UNHCR ihumuriza impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzania ko zitazohungurwa ku nguvu

Umukuru wa HCR Filippo Grandi mu mubonano n'impunzi zo mw'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzania

Ahavuye isanamu, UNHCR

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa HCR Filippo Grandi mu mubonano n'impunzi zo mw'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzania

Ishami rya ONU rijejwe impunzi kw’isi, HCR/UNHCR, rirahumuriza impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzania ko ata mugambi uriho wo kuzihungura ku nguvu, nk’uko biri mw’itangazo ryaraye risohoye.

Mw’iri tangazo, ishirahamwe HCR rivuga ko mu biganiro riherutse kugiriranira n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwa Tanzania, reta y’iki gihugu “yemereye UNHCR ko amakambi azoguma yuguruye kandi nta n’umwe azohatirwa guhunguka”.

Leta y'Uburundi ihimiriza impunzi gutahuka ivuga ko ata mpamvu yotuma ziba mu buhungiro, ikavuga ko umutekano usasagaye mu gihugu cose.

Impunzi z’Abarundi ziri mu makambi mu burengero bwa Tanzania zama mu bwoba bw’uko zishobora guhungurwa ku nguvu, zemeza ko abarongoye ano makambi yazo bazitera ubwoba, bakaziturubika, bakazifatira ingingo zibabaza, zikabona ko vyose biri mu ntumbero yo kuzihatira guhunguka kandi zitavyiyumvamwo.

Ni ikintu kimenyerewe cane mu mpunzi aho ibikorwa bimwe bimwe nk’amashure n’amasoko vyugarwa, imfungurwa zikagabanywa, impusha zimwe zimwe zigahagarikwa, mu ntumbero yo kuzihatira guhunguka, imbere y’uko zihungurwa ku nguvu.

Yatangaje ibi inyuma y’aho umukuru w’igisirikare ca Tanzania amusabiye ko yokwiga ingene yosubiza iwabo impunzi ziva mu bihugu umutekano wagarutse, aho yavuze ko ikibazo nyamukuru gihanze umutekano mu ntara zo mu burengero bwa Tanzania ari uko ako karere gahaye indaro impunzi n’abasaba ubuhungiro igihe kirekire.

HCR ivuga ko amakuru aherutse gutangazwa n’ibinyamakuru vya Tanzania yemeza ko impunzi “zamenyeshejwe n’abategetsi ba Tanzania ku mugambi wayo wo kwugara ikambi ya Nduta – ihaye indaro impunzi 63.000 – imbere y’uko uno mwaka urangira.

“Ano makuru abandanya avuga ko ubufasha bugenewe impunzi buzohagarara, mu ntumbero yo gufutanya ubuzima muri iyo kambi kugira ngo bazihatire gufata ingingo yo gusubira mu Burundi, kandi uburenganzira bwo kwitwa impunzi ku Barundi bari muri ico gihugu buzohagarara”, niko biri muri iri tangazo rya HCR.

HCR ivuga ko impunzi z’Abarundi 168.000 zari muri Tanzania zimaze gutahuka kuva muri 2017, aba ni abari bashitse ku kigo cakira abahunguka c’i Nyabitare mu ntara ya Ruyigi mu 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, HCR ivuga ko impunzi z’Abarundi 168.000 zari muri Tanzania zimaze gutahuka kuva muri 2017, aba ni abari bashitse ku kigo cakira abahunguka c’i Nyabitare mu ntara ya Ruyigi mu 2019
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iri shirahamwe rivuga ko aho riramiye kubona ano makuru ryagize impungenge, rigaca ryitura ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwa Tanzania, ari na bwo bujejwe impunzi mu gihugu, kugira ngo ribushikirize izi mpungenge.

Rishimangira ko ari nkenerwa ko impunzi zose zitahuka ku gushaka kwazo nk’uko vyumvikanyweko mu masezerano y’Inyabutatu hagati ya reta ya Tanzania, iy’Uburundi na HCR.

Iri tangazo rivuga kandi riti: “HCR yarasobanuye kandi inzira yo guhagarika uburenganzira bwo kwitwa impunzi, inzira isaba igihe n’integuro kugira ngo habanze gusuzumwa ingene ibintu bimeze”.

HCR “ishimira cane reta ya Tanzania kuba yongeye kwiyemeza nk’uko yamye kubandanya ihaye indabo impunzi z’Abarundi, ndetse ikanemeza ko reta izorondera inyishu kuri izi mpunzi zishobora kuba zifise ibibazo vy’umutekano bizibuza guhunguka”.

Iri shirahamwe rivuga ko rizobandanya rikorana na reta mu kurondera inyishu y’ikibazo c’impunzi, ryongere rikore ibishoboka kugira ngo impunzi zafashe icemezo co guhunguka mu bwigenge kandi ku gushaka kwazo zihunguke “mu mutekano kandi mu cubahiro”.

Muri Munyonyo (11) umwaka uheze wa 2023, HCR, reta ya Tanzania n’iy’Uburundi zaremeranije guhimiriza impunzi ngo zihunguke ku gushaka kwazo “nk’uko biri mu Masezerano y’Inyabutatu yo muri Rusama [5] 2001”.

Ano masezerano ashingiye ku rupapuro rw’inzira rutomoye neza rurimwo ingingo zijanye no guhimiriza no kwigisha izi mpunzi kugira ngo zo nyene ubwazo zifatire ingingo ata gahato.

HCR ivuga ko muri uno mwaka imaze gufasha abarenga 4.000 gusubira mu Burundi bavuye muri Tanzania.

Ibiharuro bitangwa n’iri shirahamwe vyerekana ko kuva hatanguye igikorwa co guhungura impunzi ku gushaka kwazo muri Nyakanga (9) 2017, izirenga 230.000 zimaze gusubira mu Burundi, harimwo 168.000 zari muri Tanzania.

Kuva imyaka mirongo n’iyindi, Tanzania yamye yugururira imiryango abarondera ubuhungiro.

Muri kino gihe, ihaye indaro impunzi zababa 241.000 ziva cane cane mu Burundi na Repubulika ya Demokarasi ya Congo, zisanzwe ziba mu makambi abiri ya Nyarugusu mu karere ka Kasulu hamwe na Nduta mu karere ka Kibondo.

Ishirahamwe HCR ryidoga ko gushika ku wa 40 Ndamukiza (4) 2024, ryari rimaze kuronka 13% gusa ku miriyoni 114 z’amadorari y’Abanyamerika risaba kugira ngo rikingire ryongere rifashe impunzi zo muri Tanzania muri uno mwaka.