Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine - Russia: inyuma y’imyaka 80, dusubiye kugeramirwa n’ama-chars y’Ubudagi – Putin
Na Matt Murphy
BBC News
Vladimir Putin agereranya igitero yakoze kuri Ukraine n’intambara y’Abanazi b’Ubudagi, hari mw’ijambo ryo guhimbaza imyaka 80 kuva intambara ya Stalingrad irangiye.
Avuga ku ngingo yo kurungikira Ukraine vya bimodoka ntamenwa vy’intambara (chars), uyu mukuru w’igihugu c’Uburusiya yavuze ko kahise kariko karisubiriza.
Ati: "Ntivyumvikana, ariko ni ukuri. Dusubiye kugeramirwa n’ama-chars ya Leopard y’Ubudagi”.
Ubudagi ni kimwe mu bihugu vyinshi biriko birafasha Ukraine kurwanira ubutaka bwayo.
Haraciye hafi umwaka Uburusiya butanguye igitero kuri Ukraine, ivyatumye ibihugu vy’Uburengero birungikira reta ya Kyiv ibirwanisho n’izindi mfashanyo.
Mw’ijambo yashikirije i Volgograd – izina rya kino gihe rya Stalingrad – Perezida Putin yumvishije y’uko ashobora kuraba ko yokwikora ku birwanisho bitemewe mu ntambara.
Uyu mutegetsi ubu afise imyaka 70 avuga ati: "Abo bantu bibaza ko bashobora kunesha Uburusiya bisa nk’uko badatahura ko intambara ya none n’Uburusiya izoba itandukanye n’uko bayibaza.
"Ntama-chars turiko turarungika ku mbibe zabo, ariko turafise uburyo bwo kwishura. Ntituzohagarikira kw’ikoreshwa ry’aya maburende (blindés). Buri muntu ategerezwa gutahura ibi”.
Umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yanse gutanga insiguro kuri ayo majambo yashikirijwe na Putin, ariko akaba yabwiye abamenyeshamakuru ko "mu gihe ibirwanisho biriko biratangwa n’urunani rw’Uburengero, Uburusiya buzokoresha inguvu zabwo zose mu kwishura”.
Putin yari i Volgograd guhimbaza isabukuru yo kwibuka irangira ry’urugamba rwa Stalingrad mu ntambara ya kabiri y’isi yose, aho igisirikare c’Abasoviyeti cafashe mpiri ingabo z’Ubudagi hafi 91.000, ikintu gikomeye cahinduye ibintu muri iyo ntambara.
Urugamba rwa Stalingrad nirwo rwahitanye abantu benshi cane ico gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, aho abarenga umuriyoni bahatikiriye.
Volgograd yahawe izina rya Stalingrad mu mwanya muto mu guhimbaza iyi sabukuru, mu ntango z’ino ndwi igishusho gishasha c’indongozi y’abasoviyeti Joseph Stalin kikaba carashizwe ahabona.
Stalin, umukuru w’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) kuva mu 1924 gushika mu 1953, yagirijwe ko yateje ikigoyi muri Ukraine hagati ya 1932-33.
Iki kiza cataziriwe Holodomor n’abanya-Ukraine cahitanye abantu baharurwa mu miriyoni zitanu mbere muri ino ndwi muri Bulgaria caremejwe nk’ihonyabwoko.
Muri kino gihe cose c’intambara yo muri Ukraine, Putin abandanya ashaka kwerekana ko igitero c’Uburusiya ari urugamba rwo kurwanya Abanazi – avuga ko barongoye reta ya Kyiv.
Eka no mw’ijambo ryiwe ryose yagumye agaruka kuri iki kintu.
Ati: "Ubu, ikibabaje ni uko tubona ko amarangamutima y'Abanazi, asanzwe ameze nk'ayagezweho, mu buryo bwa none, yongeye guteza umutekano muke ku gihugu cacu.
"Rero ata guhagarika, dutegerezwa guhasha igitero c’urunani rw’Uburengero”.
Hagati aho, yemeje ko, mu gihe “bitumvikana ariko bikaba ari ukuri” ko Uburusiya busubiriye kugeramirwa n’ama-chars y’Ubudagi, Moscou ifise inyishu ku gihugu ico ari co cose coyitera ubwoba.
Berlin yaremeye kurungikira Ukraine ama-chars 14 yo mu bwoko bwa Leopard, ivyatumye ikompanyi y’Uburusiya Fores yiyemeza guhemba imiriyoni zitanu z’ama-roubles (amafaranga y’Uburusiya) ku musirikare wa mbere azosambura canke agafata imwe muri yo.
Mu yandi makuru, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko Uburusiya buriko bwitegura “kwihora” Uburengero kubera imfashanyo buha igihugu ciwe.
Ati: "Ubu Uburusiya buriko buregeranya ingabo zabwo. Twese turabizi. Buriko burategura kugerageza kwihora, atari kuri Ukraine gusa, ariko no ku Bulaya hamwe n’isi yose”.
Mw’ijambo yashikirije ari kumwe n’umukuru w’Ubumwe bwa Bulaya, Ursula von der Leyen, Perezida Zelensky yavuze ko Uburusiya "bubandanya bumenyera ibihano”, aca asaba uyu mutegetsi w’Ubumwe bwa Bulaya kwongereza ibihano ku butunzi bw’Uburusiya.
Mu rindi jambo yashikirije mu Gisabisho c’Igihugu muri Amerika aciye ku buhinga bwa videwo, Zelensky yashimiye Perezida Joe Biden wa Amerika ku mfashanyo yiwe, aca ashinga intego y’ingabo za Ukraine ko zitegerezwa gutsinda Uburusiya mu mwaka uza.
Ati: "Dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo umwaka uza - ku wa kane wa mbere wa Ruhuhuma (2) – tuzoshobore gusenga dushima ko twiganzuye ikibi”.