano yo guhagarika intambara. Dutahukane abafashwe bugwati, twongere dutabare uko bikwiye abanyagihugu ba Palestina”.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru inyuma y’umubonano hagati ya Biden na Netanyahu, umuvugizi w’igisata kijejwe umutekano mu gihugu muri Maison Blanche, John Kirby yavuze ko aba bategetsi bompi bavuganye ko ari ngombwa ko abafashwe bugwati barekurwa vuba.
Avuga kandi ko baganiriye ku ngorane z’uko iyi ntambara ishobora kurenga inkombe ikinjira muri Libani hamwe no ku kaga gashobora guterwa na Irani, babonera hamwe kandi ko ari nkenerwa ko bashika “ku mwumvikano” biciye mu biganiro.