Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Umusi umwe imbere y'amatora uburyo bwo kwiyunguruza bwakeshe
Amakompanyi yunguruza abantu muri Kenya avuga ko abantu bashaka gufata ibibanza vyo kwiyunguruza imbere y'amatora ategekanijwe ejo ku wa kabiri itariki 9 z'ukwezi kw'umunani 2022 biyongereye cane.
Mu karere ko mu burengero bwa Kenya BBC yasanze abantu amajana n'amajana bariko baragerageza kuja iyo bavuka aho biyandikishirije gutorera.
Mu turere tumwe tumwe, amahera yo kwiyunguruza yagwijijwe na kabiri kubera abantu benshi barondera uburyo bwo kwiyunguruza.
Mu burengero ni ho haba abantu bo mu bwoko bugira kabiri mu bwinshi muri Kenya, ako karere kakaba kagwanirwa impande zose ziharanira gutsindamwo.
Hari abantu bashika imiliyoni 2.6 bo mu ntara zishika zitanu.
Umwe mubakora akazi ko kwunguruza abantu Kennedy Ajimbi agira ati:"Aha i Bungoma, twese tumeze neza. Tuguma tubona abantu baca ngaha bagenda mu gisagara ca Busia [ku rubibe Kenya ihana na Uganda] aho biyandikishirije gutorera."
Mu gisagara ca Eldoret, abantu kandi bariko bararaba ko bari ku ntonde z'amatora.
Eldoret akarere kari muri Rift Valley kabonwa nk'ahiganje abanywanyi b'icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto, bitegekanijwe ko atorera aho avuka i Sugoi.
Umwe mu bakozi bajejwe gutegura amatora muri ako karere, Irene Mutahi agira ati:"Nta nkeka ko tuzogira amatora yigenga ata ho yegamiye kandi mu muco."
Mu matora rusangi yo kuri uyu wa kabiri hazotorwa umukuru w'igihugu, abagize inama nshingamateka b'igihugu, abakuru b'intara, abaserukira abagore hamwe n'abagize inama nshingamateka y'intara.
Uwutavuga rumwe na reta Raila Odinga ashigikiwe na prezida Uhuru Kenyatta be n'icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto ni bo bahabwa amahigwe yo gutahukana intsinzi muri bane bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.