Inkuru y'umugabo wo mu Burundi yahisemo kwambara nk'abagore

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bujumbura

Samuel Minani yitandukanya rwose n’igitsina gabo mu kwambara inyambaro z’abagore, no mu kugira inyifato isa n’iyabo.

Uyu mugabo, w’imyaka irenga 40, agira ati: "Hari n'igihe mba ndiko ndagenda nkumva abambwiye ngo 'toka dayimoni!'

"Abarundi kweri ni 'hatari'. Ngo 'toka dayimoni', 'ico gi PD',... Sinzi ivyo n’ico bisigura. Sinzi n’iyo bita umutwe. Gusa numva nyene ari urujambo rutampumuriza."

Uwo mugabo, ntashima ko abantu bamuhamagara ayo mazina abavyeyi bamuhaye. Yiyita Bebi (Baby). Kenshi abantu batamuhamagaye bartyo ntiyitaba.

Aha ni mu Kamesa, mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura. Ni igihe c’isaha zitatu z’igitondo ku muhana w’uwo yahisemwo kwiberaho mu buzima busa n’ubw’abakenyezi.

Muhira iwe, yambaye ijipo y’igitenge kandi y’ipasura, n’agashati gahwahutse abakobwa bakunda kwita aga "TOP".

Yasohotse afise ikiyo, igisokozo, tiro, rouge baiser, fond de teint, n’utundi dukoresho.

Ariko aramwenyura, ati: "Karibu."

Ubwo nyene yaciye yicara imbere y’umuryango atangura kwikora. Ku ntoke no ku mano, ubonako inzara ndende, zisize irangi ritukura.

Vyogora rwose kumutandukanya n’abagore. Inyifato, ingendo, ijwi,… Yamara ni umugabo afise umugore n’abana bane.

Vyagenze gute ngo amere uku?

Samuel Minani aba mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura. Ni tumwe mu turere kuva mu ntureka zo mu 1993 gushika mu mwaka wa 2000 twabayemwo intambara zikomeye.

Yemeza ko izo ntambara ziri mu vyatumye amera uko ameze ubu. Avuga ko hageze igihe baba abasirikare canke abitwaje ibigwanisho bakaza barafata imisore n’abagabo baja kubagirira nabi.

Mu kurokoka ngo yambaye impuzu z’abagore. Yagize ati: "Harashitse igihe, urabizi ibintu vy’intambara, baraza nyene baradusanga ahantu twari twahungiye. Numva ijwi rimbwira ko nokwiyoberanya.

"Narumva ko nkumbure igihe canje kigeze co gupfa. Bisaba rero ko nihindura umu mama. Nca ndabikora kandi vyarankijije. Baraje babona twese turi aba mama baca basubira inyuma..."

Kuva ico gihe ngo ntiyasubiriye kuvana n’iyo nyambaro.

Udukorwa two muhira

Minani ahejeje kwikora, yaciye yifatanya n’umugore wiwe mu gutora ibiharage bagira bateke.

Babitora bicaye ku mukeka, impande yabo hari abana babo.

Minani, ari we 'Baby', avuga ko asanzwe akunda gufasha mu dukorwa two muhira.

Ati: "Gucopora ndacopora, ari ugusasa igitanda ndasasa, kumesa, kwoza abana, kubasiga, kubaryamika… uca uvyumva nyene akazi ko mu rugo."

Uyu mugabo asigura ko iyo akeneye gukina akunda inkino z’abagore, kandi ko ata soni bimutera.

Ati: "Nkina nyene inkino z’aba mama. Vya bintu bita ama Horo, ikibariko… Ndumva kwibera muri izi 'styles' ataco bintwaye."

Avuga ko kenshi be n’umugore wiwe bambarana impuzu ndetse bakanasangira udusakoshi bitwaza iyo bagiye nko mu manza, n’ubwo umwe wese afise akiwe.

Yemeza ko bagura udusakoshi tuzimvye, tumeze neza. Ati: "Turiyubaha nyene, tukishira ku mwanya.

"Hari n’igihe bishika nyene ugasanga impuzu nambaye iziwe na we ugasanga yacumisemwo iziwanje. Kandi iyo hageze gusonesha impuzu ni jewe ngenda kubitunganya…"

Umwuga akora

Minani asanzwe akora umwuga wo gukora amaterefone, amaradiyo, n’ibindi bikoresho vy’ubuhinga bwa none (appareils électroniques).

Usanga ariko arabitunganya yiyambariye nk’umugore. Bituma abakiriya bamwe bamwe batamuzi bakangukwa, bakamutangarira.

Avuga ko hari n’igihe yurira ku nzu ariko aratunganya ibijanye n’umuyagankuba canke ariko amanika vya bikoresho vyatsa amatara bikoresheje imishwarara y’izuba (panneaux solaires), ugasanga abantu batangaye rwose. Ngo baba bibaza ko ari umugore yuriye hejuru.

Ariko yemeza ko ako kazi ari ko kamutungiye umuryango.

Ati: "Ni impano nsanganywe kuva nkiri umwana."

Ababanyi bamubona gute?

Ababanyi ba Minani, n’ubwo bemeza ko babanye neza, bariko baravuga urashobora kwumva ko hari ivyo badatahura ku nyifato yiwe.

Sabina Nahimana aba nko ku metero 40 uva kwa Minani. Avuga ko yatangaye cane abonye umugabo yambara nk’abagore.

Ati: "Tubanye neza ni ukuri. Ariko naratangaye cane nkimubona. Umupapa yambara agashirako n’ikigudi, agasiga, akambara amakanzu...

"Jewe ni ukuri vyaranteye n’ikibazo. Nkaguma niyumvira impamvu ivyo bintu yoba yarabigize, biransiga.

"Jewe ni ukuri umusore yoza kundesha yambaye nk’uko, emwe sinomwemerera."

N’abandi babanyi ba 'Baby' nka bose bavyumva bartyo.

Umugore wiwe wa mbere barahukanye. Bari bafise abana babiri. Ubu ari kumwe na Denise Irambona. N’uyu nyene bafitaniye babiri.

Mu gihe mu kibano abantu batangarira umugabo wiwe, Irambona we ntaco bimubwiye.

Avuga ati: "Ngitangura kumubona avyambaye naramubajije igituma avyambaye, aca anyishura ko ari ko yumva ashaka kwambara.

"Naramubajije ingene bizoca bigenda kubera ari umugabo, ambwira ko ari yo 'style' yiwe. Naciye ndamureka.

"Hari abampanura ngo ntahe muhira, nanje nkavuga nti 'ntahe hejuru y’ivyo?' Nti 'kazima akomeye, ari muzima, anyambika, agasuma.' Kandi tubanye neza."

Ikiboneka co, bishobora kuzotwara umwanya muremure kugira abanya Kamesa batahure ivya 'Baby'.