ONU iragabisha ko intambara ya M23 ishobora kuvamwo iy'akarere

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres aragabisha ko intambara y'umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo ishobora kuvamwo intambara y'akarere kose.

Mw'itangazo yasohoye, umuvugizi wiwe, Stephane Dujarric, araniyamiriza ifatwa rya Sake n'abagwanyi ba M23. Sake ni igisagara kiri ku birometero 20 uvuye i Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru. Nico gisagara ca vuba M23 ifashe kuva yigaruriye Minova yo muri Kivu y'Epfo muri iyi ndwi nyene. Ivyo bisagara vyompi ntibiri kure ya Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.

Kuva uwu mwaka utanguye, intambara yararushirije gushuha aho mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo, akarere karangwamwo ubutare bwinshi n'amabuye y'agaciro. M23 imaze kuhigarurira uduce twinshi kuva yongeye kuvyura intambara mu mpera za 2021.

Itangazo ry'umuvigizi w'umunyamabanga mukuru wa ONU rivuga ko ''ahagaritswe umutima no gusubira gushusha urugamba mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo.

''Ariyamiriza, mu majambo akomeye cane bishoboka, ibitero bishasha vya M23 yatanguje kuva mu ntango z'uyu mwaka no kuba iriko iriyagurira akarere muri Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo n'ifatwa ubu vuba rya Sake, ivyongereza ubwoba bw'isugerezwa rya Goma''.

''Ivyo bitero bigira ingaruka mbi zikomeye ku banyagihugu basanzwe, zikongereza n'ivyago vy'uko haduka intambara y'akarere kose''.

Amakuru ava mu masoko atandukanye avuga ko igisagara ca Sake coba kitaraja mu minwe ya M23 cose mu gihe hagikomeye intambara zo kukigwanira n'ingabo za reta ya Congo n'abazifasha.

Ishami rya ONU riraba impunzi kw'isi, HCR, rivuga ko iyo ntambara ya vuba imaze gutuma abantu bashika 400.000 bata izabo muri Kivu zompi, kuva uwu mwaka wonyene utanguye.

HCR ivuga ko hamwe horamuka habaye igitero kuri Goma vyokwegera akaga ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu basanzwe, aho boca bagira ivyago vyinshi vyo guhungabanirizwa uburenganzira no gukorerwa amahano.

Amakenga ya HCR y'igitero kuri Goma ahuriranye n'uko urunani Alliance Fleuve Congo rurimwo M23 ruvuga mw'itangazo rwasohoye kuri uyu wa gatanu ko ruri mu nzira rugana Goma ''kubohoza benewacu no kugarukana umutekano n'agateka k'abanya-Congo.''

Umunyamabanga mukuru wa ONU ''asaba abafise uruhara bose kwubaha ubwigenge n'ubutavogerwa bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo no guhagarika inzira zose zo gushigikira imigwi yitwaje ibigwanisho'', nk'uko Dujarric avuga muri iryo tangazo.

ONU n'ibindi bihugu nka Amerika n'ishirahamwe rya Buraya bivuga ko Urwanda rushigikiye M23, ko mbere rwarungitse muri Congo ingabo zishika 4.000 gufasha uwo muhari kurwana.

Mu birori vyo kwifurizanya umwaka mushasha n'abaserukira ibihugu vyabo n'amashirahamwe mpuzamakungu mu Rwanda, umukuru w'ico gihugu, Paul Kagame, yaragarutse cane ku kibazo c'intambara aho mu buseruko bwa Congo. Atemeje canke ngo ahakane ko Urwanda rwarungitseyo ingabo, perezida Kagame yabajije amakungu kubanza kwibaza icotuma igihugu ciwe kirungikayo ingabo imbere yo kumenya niba ari vyo canke atari vyo.

Urwanda rwagiriza reta ya Congo gufasha no gukorana n'umuhari FDLR urwanya Urwanda kandi ugizwe n'abagirizwa kuba bahungiye muri Congo bahejeje gukora jenoside mu Rwanda mu 1994.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yongera kwemeza ko ashigikiye utwigoro duhagarariwe n'umukuru wa Angola João Lourenço two gucuresha icuka kibi hagati ya Congo n'Urwanda.

Mu kwezi guheze hari hategekanijwe inama yo gushika ku masezerano y'amahoro hagati y'abakuru ba Congo n'Urwanda. Yasivye ku munota wa nyuma ku bivugwa ko Urwanda rwabonye ko ataco yomara mu gihe reta ya Congo idashaka kuvugana na M23.

Reta ya Congo ivuga ko kuvugana na M23 ari ''umurongo utukura'' idashobora kurenga.